Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Timothy 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Here is a trustworthy saying: whoever aspires to be an overseer desires a noble work. Iri jambo ni iryo kwizerwa: “Umuntu niyagomba kuba umurongozi w’Ishengero, azoba yipfuje igikorwa ciza.”
2 So an overseer must be blameless: faithful to his wife, level-headed, disciplined, orderly, hospitable, able to teach. Umurongozi akwiye kuba inyankamugayo, umugabo afise umugore umwe, atekereje, aganza ingeso ziwe, yubahwa, yakira abantu, kandi ashoboye kwigisha,
3 Not a drunkard, not violent but gentle, not quarrelsome, and not a lover of money. atari imborerwa kandi adasinda, ariko afise ubugwaneza, adatera ibihari, kandi adakunda amahera.
4 He must manage his own household well, keeping his children submissive with all dignity, Ategerezwa kuba uwushobora gutunganya urugo rwiwe, abana biwe bakamugamburukira kandi bakamusonera.
5 for if someone doesn't know how to manage his own household, how will he care for our Father's church? (Kuko uwudashoboye gutunganya urugo rwiwe, mbega yoshobora gutunganya Ishengero ry’Imana gute?)
6 He must not be a new convert, or he may be puffed up and fall under the same condemnation as the devil. Ategerezwa kuba atari umwana mu kwizera, ahandi ho yohava agwa mu caha c’ukwishira hejuru, akazocirirwa urubanza rumwe na Satani.
7 He must also have a good reputation with outsiders, so he doesn't fall into disgrace and the devil's trap. Ategerezwa kandi kuba avugwa neza n’abo hanze, kugira ngo ntagwe mu mugayo no mu mutego wa Satani.
8 Deacons too must be dignified, not two-faced, not given to much wine, not greedy for shameful gain. N’abadiyakoni na bo ni uko nyene, bategerezwa kuba ari abantu bubashwe, b’imvugakuri, batavuga bongera bivuguruza, bataborerwa, kandi batirukira inyungu mbi.
9 They must hold to the mystery of the faith with a clear conscience. Bategerezwa kandi kuba bazigamye neza ukuri kw’ukwizera, badafise ijwi ribagiriza mu mitima.
10 They too must first be tested; then, if they prove blameless, let them serve as deacons. Bategerezwa kandi kubanza gusuzumwa, basanzwe ata mugayo, baheze bashirwe muri ico gikorwa c’ubudiyakoni.
11 The women likewise must be worthy of respect, not slanderers, but clear-minded and faithful in everything. Abagore na bo nyene bategerezwa kuba ari abagore bubashwe, batavuga nabi abandi. Bategerezwa kuganza ingeso zabo kandi bakaba abizigirwa muri vyose.
12 A deacon must be faithful to his wife and must manage his children and his household well. Umudiyakoni ategerezwa kuba umugabo afise umugore umwe, kandi ashoboye gutunganya abana biwe n’urugo rwiwe.
13 Deacons who serve well earn themselves a good standing and great confidence in faith in Christ Jesus. Abadiyakoni bazoba bakoze neza ibikorwa vyabo bazohabwa icubahiro, bazogira ugushira amanga mu kwizera bafise muri Kristo Yesu.
14 I am writing these instructions to you, though I hope to come to you soon. Naho nizeye ko ndi mukuza kukuraba vuba, ivyo ndabikwandikiye kugira ngo,
15 But if I'm delayed, you will know how one ought to behave in our Father's household, the church of the living Father, pillar and foundation of the truth. bishitse ngateba, abantu babe baramenya uko bakwiye kwigenza mu nzu y’Imana, aho Ishengero ry’Imana nzima rikoranira. Ni ryo nkingi n’urufatiro bishigikiye ukuri.
16 Undeniably, the mystery of devotion to God is great: he appeared in flesh, was proved right by the Holy Spirit, seen by angels, proclaimed among nations, believed in throughout the world, taken up in glory. Ikirengeye ibintu vyose, umuntu yokwibaza, n’uko ibanga ry’ukwizera kwacu rihambaye cane: Kristo yabonetse afise umubiri w’umuntu, yemezwa na Mpwemu Yera kw’ari intungane, abonwa n’abamarayika, amenyekanishwa mu mahanga yose, yizerwa n’abo mw’isi, maze aduzwa mu bwiza bwo mw’ijuru.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]