Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 What advantage, then, does the Jew have? Or what is the value of circumcision? Mbega none akamaro ko kwitwa Umuyuda ni akahe? Canke agaciro ko gukebwa ni akahe?
2 Much in every way. First of all, they were entrusted with the very words of our Father. Mu vy’ukuri bifise ikimazi muri vyinshi. Ubwa mbere, Abayuda ni bo Imana yahaye amajambo yayo.
3 What then? If some were unfaithful, will their unfaithfulness nullify the faithfulness of our Father? Ni ivy’ukuri ko bamwe muri bo batabaye abizigirwa. None ukutizigirwa kwabo kurakuraho ubwizigirwa bw’Imana?
4 No! Let our Father be true, though every person is a liar. As it is written: "You are proven right in your words, and win when judged." Haba na mba! Naho abantu bose boba ababeshi, Imana yo iguma ari inyakuri. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Mu vyo uvuga vyose uzokwama uboneka uri umugororotsi, kandi n’imbere y’ubucamanza uzokwama utsinda.”
5 But if our wrongdoing highlights our Father's righteousness, what do we say? Is our Father unjust to bring wrath on us? (I speak in human terms.). Ariko bamwe bashobora kuvuga bati: Ivyaha vyacu birafise iciza, kuko vyereka abantu ukugororoka kw’Imana. None Imana ibiduhaniye ntiyoba iturenganije? (Iki ni iciyumviro c’abantu.)
6 Certainly not! For then how could our Father judge the world? Ntibishoboka ko Imana irenganya! Kuko nimba Imana itagororotse, yoshobora ite gucira imanza isi yose?
7 But if my lie makes our Father's truth overflow to his glory, why am I still judged as a sinner? Vyoshoboka ko hari abaciyumvira bati: “None nimba ububi bwanje burushiriza kwerekana ko Imana ari inyakuri kandi bikayihesha icubahiro, ni kuki yoncira urubanza nk’umunyavyaha?”
8 Why not say, as some slander us as saying, "Let's do evil so good may come"? Their judgment is deserved. Mbere hariho n’abatubeshera ngo tuvuga ko dukwiye gucumura cane, kugira ngo havemwo ivyiza! Abavuga ivyo bazocirwa urubanza rubakwiye.
9 What then? Are we better off? Not at all—we've already charged that Jews and Greeks alike are all under sin's grip, None tuvuge ko twebwe Abayuda twoba turi beza kurusha Abanyamahanga? Haba na mba! Kuko twamaze kwerekana ko abantu bose, baba Abayuda canke Abanyamahanga, bari musi y’ububasha bw’icaha,
10 as it is written: "There is no one righteous, not even one; nk’uko handitswe ngo: “Nta muntu agororotse, nta n’umwe;
11 no one understands; no one seeks our Father. nta n’umwe atahura, kandi nta n’umwe arondera Imana.
12 All have turned away; together they have become worthless; no one does good, not even one. Bose barazimiye, maze bacika imburakimazi; nta n’umwe akora iciza, nta n’umwe.
13 Their throat is an open grave; they use their tongues to deceive." "The venom of snakes is under their lips. Imihogo yabo imeze nk’imva zirangaye, indimi zabo zivuga ibinyoma gusa. Ubumara bw’inzoka buri ku minwa yabo.
14 Their mouth is full of cursing and bitterness. Akanwa kabo kuzuye imivumo n’umururazi.
15 Their feet are swift to shed blood; Ibirenge vyabo vyirukira kuvisha amaraso;
16 ruin and misery mark their ways, aho baciye bahasiga imisaka n’ubworo,
17 and the way of peace they have not known. kandi ntibigeze bamenya inzira z’amahoro.
18 There is no fear of our Father before their eyes." Nta gutinya Imana kuri muri bo.”
19 We know whatever the law says applies to those under it, so every mouth is silenced and the whole world stands accountable to our Father. Noneho turazi ko ivyo ivyagezwe vyigisha biraba abaganzwa na vyo, kugira ngo ntihagire uwuronka ico yireguza kandi isi yose iboneke ko ikwiye gutsindwa n’urubanza rw’Imana.
20 No one is made right before him by works of the law; the law brings awareness of sin. Ni co gituma ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana ko agororotse, abihawe no kwubahiriza ivyagezwe. Igikorwa c’ivyagezwe ni ukutwerekana ko turi abanyavyaha.
21 But now, apart from the law, our Father's righteousness has been revealed, testified to by the Law and the Prophets. Ariko noneho, Imana yaraduhishuriye ingene dushobora kuronka ukugororoka kwayo tutisunze ivyagezwe, nk’uko Mose n’abavugishwa n’Imana babishingiye intahe mu gihe ca kera.
22 This righteousness of our Father comes through faith in Jesus Christ, to all who believe, for there's no distinction, Ukwizera Yesu Kristo ni kwo kwonyene gutuma twemerwa n’Imana ko tugororotse imbere yayo. Kandi ivyo Imana ibikorera uwizera Yesu Kristo wese, ata we ikumiriye.
23 since all have sinned and fall short of the glory of our Father, Kuko abantu bose baracumuye, bituma badashikira ubwiza bw’Imana.
24 and are justified freely by his grace through the redemption that is in Christ Jesus. Ariko Imana, mu buntu bwayo, itwemera ko tugororotse mu maso yayo biciye mu gucungurwa turonkera muri Kristo Yesu.
25 Our Father presented him as the atoning sacrifice, through faith in his blood, to show his righteousness, since in his patience he had passed over sins committed before, Imana yamutanze kugira ngo abe ikimazi, atange amaraso yiwe abe impongano y’ivyaha vy’uwo wese yemeye kumwizera. Imana yabikoze gutyo kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo, kuko yihanganiye abantu ntiyabahanira ibigabitanyo bakoze muri kahise.
26 to show his righteousness now, so he is both just and the justifier of whoever trusts in Jesus. Ivyo yabikoze kugira ngo yerekane ukugororoka kwayo muri iki gihe; kandi ubwo bugororotsi bwayo nyene irongera ikabwerekana mu gufata abanyavyaha bizeye Yesu Kristo ko babaye abagororotsi.
27 Where then is boasting? Excluded. By what law? Of works? No—by the law of faith. None twokwirata iki? Nta na kimwe! Kuko ukwemerwa n’Imana kwacu ntikuva ku kwubahiriza ivyagezwe, ariko kuva ku kwizera.
28 For we maintain that a person is justified by faith apart from works of the law. Ng’ibi rero ivyo tuvuga: umuntu yemerwa nk’umugororotsi imbere y’Imana biciye mu kwizera gusa, ntibiva ku kwubahiriza ivyagezwe.
29 Or is our Father the Father of Jews only? Not the Father of Gentiles too? Yes, of Gentiles too, Mbega, Imana ni iy’Abayuda gusa? Si n’iy’Abanyamahanga na bo? Egome, ni iy’Abanyamahanga na bo nyene.
30 since our Father is one, he will justify the circumcised by faith and the uncircumcised through faith. Hari Imana imwe gusa, kandi yemera abantu ko bagororotse biciye mu kwizera, baba Abayuda canke Abanyamahanga.
31 Do we cancel the law through this faith? Never—we confirm the law. None dushimikiye cane ku kwizera, tuba dushaka kwirengagiza ivyagezwe? Haba na mba! Ahubwo iyo twizeye tuba twemeje yuko ivyagezwe bivuga ukuri.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]