Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Timothy 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 First of all, then, I urge that petitions, prayers, intercessions, and thanksgivings be offered for all people, Ndakugira inama rero, imbere ya vyose, gusabira abantu bose, kubasengera, kubigingira wongera ushimira Imana ku bwa bo.
2 for kings and all in authority, so we may live peaceful, quiet lives in full godliness and dignity. Usengere abami n’abari mu bibanza vyo gutegeka bose kugira ngo tubeho mu mahoro, dutekaniwe, mu kwubaha Imana kwose, no mu kutagira umugayo muri vyose.
3 This is good and pleasing to our Father, our Savior, Ibi ni vyo vyiza bishimisha Imana umukiza wacu,
4 who wants all people to be saved and to come to know the truth. kuko ishaka ko abantu bose bakizwa bagashika ku kumenya ukuri.
5 For there is one Father, and one mediator between the Father and humanity, the man Christ Jesus, Kuko hari Imana imwe, hakaba n’umuhuza umwe hagati y’Imana n’abantu, uwo na we ni umuntu, Kristo Yesu.
6 who gave himself as a ransom for all—the testimony given at the proper time. Yatanze ubuzima bwiwe nk’incungu ku bantu bose. Ubu ni bwo butumwa Imana yatanze igihe cayo kigeze.
7 For this I was made a preacher and apostle—I'm telling the truth, not lying—a teacher of the nations in faith and truth. Ni co gituma natowe nk’umuvuzi w’ubwo Butumwa nkongera nkaba intumwa, kugira ngo nigishe Abanyamahanga ivy’ukwizera n’ivy’ukuri. Mvuze ukuri sindengeje urugero.
8 I want the men in every place to pray, lifting up holy hands without anger or argument. Abantu hose, nshaka ko abagabo baho basenga badugije ibiganza vyera, bataratse, kandi batagira ibihari.
9 Likewise, women should dress properly, with modesty and self-control, not in braided hair, gold, pearls, or costly clothing, N’abagore na bo ndashaka ko bambara mu buryo bubereye. Bambare bikwize kandi baberwe, ariko ntibarondere kwiyerekana bafatiye ku kugene bakora imishatsi, kwambara inzahabu, amabuye y’agaciro canke impuzu z’igiciro kinini.
10 but with good works, as is right for women who profess reverence for our Father. Ariko bashazishe ibikorwa vyiza, kuko ni vyo bibereye abagore bavuga ko bubaha Imana.
11 A woman should learn quietly, in full submission. Abagore baze bige banumye, kandi berekana ukwubaha gukwiye.
12 I don't allow a woman to teach or have authority over a man; instead, she should stay quiet. Singomba ko abagore bigisha abagabo canke ngo babagirako ububasha. Nibumvirize banumye.
13 For Adam was formed first, then Eve. Kuko Adamu ari we yaremwe ubwa mbere, hanyuma haremwa Eva.
14 And Adam was not deceived, but the woman was deceived and became a transgressor. Kandi Adamu si we yahenzwe, umugore ni we yahenzwe, aca agwa mu caha.
15 But she will be saved through childbearing, if they remain in faith, love, holiness, with self-control. Ariko abagore bazokirizwa mu kuvyara kwabo, nibaguma mu kwizera, mu rukundo, mu kwubaha Imana no mu kwicisha bugufi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]