Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So you have no excuse, whoever you are, when you judge another—in judging them you condemn yourself, since you do the same things. None rero, wewe ushobora kwibaza ko wocira imanza abameze batyo, ariko na wewe umeze nka bo nta co wokwireguza. Kuko nimba ucira imanza abandi kandi ukora nk’ivyo bakora, na wewe uba wiciriye urubanza.
2 Now we know that our Father's judgment rightly falls on those who do such things. Twese turazi yuko urubanza Imana icira abakora nk’ivyo ari urw’ukuri.
3 Do you think, whoever judges others for such things while doing them yourself, that you'll escape our Father's judgment? None wewe ucira imanza abandi, kandi ukora nk’ivyo bakora, wibaza ko uzokira urubanza rw’Imana?
4 Or do you despise the riches of his kindness and restraint and patience, not realizing that our Father's kindness is meant to lead you to repentance? Canke ntubona ingene Imana igira neza, yihangana kandi idahaniraho? None ivyo nta co bikubwiye? Mbega ntubona ko mu kugira neza kwayo Imana ishaka kugushikana ku kwihana ivyaha vyawe?
5 But because of your hard, unrepentant heart, you are storing up wrath for yourself, for the day of wrath when our Father's righteous judgment will be revealed. Ariko kubera ufise umutima ukomantaye utagomba kwihana, uriko wikwegera guhanwa, ku musi w’uburake bw’Imana aho urubanza rwayo rugororotse ruzohishurirwa.
6 He will repay each person according to what they have done. Imana “izoha umuntu wese ingero ikwiranye n’ibikorwa yakoze.”
7 To those who through persistent good work seek glory, honor, and immortality, he will give eternal life. Izoha ubugingo budashira abashishikara gukora ivyiza, bakagira umwete mu kurondera ubwiza, icubahiro no kudapfa bitangwa na yo.
8 But those who are self-seeking, reject the truth, and follow wickedness face wrath and rage. Ariko izosuka uburake n’ubushangashirwe bwayo kuri abo bose birukira ivyo imitima yabo ihahamiye, batumvira ukuri, bagakurikira ikibi.
9 Trouble and distress for everyone who does evil—the Jew first, then the Greek, Ivyago n’imibabaro bizoshika ku muntu wese akora ibibi; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga.
10 but glory, honor, and peace for all who do good—Jew first, then Greek too. Ariko abakora ivyiza, bazohabwa ubwiza, icubahiro n’amahoro biva ku Mana; uhereye ku Muyuda ukageza ku Munyamahanga.
11 For our Father shows no favoritism. Kuko Imana idahengama ngo igire abo ikunda n’abo yanka.
12 Sinners without the law also perish without it; sinners under the law will be judged by it. Abacumura badafise ivyagezwe vya Mose bazohona ivyo vyagezwe bitarinze kurabwa, kandi abacumura bari musi y’ivyagezwe bazocirwa urubanza n’ivyo vyagezwe.
13 For not those who hear the law are righteous before our Father, but those who obey it will be justified. Kuko kwumva gusa ivyagezwe ntikutugira abagororotsi mu maso y’Imana, ahubwo kuvyumvira ni kwo kutugira abagororotsi mu maso yayo.
14 Indeed, when Gentiles, who do not have the law, do by nature what the law requires, the law is at work within them, even though they do not have the law. Abanyamahanga badafise ivyagezwe, iyo bakoze ivyo ivyagezwe bisaba, bamera nk’aho babifise mu mitima yabo, naho batabifise.
15 They show the law's work written on their hearts, their conscience bearing witness, and their conflicting thoughts accusing or defending them. Gutyo baba berekanye ko ivyagezwe vy’Imana vyanditswe mu mitima yabo. Kuko ijwi ryo mu mitima yabo n’ivyiyumviro vyabo bibagiriza iyo bariko barakora ibibi canke bikabahumuriza iyo bariko barakora ivyiza.
16 This happens on the day our Father judges everyone's secrets through Jesus Christ—so my gospel says. Nuko rero, ubu ni bwo Butumwa Bwiza mvuga: umusi uraje, aho Imana izocira imanza ivyo abantu bagize amabanga yabo, ibicishije kuri Yesu Kristo.
17 But if you call yourself a Jew, rely on the law, and boast in our Father, None kuri wewe bimeze gute? Wiyita Umuyuda, ukishimikiza ivyagezwe vy’Imana, ukishimira ko ufitaniye imigenderanire idasanzwe n’Imana.
18 if you know our Father's will and approve what is excellent because you are instructed by the law, Urazi ivyo Imana ishaka ko ukora, kandi urazi guhitamwo iciza kuko wigishijwe ivyagezwe.
19 if you're convinced you are a guide for the blind, a light for those in darkness, Wizigira ko uri indongozi y’impumyi, umuco w’abari mu mwijima,
20 a corrector of the foolish, teacher of the immature, holding in the law the shape of knowledge and truth. umwigisha w’abatagira ico bazi, n’umumenyereza w’abakiri bato. Uzi neza ko Ivyagezwe bishobora kuguha kumenya ukuri kwose.
21 You teach others—do you not teach yourself? You preach against stealing—do you steal? None, wewe ko wigisha abandi ni kuki utiyigisha nawe? Ko wigisha abandi ngo: Ntimukibe, ni kuki wiba?
22 You who tell others not to commit adultery—do you commit it? You who detest idols—do you rob temples? Ko wigisha abantu ngo ntibasambane, ni kuki usambana? Ko uvuga ko wanka ibigirwamana, ni kuki ukoresha ibikoresho vyibwe mu ngoro z’ibigirwamana?
23 You who boast in the law, do you dishonor our Father by breaking the law? Wishimira ko ufise ivyagezwe, ariko utukisha Imana mu kutabikurikiza.
24 As it is written: "Our Father's name is blasphemed among the nations because of you." Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ni mwebwe mutukisha izina ry’Imana mu Banyamahanga.”
25 Circumcision helps if you keep the law; break it, and your circumcision becomes being uncircumcised. Umugenzo w’Abayuda wo gukebwa ufise agaciro mu gihe umuntu yumvira ivyagezwe, ariko igihe atavyumvira nta co aba arushije uwutigeze akebwa.
26 So if the uncircumcised keep the law's requirements, won't their uncircumcision be counted as circumcision? Mbega abanyamahanga batigeze bakebwa nibumvira ivyagezwe, ntizobemera nk’ubwoko bwayo naho batigeze bakebwa?
27 The physically uncircumcised who keep the law will judge you who, with the letter and circumcision, break the law. Mu vy’ukuri, abanyamahanga batakebwe, ariko bagakora ivyo ivyagezwe bivuga, bazotuma mutsindwa n’urubanza mwebwe Abayuda mwakebwe kandi mufise Ivyanditswe ariko ntimuvyumvire.
28 For being a Jew isn't merely about the outside, nor circumcision merely about the body. Ikigira umuntu Umuyuda w’ukuri si ugukomoka ku bavyeyi b’Abayuda gusa kandi ugukebwa nyakuri si ukwo ku mubiri.
29 Rather, one is a Jew inwardly, circumcision being of the heart, by the Spirit, not the written code; that one's praise is not from people but from our Father. Ahubwo Umuyuda w’ukuri ni umuntu afise umutima utunganye imbere y’Imana, kandi ugukebwa nyakuri ni ukwo mu mutima. Ico ni igikorwa ca Mpwemu w’Imana, si igikorwa c’Ivyagezwe. Umuntu nk’uwo ashimwa n’Imana aho gushimwa n’abantu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]