Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So, since we are made right by faith, we have peace with our Father through our Lord Jesus Christ. Ni co gituma, kuva twemewe nk’abagororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera, dufitaniye amahoro na yo kubera igikorwa Yesu Kristo Umwami wacu yadukoreye.
2 Through whom we've gained access by faith into this grace we stand in, and we rejoice in hope of our Father's glory. Tumaze kumwizera; Kristo yadushikanye muri ubu buntu turimwo, kandi dufise umunezero no kwizigira ko tuzosangira na we ubwiza bw’Imana.
3 Not only that, but we also boast in our suffering, since suffering produces endurance, Ikigeretseko, n’iyo duciye mu mibabaro, turanezerwa kuko tuzi yuko ivyo bituma tumenyerezwa kwihangana.
4 and endurance produces character, and character produces hope. Ukwo kwihangana gutuma tugwiza inkomezi zo mu mutima, izo na zo zikaduha kugumana ivyizigiro.
5 Hope doesn't put us to shame, because our Father's love has been poured into our hearts through the Holy Spirit given to us. Kandi, ivyo vyizigiro ntibitetereza, kuko Imana yasutse urukundo rwayo mu mitima yacu ibicishije muri Mpwemu Yera yaduhaye.
6 While we were still weak, at the right time Christ died for the wicked. Igihe twari tukiri abanyantegenke, Kristo yaraje, aza mu gihe gikwiye Imana yashinze, maze aradupfira twebwe abanyavyaha.
7 Rarely would anyone die for a righteous person, though for a good person someone might even dare to die. Gupfira umugororotsi bisanzwe bigoye; naho womenga birumvikana ko hatobura uwemera gupfira umuntu w’intungane.
8 But our Father shows his own love for us: while we were still sinners, Christ died for us. Ariko, Imana yo yatweretse urukundo rwayo rwinshi mu gutuma Kristo kudupfira kandi tukiri abanyavyaha.
9 Much more then, now made right by his blood, we will be saved through him from the wrath. Ikindi, ko twemewe n’Imana nk’abagororotsi kubera amaraso ya Kristo, nta nkeka ko n’uburake bw’Imana na bwo azobudukiza.
10 If, as enemies, we were reconciled to our Father through the death of his Son, how much more, now reconciled, will his life save us? Kuko nimba Imana yaduhaye kwuzura na yo biciye mu rupfu rw’Umwana wayo tukiri abansi bayo, ntidukekeranya ko, ubu tumaze kwuzura na yo, tuzokizwa n’ubugingo bwiwe.
11 Not only that—we also rejoice in our Father through our Lord Jesus Christ, through whom we have now received reconciliation. Kandi si ivyo vyonyene, ubu dufise umunezero kubera imigenderanire myiza dufitaniye n’Imana kuko Umwami wacu Yesu Kristo yatwujuje na yo.
12 So, as sin entered the world through one man, and death through sin, death spread to everyone, since all sinned. Icaha cinjiye mw’isi giciye ku muntu umwe ari we Adamu, kandi ico caha cazanye urupfu. Ivyo vyatumye urupfu rushika ku bantu bose, kuko bose bacumuye.
13 Before the law, sin was already in the world; but sin isn't counted where there's no law. Mu vy’ukuri, n’imbere y’uko Imana iha Mose Ivyagezwe, icaha cari mw’isi. Ariko Imana nta n’umwe yacagiriza kuko ata vyagezwe vyari bwatangwe.
14 Still, death ruled from Adam to Moses, even over those whose sin didn't match Adam's wrongdoing—Adam foreshadows the one to come. Yamara kuva mu gihe ca Adamu gushika mu gihe ca Mose, abantu bagumye bapfa, mbere n’abatarenze ku cagezwe bahawe n’Imana nk’uko Adamu yakirenzeko, barapfuye. Uwo Adamu yari ishusho ya Kristo, uwari agiye kuzoza.
15 But the gift is not like the sin: if many died through one man's sin, much more has our Father's grace and the gift by the grace of the one man Jesus Christ overflowed to many. Ariko hariho itandukaniro rinini hagati y’igicumuro ca Adamu n’ingabire y’ubuntu bw’Imana. Ni ivy’ukuri ko abantu benshi bapfuye kubera igicumuro c’uwo muntu umwe. Yamara ubuntu bw’Imana n’ingabire y’imbabazi yatanze biciye ku wundi muntu, ari we Yesu Kristo, birengeye cane ivyo.
16 And the gift is not like the result of that one man's sin: judgment from one sin brought condemnation, but the gift from many sins brought justification. Ibiva mu ngabire y’ubuntu bw’Imana biratandukanye cane n’ivyavuye mu gicumuro c’umuntu umwe kuko inyuma y’icaha ca Adamu hakurikiye gutsindwa n’urubanza, ariko ingabire y’ubuntu bw’Imana yatumye twemerwa na yo naho dufise ivyaha vyinshi bitwagira.
17 For if death reigned through that one man because of one trespass, how much more will those receiving grace's overflow and the gift of righteousness reign in life through the one man, Jesus Christ. Ni ivy’ukuri ko kubera igicumuro c’umuntu umwe, urupfu rwashitse ku bantu bose. Ariko, biciye ku wundi muntu umwe nyene, ari we Yesu Kristo, Imana yahaye abana b’abantu ivyiza birengeje: yabagiriye ubuntu butagira akagero ibemera ko bagororotse kandi yemera ko bazoganzanya na Kristo.
18 So then, as one trespass condemned everyone, one righteous act brings everyone justification and life. Ni ukuri, nk’uko igicumuro c’umuntu umwe, ari we Adamu, cazaniye abantu bose gutsindwa n’urubanza, ni ko n’igikorwa kimwe co kugororoka ca Yesu cazaniye abantu bose kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi no kuronka ubugingo.
19 As one man's disobedience made the many sinners, so one man's obedience will make the many righteous. Nk’uko umuntu umwe yanse kwumvira Imana bigatuma abantu benshi bahinduka abanyavyaha, ni ko no kwumvira Imana kw’uwundi muntu umwe nyene, kuzotuma benshi bahinduka abagororotsi.
20 Now the law came in so that the trespass might increase, but where sin increased, grace abounded all the more, Ivyagezwe vyatanzwe kugira ngo ibicumuro bigwire. Ariko uko abantu barushirije gukora ivyaha, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwarushirije kugwira.
21 so that as sin reigned in death, grace might reign through righteousness to eternal life, through Jesus Christ our Lord. Rero, nk’uko icaha caganje abantu bose kikabashikana ku rupfu, ni ko n’ubuntu bw’Imana butangaje bwashitse ku bantu bose bukabaha kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi, maze bigatuma bagira ubugingo budashira bubonerwa muri Yesu Kristo Umwami wacu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]