Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, a servant of Christ Jesus, called to be an apostle, set apart for the gospel of our Father, Ndabandikiye jewe Pawulo, umugurano wa Kristo Yesu, nahamagariwe kuba intumwa, ntoranirizwa kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Imana,
2 the gospel he promised beforehand through his prophets in the holy Scriptures, ubwo yari yarasezeranye kuva kera ibicishije ku bavugishwa na yo, nk’uko biri mu Vyanditswe Vyera.
3 concerning his Son, who in his earthly life was descended from David, Ubwo Butumwa Bwiza bwerekeye Umwana wayo: mu buryo bw’umubiri yakomotse mu ruvyaro rw’umwami Dawidi,
4 and was declared to be the Son of our Father in power according to the Spirit of holiness by his resurrection from the dead—Jesus Christ our Lord. maze yerekanwa mu bushobozi ko ari Umwana w’Imana mu buryo bwa Mpwemu Yera, igihe yazuka mu bapfuye. Uwo ni Yesu Kristo Umwami wacu.
5 Through him we received grace and apostleship for the obedience of faith among all the nations, for his name's sake, Biciye muri Kristo, twagiriwe ubuntu bwo kuba intumwa mu Banyamahanga aho bari hose no kubabwira ivyo Imana yabakoreye, kugira ngo bayizere bongere bayumvire, maze biheshe icubahiro izina ryayo.
6 and you also are among those called to belong to Jesus Christ. Namwe abari i Roma muri bamwe muri abo Banyamahanga bahamagariwe kuba aba Yesu Kristo.
7 To all in Rome, loved by our Father and called his holy people: Grace to you and peace from our Father and the Lord Jesus Christ. Nuko rero ndabandikiye mwebwe ab’i Roma, mukundwa n’Imana kandi mwahamagariwe kuba abantu bayo bejejwe: Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe kuri mwebwe mwese.
8 First, I thank my Father through Jesus Christ for all of you, since your faith is reported worldwide. Imbere ya vyose, nagomba gushimira Imana yanje, ndabicishije kuri Yesu Kristo ku bwa mwebwe mwese, kuko ukwizera kwanyu kwamamaye mw’isi yose.
9 For our Father is my witness, whom I serve with my spirit in the gospel of his Son, that I constantly remember you in my prayers, Imana nkorera n’umutima wanje wose mu kuvuga Ubutumwa Bwiza bw’Umwana wayo, ni yo cabona ko ntahengeshanya kubibuka
10 asking that somehow by our Father's will I may now at last succeed in coming to you. igihe cose nsenze. Kimwe mu vyo nsengera, ni uko Imana, nimba bihuye n’ugushaka kwayo, yomfasha kugira ngo nshobore kuza kubaramutsa.
11 For I long to see you, to share a spiritual gift that strengthens you, Nipfuza kubagendera kugira ngo dusangire ingabire ziva kuri Mpwemu, zibakomeze mu Mwami.
12 that is, that we may be mutually encouraged by each other's faith, both yours and mine. Ico ngomba ni ukubonana namwe kugira ngo ndabatere intege mu kwizera, maze nanje nterwe intege n’ukwizera kwanyu.
13 I want you to know, brothers and sisters: I often planned to visit you, but was kept from it until now—to reap some harvest among you too, as among the rest of the nations. Bene Data, nshaka ko mumenya ko nagerageje kenshi kuza kubaramutsa, ariko ko bitarankundira kugeza n’ubu. Ngomba gukorana namwe kugira ngo ndonke ivyamwa vyo mu buryo bw’impwemu, nk’uko maze kubibona mu bandi Banyamahanga.
14 I'm obligated to Greeks and non-Greeks, to wise and foolish. Kuko ntegerezwa kwitaho bose, abantu bose; abateye imbere n’abadateye imbere, abize n’abatize.
15 So I am eager to preach the gospel to you also who are in Rome. Ni co gituma, mfise inyota yo kubabwira Ubutumwa Bwiza namwe ababa i Roma.
16 I'm not ashamed of the gospel—it is our Father's power for salvation to everyone who believes, to the Jew first, and also the Greek. Kuko Jewe Ubutumwa Bwiza ntibuntera isoni. Ni ubushobozi bw’Imana buzanira uwizeye wese agakiza, uhereye ku Muyuda ukageza ku Mugiriki.
17 For in it our Father's righteousness is revealed, from faith to faith, as it is written: "The righteous will live by faith." Ubwo Butumwa Bwiza buduhishurira ingene Imana itugira abagororotsi mu maso yayo, kandi ivyo tubihabwa n’ukwizera kwonyene; nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Umugororotsi azobeshwaho n’ukwizera.”
18 For our Father's wrath is revealed from heaven against all human godlessness and injustice, people who suppress the truth by injustice. Uburake bw’Imana bwarahishuwe buvuye mw’ijuru, ubwo irakira ukutayubaha kwose n’ububi bw’abantu, kuko mu ngeso zabo mbi bagwanya ukuri ngo ntikugaragare.
19 What can be known about our Father is evident to them, for he has made it evident to them. Yamara ibikenewe vyose kugira ngo bamenye Imana biragaragara mu maso yabo, kuko Imana ubwayo yabishize ahabona.
20 Since the world's creation, his invisible qualities—eternal power and divine nature—are clearly seen, understood from what he made. So they have no excuse. Kuva isi iremwa, ivyerekeye Imana bitabonwa n’aya maso: ubushobozi bwayo buhoraho, n’ubumana bwayo, biraboneka neza vyerekanywe n’ivyo yaremye. Ni co gituma ata muntu n’umwe afise ico yokwireguza.
21 Though they knew our Father, they didn't honor him as God or thank him—instead their thinking became empty, and their senseless hearts grew dark. Ariko naho bamenye Imana, ntibayubashe nk’Imana canke ngo bayishime uko bikwiye, ahubwo ivyiyumviro vyabo vyabandanije kuba bibi, imitima yabo itagira ubwenge yuzura umwijima.
22 Claiming to be wise, they became fools, Bavuga ko bafise ubwenge, ariko ni ibipfu.
23 and exchanged our immortal Father's glory for images shaped like mortal man and birds and animals and reptiles. Aho gusenga Imana y’icubahiro kandi idapfa, basenga ibishushanyo bibajwe bifise ishuho y’umuntu apfa, iy’inyoni, iy’ibikoko n’iy’ibikwega inda hasi.
24 So our Father gave them over to their hearts' desires, to impurity, dishonoring their bodies among themselves, Ivyo vyatumye Imana ibareka kugira ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza, gutyo bakoreranira ibikorwa bihumanya imibiri yabo.
25 because they traded the truth about our Father for a lie, worshiping and serving the creation instead of the Creator, who is blessed forever. Amen. Ukuri kwerekeye Imana bagukavye ikinyoma, basenga ivyaremwe baranabikorera mu kibanza c’Umuremyi, we abereye gushimwa ibihe vyose! Amen.
26 Because of this, our Father gave them over to shameful desires. Their women exchanged natural relations for unnatural ones. Ivyo ni vyo vyatumye Imana ibaheba ngo bakore ibiteye isoni imitima yabo yipfuza. Mbere n’abagore babo bataye ibanga ry’abubatse nk’uko Imana yaritegekanije, biyononesha gukoresha imibiri yabo mu buryo bunyuranye n’ubwo yaremewe.
27 Likewise, men too abandoned natural relations with women, burning with lust for each other—men committing indecency with men, and receiving in themselves the penalty their error deserved. N’abagabo na bo bahevye kuryamana n’abagore babo nk’uko Imana yabitegekanije, biyononesha kwipfuzanya hagati yabo. Abagabo bakoranye n’abandi bagabo ibiteye isoni, hanyuma bahabwa igihano gikwiranye n’ubuzimire bwabo.
28 Since they refused to keep our Father in their knowledge, he handed them over to an unfit mind, to do improper things. Kuko banse kumenya Imana, na yo yarabahevye irabareka ngo bakurikire ivyiyumviro vyabo bipfuye, bakore ivyo batari babereye gukora.
29 They were filled with all injustice, evil, greed, and malice; full of envy, murder, conflict, deceit, and spite; they are gossips, Ubuzima bwabo bwuzuyemwo ubukozi bw’ikibi bw’uburyo bwose, ukwipfuza ibintu, urwanko, ishari, ubwicanyi, gutongana, gusukana, guhendana, urusaku,
30 slanderers, haters of our Father, insolent, arrogant, boastful, inventors of evil, disobedient to their parents, kuvuga nabi abandi, kwanka Imana, gutukana, kwibona, kwishira hejuru, ubuhizi mu gukora ikibi, kugarariza abavyeyi,
31 foolish, faithless, heartless, ruthless. guhindagurika, kudashitsa ivyo bemeye, kugira imitima ikomantaye hamwe no kutagira impuhwe.
32 Though they know our Father's righteous decree that those who do such things deserve death, they not only do them but applaud those who do them. Kandi naho bazi ko Imana ihanisha urupfu abakora ivyo, ntibashishikara kubikora gusa, ahubwo bashima n’abandi babikora.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]