Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 What then should we say that Abraham, our physical forefather, has found? Mbega none twovuga iki kuri Aburahamu sogokuruza? Yatahuye iki ku vyerekeye ingene umuntu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi?
2 For if Abraham was justified by works, he has something to boast about—but not before our Father. Iyo Aburahamu yemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vyiza yakoze, yari kuba afise ico yirata. Ariko imbere y’Imana si ko vyagenze.
3 For what does Scripture say? Abraham believed our Father, and it was counted to him as righteousness. Ivyanditswe Vyera bivuga iki? Bivuga ko, “Aburahamu yizeye Imana, hanyuma ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.”
4 To the one who works, wages aren't credited as a gift but as what's owed. Iyo umuntu akoze igikorwa, impembo bamuhemba ntiba ari ingabire, aba aronse ikintu yakoreye ategerezwa guhabwa.
5 But to one who does not work, but trusts him who justifies the wicked, his faith is counted as righteousness. Ariko Imana ntiyemera abantu ko bagororotse, kubera ibikorwa vyabo, ibemera kubera bayizeye yo iharira abanyavyaha.
6 As David also speaks of the blessing of the person our Father credits righteousness to, apart from works: Ivyo ni vyo Dawidi yavuga yerekana amahirwe y’umuntu yemewe n’Imana nk’umugororotsi, itaravye ibikorwa yakoze:
7 "Blessed are those whose lawless deeds are forgiven, and whose sins are covered; “Hahiriwe umuntu Imana yababariye ibikorwa vyiwe bibi; ivyaha vyiwe bigaharirwa.
8 blessed is the one whose sin our Father will never count against him." Hahiriwe umuntu Uhoraho adaharurako ivyaha vyiwe.”
9 Is this blessing only for the circumcised, or also the uncircumcised? We say Abraham's faith was credited as righteousness. None, ayo mahirwe Dawidi avuga ni ay’Abayuda gusa? Oya, na mba! Ni n’ay’Abanyamahanga na bo nyene. Kuko, twamaze kuvuga ko Aburahamu yizeye Imana, maze ukwo kwizera kwiwe gutuma Imana imwemera nk’umugororotsi.
10 How then was it credited? While he was circumcised, or uncircumcised? Not while circumcised, but while uncircumcised. Mbega none ivyo vyabaye ryari? Imana yoba yamwemeye nk’umugororotsi amaze gukebwa canke atarakebwa? Mu vy’ukuri, Imana yamwemeye nk’umugororotsi atarakebwa!
11 He received circumcision as a sign, a seal of the righteousness he had by faith while still uncircumcised, so he would be father of all who believe though uncircumcised, with righteousness credited to them too, Yakebwe mu nyuma, kandi ukwo gukebwa kwiwe cari ikimenyetso cerekana ko kubera ukwizera kwiwe, Imana yari yaramaze kumwemera nk’uwugororotse imbere yuko akebwa. Gutyo, mu buryo bw’impwemu Aburahamu ni we sekuruza w’abizera bose naho boba batakebwe, kandi Imana irabemera ko bagororotse, kubera ukwizera kwabo.
12 and father of the circumcised who are not only circumcised but also walk in the footsteps of the faith our father Abraham had while uncircumcised. Kandi mu buryo bw’impwemu, Aburahamu ni sekuruza w’abo bose bakebwe, ariko ni mu gihe bafise ukwizera nk’ukwo yari afise imbere y’uko akebwa.
13 For the promise to Abraham and his offspring that he would inherit the world did not come through the law, but through faith's righteousness. Mu vy’ukuri, Imana ntiyahaye Aburahamu n’abazomukomokako bose isezerano ryo kuragwa isi kubera kwumvira ivyagezwe, ahubwo yarimuhaye kubera yayizeye, maze na yo ica imwemera nk’umugororotsi mu maso yayo.
14 For if those who live by the law are heirs, faith is emptied and the promise nullified. Nimba isezerano ari iry’abumvira ivyagezwe gusa, rero ukwizera nta co kumaze kandi n’isezerano ry’Imana nta gaciro rifise.
15 Law brings wrath; where there is no law, there is no violation. Ivyagezwe bizana uburake bw’Imana ku wubirengako wese, kandi iyo bitahari ntihaba kubirengako.
16 So it comes by faith, to be by grace, guaranteeing the promise to all the offspring—not only those tied to the law but also those who share Abraham's faith, father of us all, Nuko rero, isezerano ryatanzwe kubera ukwizera kugira ngo bigaragare ko ari ingabire Imana itanga ku buntu, kandi ko rigenewe abakomoka kuri Aburahamu bose, baba abubahiriza ivyagezwe canke abizera nk’uko yizera, kuko Aburahamu ari we sekuruza w’abizera bose.
17 as it is written, "I have made you father of many nations"—before our Father, in whom he believed, who gives life to the dead and calls things that do not exist into being. Ivyo ni vyo Ivyanditswe Vyera vyavuga igihe Imana yavuga ngo: “Nakugize sekuruza w’amahanga menshi.” Ivyo rero vyabaye kuko Aburahamu yizeye Imana ishobora kuzura n’uwapfuye, ikarema n’ibintu bishasha ibikuye mu busa.
18 Against hope, he believed in hope, becoming father of many nations, as he'd been told: "So will your offspring be." Mbere no mu gihe vyaboneka ko ata vyizigiro bikiriho, Aburahamu we yabandanije yizera, gutyo aba sekuruza w’amahanga menshi kuko Imana yari yavuze iti: “Uko ni ko abagukomokako bazongana.”
19 Not weak in faith, he considered his own body already as good as dead—he was about one hundred—and Sarah's womb lifeless. Ico gihe yari afise hafi imyaka ijana, ariko ukwizera kwiwe ntikwigeze kugabanuka, naho umubiri wiwe wari umaze kuba akaheze, kandi na Sara akaba yasa n’utagishobora kuvyara.
20 He did not doubt our Father's promise in lack of faith, but was strengthened in faith, giving glory to our Father, Aburahamu ntiyigeze anyiganyiga mu kwizera isezerano ry’Imana, ahubwo ukwizera kwiwe kwagumye gukomera, kandi ivyo vyahesheje Imana icubahiro.
21 fully convinced that what our Father had promised he was also able to do. Yari azi ko Imana ishoboye gushitsa ico yasezeranye.
22 That is why "it was credited to him as righteousness." Ukwo kwizera kwiwe kwatumye Imana imwemera nk’umugororotsi.
23 But the words "it was credited to him" were written not for his sake alone, Aya majambo avuga ngo: “Imana imwemera nk’umugororotsi,” ntiyanditswe ku bwiwe wenyene,
24 and also for us who will be credited with it—those trusting the one who raised our Lord Jesus from the dead, ahubwo natwe ni ayacu kuko twizeye uwazuye Umwami wacu Yesu amukuye mu bapfuye.
25 who was delivered over for our sins and raised to make us right with our Father. Uwo, Imana yaramutanze ngo apfe azira ivyaha vyacu hanyuma imuzura mu bapfuye kugira ngo atume twemerwa na yo nk’abagororotsi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]