Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 30 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 David and his men reached Ziklag on the third day; Amalekites had raided the Negev and Ziklag, attacked and burned it, Dawidi n’ingabo ziwe bashika i Zikulagi ku musi ugira gatatu. Kandi Abamaleki bari bateye i Negebu n’i Zikulagi; i Zikulagi barahaturira,
2 and captured the women and everyone there, young and old; killed no one, but drove them off and went their way. batwara nk’inyagano abagore n’abandi bantu bose bari kumwe na bo, abato n’abakuze. Ntibishe n’umwe, ariko babajanye bose iyo bariko baraja.
3 David and his men reached the city, burned with fire—wives, sons, daughters taken captive. Dawidi n’abo bari kumwe bashika i Zikulagi, basanga hatongowe n’umuriro, abagore, abana babo b’abahungu n’abakobwa bajanywe nk’inyagano.
4 David and his people raised their voices and wept until they had no strength left to weep. Nuko Dawidi n’abo bari kumwe bararira cane gushika aho batakironka n’inkomezi zo kurira.
5 David's two wives were also captured, Ahinoam of Jezreel and Abigail, widow of Nabal of Carmel. Abagore ba Dawidi babiri, Ahinowamu w’i Yezireyeli na Abigayili umupfakazi wa Nabali w’i Karumeli, na bo nyene bari mu batwawe.
6 David was greatly distressed—the people talked of stoning him, each bitter over his sons and daughters—but he strengthened himself in our Father. Dawidi aja mu kaga gakomeye, kuko abantu bari bababajwe cane no kubura abahungu babo n’abakobwa babo, hanyuma batangura kuvugana ko bomwicisha amabuye. Ariko Dawidi aremeshwa n’inkomezi ziva k’Uhoraho Imana yiwe.
7 David told Abiathar the priest, Ahimelech's son, "Bring me the ephod." Abiathar brought David the ephod. Maze Dawidi abwira Abiyatari umuherezi, mwene Ahimeleki ati: “Nzanira efodi.” Abiyatari arayimuzanira,
8 David asked our Father, "Will I chase these raiders? Will I overtake them?" "Chase," he said. "You will surely overtake them and rescue everyone." maze Dawidi asiguza Uhoraho ati: “Nkurikire aba baduteye? Mbega noba nkibahamvya?” Uhoraho aramwishura ati: “Bakurikire. Kandi uraza kubahamvya ugarure n’ivyo banyaze vyose.”
9 So David and his 600 men came to the Besor Valley, where some stayed behind. Dawidi na ba bantu amajana atandatu bari kumwe na we baragenda bashika ku ruzi rw’i Besori, bamwe basigaraho,
10 David pursued with 400 men; 200 stayed back, too worn out to cross the Besor Valley. kuko abashika amajana abiri bari barushe cane bibananira kujabuka urwo ruzi. Ariko Dawidi n’abandi amajana ane babandanya babakurikira.
11 They found an Egyptian in the fields, brought him to David, and gave him bread and water. Babonye Umunyegiputa mu mirima bamuzanira Dawidi. Bamuha amazi yo kunywa n’ivyokurya
12 They gave him a piece of fig cake and two clusters of raisins. He ate, and his strength returned—he'd had no bread or water for three days and three nights. igice c’umukate ukozwe mu nsukoni n’udukate tubiri ducumvye mu nzabibu. Ararya asubiramwo intege, kuko yari amaze imisi itatu n’amajoro atatu ata co arya canke anywa.
13 David asked, "Whose are you? Where from?" He said, "A young Egyptian, an Amalekite's slave. My master abandoned me three days ago—I was sick. Dawidi aramubaza ati: “Uri uwo kwa nde, kandi uva hehe?” Aramwishura ati: “Ndi Umunyegiputa, umugurano w’Abamaleki. Databuja yantaye ngaha kubera ngwaye haciye imisi itatu.
14 We raided the Cherethite Negev, Judah's territory, and Caleb's Negev, and burned Ziklag with fire." Twateye i Negebu h’Abakereti no mu ntara ya Yuda n’i Negebu kwa Kalebu, duturira n’i Zikulagi.”
15 David asked, "Will you lead me down to this raiding band?" He said, "Swear to me by God you won't kill me or hand me to my master, and I'll bring you to them." Dawidi aramubaza ati: “Woshobora kunjana aho abo bateye bari?” Aramwishura ati: “Ndahira imbere y’Imana ko utanyica canke ngo untange mu maboko ya databuja, nca ndakumanukana iyo bari.”
16 The Egyptian led David down, and there they were, spread out over the land, eating, drinking, celebrating over the vast plunder taken from Philistine and Judean land. Nuko amanukana Dawidi, asanga basanzaye ku misozi y’ico gihugu, bariko bararya banywa, bagira umusi mukuru kubera ibintu vyinshi banyaze mu gihugu c’Abafilisitiya n’i Buyuda.
17 David struck them from twilight to the next evening; only 400 young men who rode off on camels escaped. Dawidi n’abantu biwe barabahwikira, babinjiramwo barabagwanya kuva iryo joro ryose kugeza ku mugoroba w’umusi ukurikira, arabanesha kandi nta n’umwe yashoboye gucika ngo ahunge, atari abasore amajana ane basimbiye ku ngamiya bariruka barahunga.
18 David recovered everything the Amalekites had taken, and he rescued his two wives. Dawidi agarura ivyo Abamaleki bari banyaze vyose, harimwo na ba bagore biwe babiri.
19 Nothing was missing—small, great, sons, daughters, plunder, or anything else taken—all David brought back. Nta na kimwe cari kibuzemwo: abakiri bato n’abakuze, abahungu n’abakobwa, n’ivyanyazwe vyose vyari bikwiye. Dawidi arabigarukana vyose.
20 David took all the flock and herd; his men drove it ahead of the other livestock, saying, "This is David's plunder." Ajana amasho n’imikuku, maze abantu biwe babishira imbere y’ibindi bitungwa bagenda bavuga bati: “Ibi ni ivyo Dawidi yanyaze.”
21 David reached the 200 men too exhausted to follow him, left at the Besor Valley. They came out to meet David and his people; he greeted them as he approached. Nuko Dawidi ashikira ba bandi amajana abiri bari barushe basigaye inyuma mu Kiyaya ca Besori. Baza gusanganira Dawidi n’abari kumwe na we bose, Dawidi na we arabaramutsa anezerewe, ababaza ingene bamerewe.
22 But all the wicked, worthless men among David's followers said, "Since they didn't go with us, we won't give them any recovered plunder—only each man's wife and children, to lead away and go." Ariko abantu babi n’abansi b’amahoro bari mu bajanye na Dawidi baravuga bati: “Ko batajanye natwe ku rugamba, ntitwemera kugabura na bo ivyo twanyaze. Ariko umuntu wese ahitane umugore wiwe n’abana biwe ace agenda.”
23 But David said, "Don't do this, my brothers, with what our Father gave us. He guarded us and gave the raiders who came against us into our hands. Dawidi arabishura ati: “Oyaye, bavukanyi, ntimukore uko ku vyo Uhoraho yaduhaye. Yaturinze yongera agabura mu maboko abari baje kudutera.
24 Who would listen to you on this? The one who goes into battle and the one who stays with the supplies share alike." Ni nde yobashigikira muvuze ibintu nk’ivyo? Umugabane w’uwasigaranye ibintu ni umwe n’uw’uwagiye ku rugamba. Imigabane yabo irangana.”
25 From that day on, David made it a statute and ordinance for Israel, lasting to this day. Maze Dawidi abigira itegeko mu Bisirayeli kuva uwo musi gushika n’ubu.
26 When David reached Ziklag, he sent plunder to Judah's elders, his friends, saying, "A gift for you from the plunder of our Father's enemies." Dawidi ashitse i Zikulagi, arungikira abakuru b’i Buyuda, bari basanzwe ari abagenzi biwe, ababwira ati: “Iyi ni ingabire ivuye mu vyo twanyaze abansi b’Uhoraho.”
27 He sent it to those in Bethel, in Ramoth of the Negev, and in Jattir; Arungikira n’ab’i Beteli, Rama Negebu n’i Yatiri;
28 to those in Aroer, Siphmoth, and Eshtemoa; abo muri Aroweri, Sifumoti, Eshitemowa
29 to those in Rachal, in the towns of the Jerahmeelites and the Kenites; n’i Rakali; abo mu bisagara vy’Abayerahimeyeli n’Abakayini;
30 to those in Hormah, Bor-ashan, and Athach; ab’i Horuma, n’i Bori Ashani, Ataki
31 and to those in Hebron and all the places where David and his men had roamed. n’i Heburoni; no mu tundi turere twose Dawidi n’abari kumwe na we bari baraciyemwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]