Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Timothy 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 But understand this: in the last days there will come times of difficulty. Umenye neza ibi: mu misi ya nyuma hazoba ibihe bigoye.
2 For people will be self-lovers, money-lovers, boastful, arrogant, abusive, disobedient to parents, ungrateful, unholy. Abantu bazokwikunda, bakunde amahera, birate ivyabo, buzure ubwishime. Bazotuka Imana bongere bagararize abavyeyi babo, babe intashima, ntibubahe ikintu na kimwe cejejwe.
3 Heartless, unforgiving, slanderous, without self-control, brutal, hating what is good, Urukundo rwabo ruzotimba, ntibazoshobora guharira, bazovuga nabi, bananirwe kuganza ingeso zabo, bazoba bateye ubwoba, banka iciza cose.
4 treacherous, reckless, swollen with conceit, lovers of pleasure rather than lovers of our Father. Bazoba buzuye ubuhemu, batazi kugenza buhoro, buzuye ukwishira hejuru, bakunda ibibanezereza bakabirutisha Imana.
5 They keep the shape of devotion to God but deny its power—turn from them. Bazoba bigira abagororotsi ariko bahakana aho ubushobozi bwo kugororoka buva. Uze wame witandukanye n’abantu nk’abo.
6 For among these are those who slip into homes and trap weak women weighed down with sins, driven by various desires. Bamwe muri bo banyengetera mu mazu bagahenda abagore b’abanyantegenke baremerewe n’ivyaha, baganzwa n’ivyipfuzo vyabo,
7 Always learning but never able to come to a knowledge of the truth. bama bakurikira inyigisho nshasha zose, ariko batigera bashika ku kumenya ukuri.
8 As Jannes and Jambres opposed Moses, these also oppose the truth—minds corrupted, disqualified regarding the faith. Nk’uko Yane na Yambure bagwanije Mose, ni ko n’abo bantu bagwanya ukuri. Ubwenge bwabo bwarononekaye, kandi mu kwizera kwabo barazimiye.
9 But they won't get far, for their foolishness will be clear to all, as with those two men. Ariko nta ho bazoshika, kuko nk’uko vyagenze kuri Yane na Yambure ubupfu bwabo umusi umwe buzoja ahabona.
10 You, however, have followed my teaching, conduct, purpose, faith, patience, love, endurance, Ariko wewe urazi ivyo nigisha n’ukuntu nigenza, n’igituma nkora ivyo nkora. Urazi ukwizera kwanje n’ukwihangana kwanje, urukundo rwanje n’ugushikama kwanje.
11 my persecutions and suffering—at Antioch, at Iconium, at Lystra, what persecutions I endured! Yet the Lord rescued me from them all. Urazi uguhamwa n’imibabaro naciyemwo. Urazi ingene nahamwe ndi muri Antiyokiya, Ikoniyo n’i Lusitira. Ariko aho hose Umwami Imana yagiye arankiza.
12 Indeed, all who desire to live a godly life in Christ Jesus will be persecuted, Mu vy’ukuri, umuntu wese ahisemwo kugira ubuzima bugororotse muri Kristo Yesu azotegerezwa guhamwa.
13 while evil people and impostors will go on from bad to worse, deceiving and being deceived. Ariko abanyakibi bazoshishikara kuja kure mu bibi vyabo. Bazokomeza kuzimira kandi bazozimiza benshi.
14 But you—stay with what you learned and became convinced of, knowing from whom you learned it, Ariko weho, wumire ku vyo wigishijwe ukavyakira. Urazi ko ari ivy’ukuri, kandi urazi uwabikwigishije.
15 and that from infancy you have known the sacred writings, able to make you wise for salvation through faith in Christ Jesus. Kandi kuva mu bwana bwawe, waramenye Ivyanditswe Vyera, na vyo biguha kugira ubwenge bwo kwakira agakiza kabonerwa mu kwizera Kristo Yesu.
16 All Scripture is breathed out by our Father—useful for teaching, exposing wrong, correcting, and training in right living, Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana kandi bifise akamaro ko kwigisha ukuri, kwiyamiriza ibibi, gukebura no gutoza indero nziza mu bugororotsi,
17 so that the person of our Father may be complete, equipped for every good work. kugira ngo umuntu w’Imana atunganywe rwose, agire ibikwiye ku bw’igikorwa ciza cose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]