Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 What should we say, then? Should we go on sinning so that grace may increase? Mbega none tuvuge iki? Dushishikare gukora ivyaha kugira ngo ubuntu bw’Imana bwongerekane?
2 Absolutely not! How can we who died to sin still live in it? Ntibikabe! Abapfuye ku caha twoba tukikibamwo dute?
3 Or are you unaware that all of us baptized into Christ Jesus were baptized into his death? Mbega ntimuzi yuko twebwe ababatirijwe kuba umwe na Kristo Yesu, twafatanijwe na we no mu rupfu rwiwe?
4 So we were buried with him through baptism into death, that as Christ was raised from the dead through our Father's glory, we too might walk in newness of life. Ivyo bivuga ko twapfuye hanyuma tugahambanwa na we mu kubatizwa, kugira ngo, nk’uko yazuwe mu bapfuye n’ubushobozi bw’ubwiza bwa Data, abe ari ko natwe tubaho mu bugingo bushasha.
5 For if we've been joined to his death's likeness, we'll surely also be joined to his resurrection. Kandi nimba twagizwe umwe na Kristo mu rupfu rwiwe, natwe tuzozurwa nk’uko na we yazuwe.
6 We know our old self was crucified with him to destroy sin's body, so we'd no longer be enslaved to sin. Turazi neza ko kamere muntu ka kera, gakunda icaha kabambanywe na Kristo, kugira ngo inkomezi z’icaha zishire mu mibiri yacu, ntituze dusubire kuba abagurano b’icaha.
7 For anyone who has died has been set free from sin. Kuko iyo umuntu apfuye aba atandukanye no gukora ivyaha.
8 Now if we died with Christ, we believe that we will also live with him. Nimba rero twarapfanye na Kristo, twizera ko tuzobana na we kandi turi muri we.
9 For we know Christ, raised from the dead, never dies again; death no longer rules him. Turabizi neza ko Kristo yazutse mu bapfuye, kandi ntazosubira gupfa. Urupfu nta bubasha rukimufiseko.
10 For the death he died, he died to sin once for all; but the life he lives, he lives to our Father. Igihe yapfa, yapfuye rimwe rizima kugira ngo amare icaha ubushobozi. Ariko noneho ko ariho, ariho kugira ngo aheshe icubahiro Imana.
11 In the same way, count yourselves dead to sin but alive to our Father in Christ Jesus. None rero, namwe nimufate ko mwapfuye, ko icaha kitakibafiseko ubushobozi, kandi ko muriho muri ab’Imana muri Kristo Yesu.
12 Therefore do not let sin reign in your mortal body so that you obey its desires. Icaha ntikikaganze mu mibiri yanyu izopfa umusi umwe, kandi ntimukumvire ivyipfuzo bibi vy’imibiri yanyu.
13 Do not offer your body's parts to sin as weapons for wrongdoing; instead, offer yourselves to our Father as those brought from death to life, and your body's parts to him as weapons for righteousness. Ntihakagire urugingo na rumwe rw’umubiri wanyu ruheberwa icaha, ngo rube igikoresho c’ibibi. Ahubwo, mwihe Imana rwose, nk’abazutse bavuye mu bapfuye. Imibiri yanyu muyihindure ibikoresho vyo kugororoka ku bw’icubahiro c’Imana.
14 For sin will not have mastery over you, because you are not under law but under grace. Icaha ntikikabaganze kuko ntimukirongorwa n’ivyagezwe, ahubwo muri musi y’ubuntu bw’Imana.
15 What then? Should we sin because we are not under law but under grace? Absolutely not! None, ko ubuntu bw’Imana bwatubohoye tukaba tutakiganzwa n’ivyagezwe, bisigura ko dushobora kubandanya dukora ivyaha? Ntibikabe!
16 Don't you know that offering yourselves to someone as slaves to obey makes you slaves of whoever you obey—whether sin, leading to death, or obedience, leading to righteousness? Mbega ntimuzi ko iyo umuntu yahisemwo kuganzwa n’ikintu ahinduka umugurano waco? Umuntu ashobora kuba umugurano w’icaha, bikamushikana ku rupfu, canke agahitamwo kwumvira Imana, bikamushoboza kubaho ubuzima bugororotse.
17 Thanks to our Father: you were slaves of sin, but you obeyed from the heart the teaching pattern you were entrusted to. Ariko, Imana ishimwe, kuko naho mwigeze kuba abagurano b’icaha, ubu mwarumviye n’imitima yanyu yose ukuri kuri mu nyigisho mwakiriye.
18 Having been set free from sin, you became slaves of righteousness. Ubu mwarabohowe ntimukiri abagurano b’icaha, ahubwo mwahindutse abagurano bo kugororoka.
19 I speak humanly, since your flesh is weak. As you offered your body's parts as slaves to impurity and lawlessness, resulting in more lawlessness, now offer them as slaves to righteousness, resulting in holiness. Kubera intege nke za kamere muntu mufise, ndiko nkoresha imvugo isanzwe, kugira ngo mushobore kuvyumva. Kera mwari mwaratanze imibiri yanyu ngo ibe ibikoresho vy’ibiterasoni n’umugararizo, kandi ivyo vyatuma murushiriza kuba abagarariji. None rero nimwitange kugira ngo muhinduke abagurano bo kugororoka, maze mushobore kuba abera.
20 For when you were slaves of sin, you were free from righteousness. Igihe mwari abagurano b’icaha, mwari mufise umwidegemvyo wo gukora ibitagororotse.
21 What did you gain then from what you're now ashamed of? For those things end in death. Mbega none igihe mwabikora mwungutse iki, ko n’ubu mubiraba mukamaramara? Kandi ivyo bintu amaherezo yavyo ni urupfu.
22 But now, freed from sin and enslaved to our Father, your fruit leads to holiness, and the end, eternal life. Ubu rero ko mwabohotse mutakiganzwa n’icaha, mwahindutse abagurano b’Imana, inyungu yanyu ni ubuzima bwiyeguriye Imana, kandi ivyo bibashikana ku bugingo budashira.
23 For the wages of sin is death, but our Father's gift is eternal life in Christ Jesus our Lord. Kuko impembo y’icaha ni urupfu, ariko ingabire Imana itanga ku buntu ni ubugingo budashira duheshwa no kwizera Kristo Yesu, Umwami wacu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]