Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 31 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The Philistines fought Israel; Israel's men fled them and fell dead on Mount Gilboa. Maze Abafilisitiya bagwanya Abisirayeli; Abisirayeli barata barahunga, kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa.
2 The Philistines overtook Saul and his sons, and the Philistines struck down Jonathan, Abinadab, and Malchishua, sons of Saul. Abafilisitiya babirukako basugereza Sawuli n’abahungu biwe, bica abahungu biwe Yonatani, Abinadabu na Maluki-Shuwa.
3 The battle pressed heavily against Saul. The archers found him, and he was badly wounded by them. Maze Sawuli urugamba rumumerera nabi cane, abanyamiheto baramurasa, arakomereka bikomeye.
4 Saul told his armor-bearer, "Draw your sword and run me through, or these uncircumcised men will come, run me through, and torment me." His armor-bearer refused—he was terrified. So Saul took his own sword and fell on it. Sawuli abwira uwari amutwaje ibigwanisho ati: “Sokora inkota yawe unsogote, kugira ngo izo ntakebwa ntizimfate ngo zinsogote, zinyice nabi.” Ariko uwamutwaza ibigwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota yiwe ayisukako.
5 When his armor-bearer saw Saul was dead, he too fell on his sword and died with him. Umwe yamutwaza ibigwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene yisuka ku nkota yiwe bagwa hamwe.
6 So Saul died that day, together with his three sons, his armor-bearer, and all his men. Nuko Sawuli n’abahungu biwe batatu n’uwamutwaza ibigwanisho hamwe n’abantu biwe bapfira hamwe bose kuri uwo musi nyene.
7 When Israel's men across the valley and across the Jordan saw that Israel's army had fled and Saul and his sons were dead, they abandoned their towns and fled. The Philistines came and settled in them. Abisirayeli bari mu kiyaya n’abari hakurya ya Yorodani babonye ko ingabo z’Abisirayeli zihunze kandi ko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Maze Abafilisitiya baraza babibamwo.
8 The next day, Philistines came to strip the dead and found Saul and his three sons fallen on Mount Gilboa. Bukeye, Abafilisitiya baja aho urugamba rwabereye kwambura abapfuye ibigwanisho n’ibintu vyabo vy’agaciro, basanga Sawuli n’abahungu biwe batatu baguye ku musozi Gilibowa.
9 They cut off his head, stripped his armor, and sent messengers through Philistia to report it at their idols' temples and among the people. Bamuca umutwe, bamwambura n’ibigwanisho vyiwe, baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya ngo bakwize iyo nkuru mu ngoro z’ibigirwamana vyabo no mu bantu.
10 They set his armor in Ashtoreth's temple and fastened his body to Beth-shan's wall. Baca bashira ibigwanisho vyiwe mu ngoro y’imanakazi Ashitaroti, babohera umuvyimba wiwe ku ruhome rw’i Beti-Shani.
11 When the inhabitants of Jabesh-gilead heard what the Philistines had done to Saul, Maze abantu b’i Yabeshi Gileyadi bumvise ivyo Abafilisitiya bakoreye Sawuli,
12 all their fighting men marched through the night, took Saul's body and his sons' bodies from Beth-shan's wall, brought them to Jabesh, and burned them there. abagabo bose b’abahizi bagenda ijoro ryose baja i Beti-Shani. Bafata imivyimba ya Sawuli n’abahungu biwe bayikura ku ruhome rw’i Beti-Shani, bayijana i Yabeshi barayiturira.
13 They took their bones, buried them under the tamarisk at Jabesh, and fasted seven days. Maze bafata amagufa yabo bayahamba musi y’igiti c’umutamarisi c’i Yabeshi, baca barisonzesha kumara imisi indwi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]