Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Samuel 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 In those days Philistines massed their forces for war, to fight Israel. Achish told David, "You understand, of course, that you and your men must march out with me in the army." Muri iyo misi Abafilisitiya bakoranya ingabo zabo kugira ngo baje kugwanya Abisirayeli. Akishi abwira Dawidi ati: “Wewe n’iyo misore yawe muzojana nanje ku rugamba.”
2 David told Achish, "So you'll know what your servant can do." Achish replied, "Very well, I'll make you my bodyguard for life." Dawidi aramwishura ati: “Ni ho uzokwibonera ubwawe ivyo umusavyi wawe nshobora gukora.” Akishi aramwishura ati: “Ni vyiza, kandi nanje nzokugira uwuncungerera ubuzima.”
3 Samuel had died; all Israel mourned him and buried him in Ramah, his city. Saul had removed the mediums and fortune-tellers from the land. Ico gihe Samweli yari yarapfuye, Abisirayeli bose bari baramugandariye, bamuhamba mu gisagara c’iwabo i Rama. Kandi Sawuli yari yarirukanye mu gihugu abapfumu n’abahamagara imizimu bose.
4 The Philistines gathered, came, and camped at Shunem; Saul gathered all Israel and camped at Gilboa. Abafilisitiya barakorana baragenda bashinga ikambi yabo i Shunemu, ico gihe Sawuli na we akoranya Abisirayeli bose bashinga ikambi yabo i Gilibowa.
5 When Saul saw the Philistine army, he was afraid, and his heart trembled greatly. Sawuli abonye ingabo z’Abafilisitiya, aratinya; ubwoba bwuzura umutima wiwe.
6 Saul asked our Father, but our Father didn't answer him—not by dreams, not by Urim, not by prophets. Asiguza Uhoraho, ariko Uhoraho ntiyamwishura haba mu nzozi, haba mu buryo bwa Urimu canke aciye mu bavugishwa.
7 Saul told his servants, "Find me a female medium, so I can go ask her." They said, "There's one at Endor." Sawuli abwira abakozi biwe ati: “Nimundonderere umugore ahamagara imizimu, kugira ngo ngende kumusiguza.” Baramubarira bati: “Hariho umwe ari i Eni-Dori.”
8 Saul disguised himself, wore other clothes, went with two men to the woman by night, and said, "Consult a spirit for me—bring up the one I name." Maze Sawuli ariyoberanya, yambara izindi mpuzu, mw’ijoro ajana n’abantu babiri kwa wa mugore. Aramubwira ati: “Nsiguriza imizimu, umpamagarire uw’uwo nja kukubwira.”
9 The woman said, "You know what Saul did—cut off the mediums and the spiritists from the land. Why trap my life to kill me?" Ariko wa mugore amubwira ati: “Ni ukuri urazi neza ivyo Sawuli yakoze n’ingene yakuyeho abahamagara imizimu n’abapfumu mu gihugu. Ni kuki ugomba kuntega umutego ngo uncishe agatwe?”
10 Saul swore to her by our Father, "As our Father lives, no guilt will reach you for this." Sawuli aramurahira mw’izina ry’Uhoraho ati: “Ndakurahiye uguhoraho kw’Uhoraho, ko ivyo utazobihanirwa.”
11 The woman said, "Whom should I bring up for you?" He said, "Bring up Samuel for me." Maze wa mugore aramubaza ati: “Ndaguhamagarire nde?” Aramubwira ati: “Mpamagarira Samweli.”
12 Seeing Samuel, the woman cried out loudly and said to Saul, "Why did you deceive me? You are Saul!" Wa mugore abonye Samweli, araboroga cane, abwira Sawuli ati: “Ni kuki wampenze? Uri Sawuli!”
13 The king said, "Don't be afraid. What do you see?" The woman told Saul, "I see a divine being rising from the ground." Umwami aramubwira ati: “Ntutinye. Ubonye iki?” Wa mugore aravuga ati: “Mbonye igisa n’umuzimu kiduga kiva mu kuzimu.”
14 He asked, "What does he look like?" "An old man rising, wrapped in a robe," she said. Saul knew it was Samuel and bowed face-down, prostrating himself. Aramubaza ati: “Gisa gute?” Aramwishura ati: “Umutama yambaye ikanzu ni we aduze.” Nuko Sawuli amenya ko ari Samweli, aca aramwunamira, akubita ibipfukamiro akoza umutwe hasi.
15 Samuel said to Saul, "Why disturb me, bringing me up?" Saul said, "I'm in deep distress. The Philistines fight me, and our Father has turned away from me—no answer by prophets or dreams. So I called you, to know what to do." Samweli abwira Sawuli ati: “Ni kuki uriko urangora umpamagara ngo ngaruke?” Aravuga ati: “Ni uko ndi mu mubabaro mwinshi. Abafilisitiya baranteye, kandi Imana yarampevye. Ntikinyishura, haba biciye mu bavugishwa canke mu nzozi. Ni co gituma naguhamagaye ngo umbwire ico nkwiye gukora.”
16 Samuel said, "Why ask me, when our Father has left you and become your enemy? Samweli aramubwira ati: “Ni iki gitumye unsiguza, kandi Uhoraho yaraguhevye akaba umwansi wawe?
17 Our Father did as he said through me, tearing the kingdom from your hand and giving it to your neighbor, to David. Uhoraho akoze ivyo yari yaravuze aciye kuri jewe. Uhoraho agushikuye ubwami mu maboko yawe kandi buhawe uwo muhanganye ari we Dawidi.
18 Because you did not obey our Father's voice or execute his burning anger against Amalek, so he has done this to you today. Uhoraho agukoreye ivyo uwu musi, kuko utumviye Uhoraho canke ngo ushitse uburake bwiwe bwose ku Bamaleki.
19 Our Father will hand you and Israel to the Philistines; tomorrow you and your sons will join me, and our Father will hand Israel's army to the Philistines." Uhoraho arakugabuye wewe n’Abisirayeli bose mu maboko y’Abafilisitiya, kandi ejo wewe n’abahungu bawe muzoba muri kumwe nanje. Kandi Uhoraho azogabura ingabo z’Abisirayeli mu maboko y’Abafilisitiya.”
20 Saul instantly fell full length on the ground, terrified by Samuel's words. He had no strength, having eaten no food all day and night. Ubwo nyene Sawuli aca agwa hasi yubamye, yuzuye ubwoba kubera amajambo ya Samweli. Inkomezi zirahera, kuko ata co yari yariye uwo musi wose n’ijoro ryose.
21 The woman came to Saul, saw his shock, and said, "Look, your servant obeyed you. I took my life in my hand and did what you told me. Wa mugore aje aho Sawuli ari, akabona ko yagize ubwoba bwinshi, aramubwira ati: “Raba, umusavyikazi wawe nakwumviye. Nahevye amagara yanje nkora ivyo wantegetse.
22 Now please, you too, listen to me, your servant. Let me give you a piece of bread; eat, and get strength for the road." None rero umviriza ivyo umusavyikazi wawe mvuga kandi unyemerere ndakuzanire imfungurwa kugira ngo urye, usubizwemwo intege ushobore gutaha.”
23 He refused: "I won't eat." But his servants and the woman urged him until he gave in, rose from the ground, and sat on the bed. Aranka aravuga ati: “Sindya.” Ariko abantu bari kumwe na we bafatanya n’uwo mugore baramwinginga, maze arabumvira. Ava hasi yicara ku buriri.
24 The woman had a fattened calf at home, hurried, slaughtered it, took flour, kneaded, and baked bread without yeast. Wa mugore arihuta afata ishuri ivyibushe, arayibaga ubwo nyene. Afata ifu, arayicumba akoramwo udukate twokeje twacumbanywe amavuta, tutarimwo umwambiro.
25 She served it to Saul and his servants; they ate, then got up and left that night. Nuko abishira imbere ya Sawuli n’abantu biwe, bararya. Muri iryo joro nyene bava hasi baragenda.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]