Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Timothy 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, an apostle of Christ Jesus by command of our Father, our Savior, and of Christ Jesus our hope, Jewe Pawulo, intumwa ya Kristo Yesu ku bw’ugushaka kw’Imana yo Mukiza wacu, na Kristo Yesu we vyizigiro vyacu,
2 to Timothy, my true child in the faith: grace, mercy, peace from our Father and Christ Jesus our Lord. Ndakwandikiye Timoteyo umwana wanje vy’ukuri mu kwizera: Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data wa twese, no ku Mwami wacu Kristo Yesu bibane na we.
3 As I urged you when leaving for Macedonia, stay in Ephesus to instruct some people not to teach different doctrine, Igihe naja i Makedoniya nagusavye ko woguma muri Efeso kugira ngo uteshe abigisha inyigisho z’ibinyoma ntibasubire kuzigisha,
4 nor devote themselves to myths and endless genealogies, which breed speculations instead of our Father's stewardship through faith. canke ngo bateshe umwanya abantu mu vy’imigani myinshi n’urukurikirane rudahera rwa ba sekuruza. Ivyo bizana impari, aho gufasha mu gikorwa c’Imana co gukiza, twamenye biciye mu kwizera.
5 The goal of this command is love from a pure heart, good conscience, and sincere faith. Intumbero y’inyigisho ni ukugira ngo abizera buzure urukundo ruva mu mitima itunganye, itarimwo ijwi ribagiriza ikibi, bafise ukwizera kuzima.
6 Some have wandered away from these and turned aside to meaningless talk, Ivyo bamwe barabihushije, baja mu mpari zitagira ikimazi.
7 wanting to be teachers of the law, without understanding either what they say or what they insist on so confidently. Bagomba kwigira abigisha bubashwe b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga naho babikora bashize amanga rwose.
8 Now we know that the law is good, as long as it is used lawfully, Turazi ko ivyagezwe ari vyiza iyo umuntu abikoresheje neza.
9 knowing this: the law isn't laid down for the righteous but for the lawless and rebellious, the wicked and sinful, the unholy and irreverent, for those who strike their fathers and mothers, for murderers, Kandi turazi ko ivyagezwe bitashiriweho abagororotsi, ariko vyashiriweho abarenga amategeko, abagarariji, abatubaha Imana n’abanyavyaha, abiyanduza n’abadasonera ivy’Imana canke ivyejejwe, abica ba se canke ba nyina, abicanyi muri rusangi,
10 sexual sinners, men who sleep with men, slave traders, liars, perjurers, and whatever else opposes sound teaching, abasambanyi b’uburyo bwose, abasambana n’abafise ibitsina bisa n’ivyabo, abadandaza abagurano, ababeshi, abarahira nabi, canke abakora ibindi vyose bidahwanye n’inyigisho z’ukuri
11 in keeping with the glorious gospel of our blessed Father, with which I have been entrusted. ziri mu Butumwa Bwiza buvuga ubwiza bw’Imana ibereye guhezagirwa, ubwo najejwe.
12 I thank Christ Jesus our Lord, who strengthened me, since he considered me faithful, appointing me to his service. Ndashimira Umwami wacu Kristo Yesu, we yampaye inkomezi zo gukora igikorwa ciwe, kandi ko yabonye ko ndi uwo kwizigirwa, akanzeza ibikorwa vyiwe.
13 I once insulted God, persecuted others, and was violent—yet I was shown mercy, since I acted ignorantly, lacking faith. Naho nabanje kumutuka, ngahama Ishengero ryiwe, nkaba inkozi y’ikibi, naragiriwe imbabazi kuko nabikora mu kutamenya, kubwo kutizera.
14 Our Lord's grace overflowed for me, with faith and love in Christ Jesus. Ubuntu bw’Umwami wacu bwansutsweko bugwiriye, nuzura ukwizera n’urukundo biri muri Kristo Yesu.
15 A trustworthy saying worthy of full acceptance: Christ Jesus came into the world to save sinners—I am the worst of them. Iri jambo ni iryo kwizigirwa, rikwiye kwakirwa n’abantu bose, rivuga ngo: Kristo Yesu yazanywe kw’isi no gukiza abanyavyaha, kandi muri abo mboneka ndi mubi kurusha bose.
16 But I was shown mercy for this: in me, the worst of sinners, Christ Jesus could display his complete patience, as a pattern for those who would believe in him for eternal life. Ariko Imana yangiriye ubuntu kugira ngo kuri jewe, umunyavyaha arusha abandi bose ububi, Kristo Yesu anyerekanireko ukwihangana kwiwe kutagira iherezo, kugira ngo bibere akarorero abandi bose ko bashobora kumwizera bakaronka ubuzima budahera.
17 To the King of the ages, immortal, invisible, the only God, be honor and glory forever and ever. Amen. Icubahiro n’ubwiza bibe ivy’Imana ihoraho, Umwami ahoraho, adapfa, ataboneka, we Mana imwe yonyene, ibihe bidashira. Amen.
18 Timothy, my child, I entrust you with this charge, matching the prophecies once spoken over you, so that by them you may fight the good fight, Timoteyo, mwana wanje, izi ni zo mpanuro ndaguhaye, mfatiye ku majambo yigeze kukuvugishwako, kugira ngo niwazikurikiza uze ugwane intambara nziza,
19 holding on to faith and a good conscience. By rejecting these, some have shipwrecked their faith, uzigamye neza ukwizera, ata jwi rikwagiriza mu mutima. Kuko bamwe baritaye n’ibigirankana, ukwizera kwabo kuba imburakimazi kumera nk’ubwato busavye.
20 including Hymenaeus and Alexander, whom I handed to Satan to be taught not to insult God. Bamwe muri abo ni Humenayo na Alegizandere, abo nahaye Satani kugira ngo bibigishe kutongera gutuka Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]