Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Timothy 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I solemnly charge you before our Father and Christ Jesus, who will judge the living and the dead, by his appearing and his kingdom: Ndakwingingiye mu nyonga z’Imana n’imbere ya Kristo Yesu, azocira urubanza abazima n’abapfuye aho azozira kwima ku ngoma yiwe:
2 Preach the word; stand ready in season and out; correct, rebuke, and encourage, with complete patience and teaching. wigishe Ijambo ry’Imana. Wame witeguye mu gihe kibereye n’ikitabereye; wemeze abantu ukuri, wihanize abari mu bibi, ubatere intege mu kubigisha neza, ugire ukwihangana kwinshi.
3 For a time will come when they won't tolerate sound teaching, but will pile up teachers to fit their own desires, since their ears itch, Kuko mu gihe kigiye kuza abantu ntibazoba bacemera inyigisho z’ukuri. Ahubwo bazokwirundaniriza abigisha bababwira ivyo amatwi yabo yipfuza kwumva gusa.
4 and will turn their ears away from the truth and wander off into myths. Bazokwanka kwumva ukuri, bahindukirire imigani.
5 But you: stay clear-headed in everything, endure hardship, do an evangelist's work, fulfill your service. Ariko weho, ugire ubwenge mu bihe vyose, wihanganire ibikubabaza, ukore igikorwa c’umuvuzi w’Ubutumwa Bwiza, ushitse igikorwa cose Imana yaguhamagariye.
6 For I am already being poured out like a drink offering; my time to depart has come. Nayo jewe, ndi hafi yo gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’ishikanwa ry’ikinyobwa; igihe canje co kugenda kiri hafi.
7 I have fought the good fight, I have finished the race, I have kept the faith. Nagwanye intambara nziza, ndarangije urugendo, nazigamye ukwizera.
8 Now a crown of righteousness awaits me, which the Lord, the righteous judge, will give me on that day—not only to me but to all who have loved his appearing. Ubu ndindiriye urugori rwo kugororoka, urwo Umwami Imana, we mucamanza agororotse, azompa kuri urya musi. Kandi ntazoruha jewe jenyene, azoruha n’abarindiranye igishika uguhishurwa kwiwe.
9 Do your best to come to me soon. Gerageza uzoze kundaba vuba,
10 Demas loved this present world, abandoned me, went to Thessalonica. Crescens went to Galatia, Titus to Dalmatia. kuko Dema yarantaye aja i Tesalonike, kuko akunze ivy’iyi si. Kiresensi yagiye i Galatiya, Tito na we yagiye i Dalumatiya.
11 Only Luke is with me. Pick up Mark and bring him with you—he's useful to me for service. Luka wenyene ni we turi kumwe. Uzohitane Mariko muzanane, kuko yambereye uw’ikimazi kinini mu gikorwa canje.
12 I have sent Tychicus to Ephesus. Tukiko namurungitse muri Efeso.
13 When you come, bring the coat I left with Carpus at Troas, and the scrolls, especially the parchments. Niwaza uzonzanire ikoti y’imbeho nasize kwa Karupo i Tirowa, n’ibitabu vyanje, na canecane ivy’imizingo.
14 Alexander the coppersmith did me great harm; the Lord will repay him according to his deeds. Alegizandere umucuzi yarambabaje cane. Umwami Imana amwishure ibihwanye n’ivyo yankoreye.
15 Watch out for him yourself, for he strongly opposed our message. Kandi na wewe umwirinde kuko yaragwanije cane ivyo twigisha.
16 No one stood with me at my first defense—all abandoned me. May it not be charged against them. Igihe naja kuburana ubwa mbere, nta n’umwe yanshigikiye, bose barantaye. Ntibaze babiharurweko.
17 But the Lord stood with me and strengthened me, so through me the message would be fully proclaimed and all nations would hear it. I was rescued from the lion's mouth. Ariko Umwami Imana yabaye ku ruhande rwanje, ampa inkomezi, kugira ngo mvuge Ubutumwa Bwiza bwuzuye, Abanyamahanga bose babwumve. Kandi Umwami Imana yankuye mu menyo y’intambwe.
18 The Lord will rescue me from every evil deed and carry me safely into his heavenly kingdom. Glory to him forever and ever. Amen. Umwami Imana azonkiza ibitero vy’umwansi vyose, kandi azontahukana amahoro mu bwami bwiwe bwo mw’ijuru. Icubahiro kibe iciwe ibihe vyose, Amen.
19 Greet Prisca and Aquila, and the household of Onesiphorus. Untahirize Pirisila na Akwilasi, n’abo mu muryango wa Onesiforo.
20 Erastus stayed at Corinth, and I left Trophimus, who was ill, at Miletus. Erasito yasigaye i Korinto, kandi nasize Tirofimo agwariye i Mileto.
21 Try hard to come before winter. Eubulus, Pudens, Linus, Claudia, and all the brothers and sisters greet you. Wigore uzoshike hano imbere y’igihe c’imbeho nyinshi cane. Yeburusi, Pudensi, Linusi, Korodiya hamwe n’abandi bene Data bose barabaramutsa.
22 The Lord be with your spirit. Grace be with you all. Umwami Imana abane n’impwemu yawe, kandi ubuntu bwiwe bubane namwe mwese.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]