Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now the Philistines gathered all their forces at Aphek, while Israel camped by the spring in Jezreel. Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo zose i Afeki, Abisirayeli na bo bacumbika ku mugezi w’i Yezireyeli.
2 As the Philistine rulers marched out by hundreds and thousands, David and his men marched at the rear with Achish. Maze abakuru b’ingabo z’Abafilisitiya barongoye imice y’amajana n’ibihumbi, hamwe na Dawidi n’abantu biwe bagendera inyuma bari kumwe na Akishi.
3 The Philistine commanders asked, "What are these Hebrews doing here?" Achish told them, "This is David, servant of Saul king of Israel. He's been with me these days—no, these years—and from the day he deserted to me until now I've found no fault in him." Abakuru b’ingabo barabaza bati: “Ivy’aba Baheburayo bimeze gute?” Akishi arabishura ati: “Uwu si Dawidi yahora ari umwe mu bakuru b’ingabo kwa Sawuli umwami w’Abisirayeli? Amaze umwaka urenga ari kumwe nanje, kandi kuva ava kwa Sawuli gushika uwu musi nta co ndamugaya.”
4 But the Philistine commanders were angry with him and said, "Send the man back to the place you gave him. He must not go into battle with us, or he may turn against us during the fighting. How better could he win back his master's favor than with the heads of our own men? Ariko ba bakuru b’Abafilisitiya baramushavurira baramubwira bati: “Subiza uwo mugabo inyuma, asubire mu kibanza yagenewe. Ntashobora kujana natwe mu ntambara, yohava aduhindukirira, akatugwanya. Hari ubundi buryo yokwiyuzuza na shebuja atari uguca imitwe izi ngabo zacu?
5 Isn't this the David they sang of in their dances: 'Saul struck down his thousands, David his tens of thousands'?" Uwo si Dawidi umwe bavyinira batamba ngo: ‘Sawuli yishe ibihumbi vyiwe, ariko Dawidi we yishe ibihumbi vyiwe incuro cumi’?”
6 So Achish called David and said, "As the LORD lives, you are honest, and I'd be glad to have you march out and in with me in the camp. I've found no fault in you since the day you came to me until now. But the rulers don't approve of you. Maze Akishi ahamagara Dawidi aramubwira ati: “Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, wabaye umwizigirwa, kandi vyari bimpimbaye ko ujana nanje mu rugamba. Kuva ku musi waziye iwanje gushika uwu musi, nta kibi nakubonyeko, ariko abatware ntibakwemera.
7 Now turn back and go in peace, so that you do nothing to displease the Philistine rulers." Isubirire inyuma mu mahoro; ntihagire ico ukora coshavuza abakuru b’Abafilisitiya.”
8 "But what have I done?" David protested. "What have you found against your servant since I came to you until now, that I should not go fight the enemies of my lord the king?" Dawidi aramubaza ati: “Nakoze iki? Ni igiki wabonye wokwagiriza umusavyi wawe kuva ku musi naziyeko iwawe gushika ubu? Ni iki combuza kuja kugwanya abansi ba databuja umwami?”
9 Achish told David, "I know that to me you're as good as an angel of God. Still, the Philistine commanders have said, 'He must not go up with us into battle.' Akishi aramwishura ati: “Ndazi ko wamye unezera nka marayika w’Imana; ariko abakuru b’ingabo bavuze bati: ‘Ntajane natwe ku rugamba.’
10 So get up early in the morning, you and your master's servants who came with you; get up early and leave when it's light." Nuko uze uvyuke kare, hamwe n’ingabo zawe mwazananye, mugende hakiri kare.”
11 So David and his men rose early to head back to Philistia at daybreak, while the Philistines went up to Jezreel. Nuko Dawidi n’abantu biwe bavyuka kare mu gitondo basubira mu gihugu c’Abafilisitiya, Abafilisitiya na bo baraduga baja i Yezireyeli.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]