Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Samuel 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Later, David inquired of our Father, "Should I go up to one of the cities of Judah?" Our Father said, "Go up." David said, "Where?" "Hebron," he said. Inyuma y’ivyo, Dawidi asiguza Uhoraho. Amubaza ati: “Nduge nje mu gisagara kimwe c’i Buyuda?” Uhoraho aramwishura ati: “Duga.” Dawidi arabaza ati: “Nduze noshikira mu gisagara ikihe?” Uhoraho aramwishura ati: “Heburoni.”
2 David went up there with his two wives, Ahinoam of Jezreel and Abigail, Nabal the Carmelite's widow. Nuko Dawidi araduga ajana n’abagore biwe babiri, Ahinowamu w’i Yezireyeli na Abigayili, umupfakazi wa Nabali w’i Karumeli.
3 David brought up his men who were with him, each with his household, and they settled in Hebron's towns. Dawidi ajana kandi na ba bantu bari kumwe na we bose, umwe wese n’umuryango wiwe, baja kuba i Heburoni no mu bisagara vyaho.
4 Then Judah's men came and anointed David king over Judah's house there. They told David that Jabesh-gilead's men had buried Saul. Maze abantu b’i Buyuda baza i Heburoni baca barobanuza amavuta Dawidi ngo abe umwami w’umuryango wa Yuda. Maze Dawidi bamubwiye ko abantu b’i Yabeshi Gileyadi ari bo bahamvye Sawuli,
5 He sent messengers to the men of Jabesh-gilead: "May our Father bless you for this kindness to your lord Saul, burying him. arungika intumwa ku bantu b’i Yabeshi Gileyadi zibabwira ziti: “Uhoraho abahezagire kuko mwerekanye urukundo mwakunda Sawuli shobuja mu kumuhambana iteka.
6 Now may our Father show you kindness and faithfulness; I too will treat you well for doing this. Uhoraho abagirire neza abereke n’ubwizigirwa bwiwe, kandi nanje nyene ni ko nzobagirira kuko mwakoze mutyo.
7 Be strong and take courage, for your master Saul is dead, and Judah's house has also anointed me king over them." Ubu rero, mukomere mube abagabo, kuko Sawuli shobuja yapfuye, ariko kandi ab’inzu ya Yuda bamaze kunyimikisha amavuta kugira ngo mbe umwami wabo.”
8 But Abner son of Ner, Saul's army commander, took Ish-bosheth son of Saul and brought him across to Mahanaim. Bikiri gutyo, Abuneri mwene Neri, umukuru w’ingabo za Sawuli, yari yafashe Ishibosheti mwene Sawuli amutwara i Mahanayimu.
9 He made him king over Gilead, over the Ashurites, over Jezreel, over Ephraim, over Benjamin—over all Israel. Ashitseyo, amugira umwami w’intara za Gileyadi, Ashuri, Yezireyeli, Efurayimu, Benyamini na Isirayeli yose.
10 Ish-bosheth son of Saul was forty when he became king over Israel; he reigned two years. But Judah's house followed David. Ishibosheti mwene Sawuli yari amaze imyaka mirongo ine igihe yaba umwami w’Abisirayeli, atwara imyaka ibiri. Ariko, umuryango wa Yuda wowo, uguma uyoboka Dawidi.
11 David was king in Hebron over the house of Judah for seven years and six months. Imyaka yose Dawidi yamaze ari umwami i Heburoni aganza inzu ya Yuda yabaye indwi n’amezi atandatu.
12 Abner son of Ner, with Ish-bosheth son of Saul's servants, left Mahanaim for Gibeon. Abuneri mwene Neri, hamwe n’ingabo za Ishibosheti mwene Sawuli, bava i Mahanayimu baja i Gibeyoni.
13 Joab son of Zeruiah and David's servants also went out and met them together at Gibeon's pool—one side sitting on one bank, the other on the opposite bank. Yowabu mwene Zeruwiya n’ingabo za Dawidi na bo baragenda baja guhura na bo, bahurira ku kidengeri c’i Gibeyoni. Ingabo zimwe zija ku ruhande rumwe rw’ico kidengeri izindi zija ku rundi ruhande.
14 Abner said to Joab, "Let the young men get up and compete before us." Joab said, "Let them get up." Maze Abuneri abwira Yowabu ati: “Reka dutore imisore ihaguruke igwane imbere yacu.” Yowabu aravuga ati: “Egome, tubigire uko.”
15 So they got up and crossed over by count, twelve for Benjamin and Ish-bosheth son of Saul, twelve from David's servants. Nuko bava hasi barabaharura, abagabo cumi na babiri baserukira Ababenyamini na Ishibosheti mwene Sawuli, hamwe n’abandi icumi na babiri ku ruhande rw’abaserukira Dawidi.
16 Each man gripped his opponent's head and drove his sword into his side, and they fell together. So the place in Gibeon was named Helkath-hazzurim. Maze umuntu wese aca asumira umutwe w’uwo ku rundi ruhande amuzibura inkota mu rubavu, bose bagwa hasi aho nyene bapfira rimwe. Baca bita aho hantu Helukati Hazurimu h’i Gibeyoni.
17 The fighting that day was very fierce; Abner and Israel's men fell before David's servants. Kuva uwo musi haca haba intambara ikomeye, Abuneri n’Abisirayeli baratsindwa cane n’ingabo za Dawidi.
18 Zeruiah's three sons were there: Joab, Abishai, and Asahel—Asahel as fast-footed as a wild gazelle. Abahungu batatu ba Zeruwiya: Yowabu, Abishayi na Asaheli ni ho bari. Uwo Asaheli mu kwiruka yaranyaruka cane kurya kw’ingeregere.
19 He chased Abner, turning neither to the right nor to the left as he pursued him. Yiruka kuri Abuneri, kandi yanka kumuva inyuma ngo aje i buryo canke i bumoso.
20 Abner looked back and said, "Is that you, Asahel?" "It is," he answered. Abuneri akebutse inyuma aramubaza ati: “Ni wewe ga Asaheli?” Arishura ati: “Ni jewe.”
21 Abner told him, "Turn right or left, seize one of the young men, take his gear." But Asahel refused to stop chasing him. Nuko Abuneri aramubwira ati: “Hindukirira i buryo canke i bumoso; maze ufate umwe muri barya basore umushikure ibigwanisho vyiwe.” Ariko Asaheli ntiyahagarika kumukurikira.
22 Abner told Asahel again, "Turn back. Why force me to strike you down? How could I face your brother Joab?" Abuneri yongera kubwira Asaheli ati: “Reka kwiruka unkurikira, ntibitume ndakwica. Noheza ngashobora nte gusubira kuraba mu maso ha mukuru wawe Yowabu?”
23 He refused to turn aside, so Abner struck him in the stomach with the butt of his spear; it came out through his back. He fell there and died on the spot. Everyone who came to where Asahel had fallen and died stood still. Ariko Asaheli aranka aguma amukurikira; nuko Abuneri amucumita icumu mu nda riseruka mu mugongo. Aca agwa ngaho arapfa. Umuntu wese yashika aho Asaheli yaguye yaca ahagarara.
24 Joab and Abishai pursued Abner; at sunset they reached the hill of Ammah, near Giah on the way to the wilderness of Gibeon. Nuko Yowabu na Abishayi bakurikira Abuneri, izuba rirenga bashitse ku musozi wa Ama, hafi y’i Giya mu nzira ija mu bugaragwa bw’i Gibeyoni.
25 Benjamin's men gathered behind Abner, formed one band, and stood atop a hill. Maze abo mu ngabo za Abuneri bo mu muryango wa Benyamini bifatanya na Abuneri. Bigira akagwi bahagarara ku gatwe k’umusozi.
26 Abner called to Joab: "Must the sword devour forever? Don't you know this will end bitterly? How long until you tell the people to turn back from chasing their brothers?" Abuneri ahamagara Yowabu ati: “Mbega tuzokwama tuzibagurana inkota igihe cose? Ntubona ko ibi bizotuzanira kwamana inzigo? Urindiriye iki kubuza abantu bawe gukurikira abavukanyi babo?”
27 Joab said, "As surely as our Father lives, if you had not spoken, the people would have kept pursuing their brothers until morning." Yowabu aramwishura ati: “Ndahiye uguhoraho kw’Imana, iyo utagira ico uvuga, twari gushishikara kubakurikira mbere n’ijoro ryose.”
28 Joab blew the trumpet; all the troops stopped, no longer pursuing Israel or fighting. Maze Yowabu avuza inzamba, abantu bose barahagarara; ntibasubira gukurikira Abisirayeli, canke ngo basubire kugwana.
29 Abner and his men marched through the Arabah all that night, crossed the Jordan, went through all Bithron, and reached Mahanaim. Abuneri n’abantu biwe bagenda ijoro ryose baca mu kiyaya Araba. Bajabuka Yorodani, babandanya no mu gitondo cose maze bashika i Mahanayimu.
30 Joab turned back from chasing Abner, gathered all the troops, and found nineteen of David's men missing, besides Asahel. Nuko Yowabu asubira inyuma areka gukurikirana Abuneri aca akoranya abantu bose ngo arabe abo yabuze. Asanga mu bantu ba Dawidi habuze cumi n’icenda adashizemwo Asaheli.
31 But David's servants struck down 360 of the men of Benjamin who were with Abner. Ariko abantu ba Dawidi bari bishe Ababenyamini amajana atatu na mirongo itandatu bari kumwe na Abuneri.
32 They carried Asahel, buried him in his father's tomb in Bethlehem; Joab and his men walked all night, reaching Hebron by dawn. Batwara Asaheli bamuhamba mu mva ya se yari i Betelehemu. Hanyuma Yowabu n’ingabo ziwe bagenda ijoro ryose bashika i Heburoni umutwenzi utambitse.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]