Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Timothy 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The Holy Spirit clearly says: in later times some will abandon the faith, giving attention to deceiving spirits and teachings of demons, Mpwemu Yera abivuga atomoye ko mu misi yo mw’iherezo ry’ibihe abantu bamwe bazova mu kwizera kwabo bakurikire impwemu zibesha n’inyigisho ziva ku badayimoni.
2 through the hypocrisy of liars whose own consciences have been seared as with a branding iron. Izo nyigisho zizoba zitangwa n’ababeshi bakaba n’indyarya, agatimanama kabo kamaze gupfa.
3 They forbid marriage and demand abstaining from foods our Father made to be received with thanks by believers who know the truth. Bazoba babuza abantu kurongora, no kutarya imfungurwa zimwezimwe, izo Imana yaremye kugira ngo abizeye bakamenya ukuri bazifungure bashima.
4 For everything our Father made is good; nothing is to be rejected when received with thanks, Kubera ko ivyo Imana yaremye vyose ari vyiza ata gikwiye gutabwa, ahubo dukwiye kuvyakira dushima,
5 for it is made holy by the word of our Father and by prayer. kuko tuzi ko vyezwa n’ijambo ry’Imana n’amasengesho.
6 Point these things out to the brothers and sisters, and you'll be a good servant of Christ Jesus, nourished on the words of the faith and the good teaching you've followed. Ivyo niwabishikiriza bene Data, uzoba uri umukozi mwiza wa Kristo Yesu, yagaburiwe ubutumwa bw’ukwizera yakira n’inyigisho nziza.
7 Have nothing to do with irreverent, silly myths. Instead, train yourself to be godly. Wirinde impari ziva ku kutubaha Imana hamwe n’imigani y’abakecuru. Ahubwo wimenyereze kwubaha Imana.
8 Physical training helps a little, but devotion to God helps in every way—promising life now and the life to come. Ukwimenyereza kw’umubiri ni kwiza, ariko ukwimenyereza kwubaha Imana ni kwiza gusumba, kugira ikimazi muri ubu buzima no mu buzoza.
9 This is a trustworthy saying that deserves full acceptance. Iri jambo ni iry’ukuri, kandi ni iryo kwizigirwa.
10 For this we labor and strive, because we have hoped in the living Father, Savior of all people, especially believers. Igituma dukora tukaruha, ni uko twizera Imana nzima, yo Mukiza w’abantu bose, na canecane w’abizera.
11 Command and teach these things. Uze wame wigisha ivyo.
12 Let no one despise you for your youth, but be an example to believers in speech, conduct, love, faith, and purity. Ntihagire uwukugaya kubera ukiri muto, ahubwo ubere akarorero abizera: mu mvugo, mu buryo ubayeho, mu rukundo, mu kwizera, no mu kwezwa.
13 Until I come, devote yourself to the public reading of Scripture, to preaching, and to teaching. Mu kurindira ko ndagushikira, witange mu gusomera abantu Ivyanditswe, kuvuga Ubutumwa Bwiza no kwigisha.
14 Don't neglect the gift in you, given through prophecy, with the elders' hands laid on you. Ntufate minenegwe ingabire yawe, iyo wahawe biciye mu kuvugishwa, igihe warambikwako ibiganza n’abarongozi b’Ishengero.
15 Practice these things and give yourself fully to them, so that everyone may see your progress. Ugire umwete muri ivyo. Witangire igikorwa cawe n’umutima wawe wose, ni ho bose bazobona ugutera imbere kwawe.
16 Watch yourself and your teaching closely. Continue in this, for doing so will save both you and your hearers. Wame wiyubara ku buzima bwawe, no ku vyo wigisha. Ubigiremwo umwete, ni ho uzokiza ubuzima bwawe n’ubw’abakwumva.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]