Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After the death of Saul, David returned from defeating the Amalekites and stayed in Ziklag two days. Sawuli amaze gupfa, Dawidi aragaruka avuye kunesha Abamaleki aca aguma i Zikulagi imisi ibiri.
2 On the third day a man came from Saul's camp, clothes torn, dirt on his head. Reaching David, he fell to the ground and bowed. Ku musi ugira gatatu umuntu umwe araza avuye mu ngabo za Sawuli, yitabaguriyeko impuzu yisuriyeko ivu mu mutwe. Ashitse aho Dawidi ari, aramwunamira ashitsa umutwe hasi mu kumuha icubahiro.
3 David asked him, "Where have you come from?" "I escaped from the camp of Israel," he replied. Dawidi aramubaza ati: “Uvuye he?” Aramwishura ati: “Ncitse kw’icumu mva aho Abisirayeli bari bacumbitse.”
4 "What happened?" David asked. "Tell me." He said, "The people fled the battle. Many fell and died. Saul and his son Jonathan are dead too." Dawidi aramubaza ati: “Vyagenze gute? Mbarira.” Aramwishura ati: “Ingabo z’Abisirayeli zahunze ku rugamba. Benshi bapfuye. Na Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani bapfuye.”
5 David asked the young man who brought the news, "How do you know Saul and his son Jonathan are dead?" Maze Dawidi abwira wa musore amuzaniye inkuru ati: “Ni igiki cakumenyesheje ko Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani bapfuye?”
6 The young man said, "I happened onto Mount Gilboa, and there was Saul, leaning on his spear, the chariots and horsemen bearing down on him. Wa musore ati: “Nari ku musozi Gilibowa, maze mbona Sawuli yishimikije icumu ryiwe, kandi azigirijwe n’imikogote n’abagendera ku mafarasi.
7 He turned around, saw me, and called to me. I said, 'Here I am.' Ahindukiye arambona, arampamagara, nanje ndamwishura nti: ‘Nogukorera iki?’
8 He asked me, 'Who are you?' I told him, 'I am an Amalekite.' Arambaza ati: ‘Uri nde?’ Ndamwishura nti: ‘Ndi Umwamaleki.’
9 He said to me, 'Stand over me and kill me; anguish has seized me, but I'm still alive.' Arambwira ati: ‘Egera hano unyice! Nta co ngisigaje, naho nkiri muzima.’
10 So I stood over him and killed him, since I knew he wouldn't survive his fall. Then I took the crown from his head and the band on his arm, and brought them here to my lord." Nuko ndamwegera ndamuhohosha, kuko nabonye ko atari gukira. Maze nca mfata urugori rwari ku mutwe wiwe n’ikidede cari ku kuboko kwiwe nca ndabizanira databuja hano.”
11 Then David grabbed his own clothes and tore them, and so did all the men with him. Nuko Dawidi n’abo bari kumwe bitaburirako impuzu.
12 They mourned, wept, and fasted until evening for Saul, his son Jonathan, our Father's people, and the house of Israel, because they had fallen by the sword. Bararira baraboroga barisonzesha gushika ku mugoroba ku bwa Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani, n’ingabo zose z’Uhoraho n’ab’inzu ya Isirayeli bose, kuko bishwe n’inkota.
13 David asked the young man who brought the news, "Where are you from?" He said, "I'm the son of a foreigner, an Amalekite." Dawidi abwira wa musore yamuzaniye inkuru ati: “Uturuka he?” Arishura ati: “Ndi umuhungu w’inyambukira, Umwamaleki.”
14 David said, "How were you not afraid to raise your hand to kill our Father's anointed?" Dawidi aramubaza ati: “Ni kuki watinyutse kwica uwo Uhoraho yarobanuje amavuta?”
15 David called one of his young men and said, "Go, strike him down." He struck him, and he died. Maze Dawidi ahamagara umwe mu bantu biwe ati: “Genda umwice!” Nuko aragenda aramwica.
16 David had said to him, "Your blood is on your own head, for your own mouth testified against you when you said, 'I killed our Father's anointed.'" Kuko Dawidi yari yamubwiye ati: “Amaraso yawe aje ku gatwe kawe. Akanwa kawe ni ko kakwagirije igihe wivugira uti: ‘Nishe uwo Uhoraho yarobanuje amavuta.’ ”
17 Then David sang this lament over Saul and his son Jonathan, Nuko Dawidi acura intimba ku bwa Sawuli n’umuhungu wiwe Yonatani,
18 and ordered the people of Judah taught this lament, called The Bow; it is written in the Book of Jashar: aca ategeka abantu b’i Buyuda ngo bigishwe iyo ndirimbo yo gucura intimba y’umuheto (kandi yanditse mu gitabu ca Yashari). Aravuga ati:
19 "Your glory, Israel, lies slain on your heights. How the mighty have fallen! “Iteka n’umunezero vyawe, yewe Isirayeli, birambaraye ku misozi. Ese ukungene abahizi bawe bapfuye!
20 Don't tell it in Gath, don't proclaim it in the streets of Ashkelon, or the daughters of the Philistines will rejoice, the daughters of the uncircumcised will exult. Ntimubibwire ab’i Gati, ntimuvyamamaze mu mabarabara y’i Ashikeloni, kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe, kugira ngo abakobwa b’izo ntakebwa ntibahimbarwe.
21 Mountains of Gilboa, may you have no dew or rain, no fields yielding offerings. For there the shield of the mighty was defiled, the shield of Saul, no longer rubbed with oil. Yemwe misozi y’i Gilibowa, ntimukongere kugira urume canke imvura, canke ngo mugire imirima ishobora kwera ingano. Kuko kuri mwebwe ari ho inkinzo z’abahizi zahumaniye. Inkinzo ya Sawuli ntizosubira gusigwa amavuta.
22 From the blood of the slain, from the flesh of the mighty, the bow of Jonathan did not turn back, the sword of Saul did not return unsatisfied. Amaraso adasesetse, abahizi batarashwe, umuheto wa Yonatani ntiwigera usubira inyuma, kandi n’inkota ya Sawuli ntiyagaruka idakoze igikorwa cayo.
23 Saul and Jonathan, beloved and cherished in life, in death they were not parted. They were swifter than eagles, stronger than lions. Sawuli na Yonatani bakiriho barakundwa cane kandi no mu rupfu ntibatandukanye. Banyaruka kurusha inkona, bari bakomeye kurusha intambwe.
24 Daughters of Israel, weep for Saul, who clothed you in scarlet and finery, who adorned your garments with ornaments of gold. Yemwe bakobwa ba Isirayeli, nimuririre Sawuli, yabambika impuzu nziza z’igiciro, yashariza impuzu zanyu n’ibisharizo vy’inzahabu.
25 How the mighty have fallen in the thick of battle! Jonathan lies slain on your heights. Ese ukuntu abahizi baguye mu ntambara! Yonatani umuvyimba wiwe urambaraye ku misozi.
26 I grieve for you, my brother Jonathan; you were very dear to me. Your love for me was wonderful, surpassing the love of women. Ndababaye ku bwawe, Yonatani muvukanyi; wari uw’igiciro kuri jewe. Urukundo wankunda rwari igitangaza, rwari igitangaza kurusha urw’abagore.
27 How the mighty have fallen! The weapons of war have perished." Ewe kuntu abahizi baguye ku rugamba! Ibigwanisho vy’intambara vyasambuwe!”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]