Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 28 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Once we were brought safely through, we learned that the island was called Malta. Tumaze kurokoka impore tugashika ku musenyi, duca tumenya ko iryo zinga ryitwa Malita.
2 Local people showed us unusual kindness: they lit a fire and welcomed us all, since rain had started and it was cold. Abantu baba kuri ryo batwakirana ubugwaneza budasanzwe, baducanira umucanwa kuko imvura yariko iragwa kandi hari hakanye.
3 When Paul gathered a bundle of sticks and put them on the fire, a viper came out from the heat and fastened onto his hand. Maze Pawulo yegeranya umukama w’inkwi awushira ku muriro, haca havamwo inzoka y’ikimata ibabuwe n’uwo muriro imukomora ku kuboko kandi ikumatako.
4 Seeing the creature hanging from his hand, the natives said to each other, "This man must be a murderer—though he escaped the sea, Justice won't let him live." Abantu bo muri iryo zinga babonye ico kiyoka cenena ku kuboko kwiwe, barabwirana bati: “Uwu muntu ategerezwa kuba ari umwicanyi, kuko raba n’aho yari akize ikiyaga, ubutungane bwo ntibumwereye ko abaho.”
5 But he shook the creature off into the fire and suffered no harm. Pawulo aca akunkumurira ico kiyoka mu muriro, kandi ubumara bwaco ntibwagira ico bumugira.
6 They expected him to swell up or suddenly fall dead. But after watching a long time and seeing nothing wrong happen to him, they changed their minds, calling him a god. Abantu bari biteze ko aca avyimba canke agapfa ubwo nyene. Ariko barindiriye umwanya muremure bakabona nta co abaye, baca barahindura batangura kuvuga ko Pawulo ari imana.
7 Near that place were estates belonging to the island's chief official, named Publius, who welcomed us and hosted us kindly for three days. Hafi y’aho hari itongo ry’umukuru w’iryo zinga yitwa Pubiliyo. Na we atwakirana ubugwaneza, aduha indaro, tuhamara imisi itatu.
8 Publius's father lay sick with fever and dysentery. Paul went in, prayed, laid hands on him, and healed him. Se wa Pubiliyo yari agwaye inyonko n’amacinya, arembeye ku buriri. Nuko Pawulo yinjira aho ari aramusengera amurambitseko ibiganza, aca arakira.
9 After this, the rest of the sick on the island came and were healed. Ivyo bibaye, abarwayi bose bo kuri iryo zinga baca baraza Pawulo arabasengera, barakira.
10 They paid us many honors, and when we sailed, loaded us with everything we needed. Maze ivyo bibaye, baduha icubahiro cinshi, hanyuma hageze ko tugenda badutekerera ivyo tuzokenera vyose mu rugendo.
11 After three months we sailed in an Alexandrian ship that had wintered at the island, marked with the Twin Brothers. Tuhamaze amezi atatu, duca twurira ubwato bwava muri Alegizanderiya bwari bwabujijwe kubandanya urugendo n’igihe c’imbeho nyinshi cane. Umutwe wabwo wariko ikimenyetso c’ibigirwamana vy’amahasa bibiri vyitwa Kasitori na Polugisi.
12 We put in at Syracuse and stayed there three days. Dushitse i Sirakusi tuhamara imisi itatu.
13 From there we sailed around and arrived at Rhegium. A day later a south wind rose, and on the second day we reached Puteoli. Tuhavuye, twaciye tubandanya dushika i Regiyo. Bukeye, umuyaga w’i bumanuko urahuhuta, maze mu misi ibiri tubona gushika i Puteyoli.
14 There we found brothers and sisters and were urged to stay with them seven days; so we came to Rome. Aho twahasanze bene Data, baca baratwakira badusaba ko twomarana na bo imisi indwi. Hanyuma turabandanya dushika i Roma.
15 The brothers and sisters there heard about us and came to meet us as far as the Forum of Appius and Three Taverns. Seeing them, Paul thanked our Father and took courage. Maze Bene Data baho bumvise ko dushitse, baca baraza badusanganirira ku Kaguriro kari kw’ibarara ryitiriwe Apiyusi, abandi badusanga ku Nzu Zitatu z’Ingenzi. Pawulo ababonye ashima Imana kandi ararema mu mutima.
16 When we entered Rome, Paul was allowed to stay by himself, with the soldier who guarded him. Dushitse i Roma, Pawulo ahabwa uruhusha rwo kuba mu nzu ya wenyene, ari kumwe n’umusoda amucunze.
17 Three days later he gathered the Jewish leaders. When they assembled, he said to them, "Brothers, though I'd done nothing against our people or our ancestors' customs, I was handed over as a prisoner from Jerusalem into Roman hands. Haheze imisi itatu, Pawulo atumako abarongozi b’Abayuda baho. Bamaze gukorana, Pawulo arababwira ati: “Bavukanyi, naho ata kibi nakoreye ubwoko bwacu canke ngo ndenge ku migenzo ya sogokuruza, ndi i Yerusalemu narafashwe, nshirwa mu minwe y’Abaroma.
18 After examining me, they wanted to release me, since I had no charge deserving death. Bamaze gutohoza neza ivyanje, bipfuza kundekura kuko ata kibi na kimwe canyagira cari gutuma nicwa.
19 When the Jews objected, I was forced to appeal to Caesar—though I had no charge to bring against my nation. Maze mbonye ko Abayuda banse ingingo yo kundekura, nca nitwara kuri Kayisari. Ariko ntivyari bitumwe nuko ngomvye kuburanya ubwoko bwanje.
20 That's why I asked to see and speak with you—I wear this chain because of Israel's hope." Ni co gituma nabinginze ngo muze kugira ngo tuganire, ndabamenyeshe ko mbohewe ivyizigiro ubwoko bw’Abisirayeli bwari bwiteze.”
21 They said to him: "We received no letters from Judea about you, nor has any brother who came reported or said anything bad about you. Baca baramwishura bati: “Nta kete na rimwe twigeze turonka rivuye i Yudaya rivuga ivyawe, kandi nta wo muri benewacu n’umwe yaje ava hariya ngo atubwire ikibi na kimwe kuri wewe.
22 We'd like to hear what you think, since we know this sect is spoken against everywhere." Ariko twashaka kukwiyumvira utubwire ivyo wizera, kuko turazi ko ahantu hose bavuga nabi uwo mugwi w’idini urimwo.”
23 They set a day and came to his lodging in greater numbers. From morning to evening he explained, testifying about the kingdom of our Father and trying to persuade them about Jesus from the Law of Moses and the Prophets. Baca bashinga uwundi musi bazobonanirako, hanyuma baza ari benshi bamusanga mu nzu yabamwo. Kuva mu gitondo gushika mw’ijoro, arabasigurira yongera abemeza ivy’Ubwami bw’Imana, agerageza kubatahuza ivya Yesu Kristo akoresheje ibitabu vy’Ivyagezwe vya Mose n’ivy’abavugishwa n’Imana.
24 Some were convinced by what he said, but others would not believe. Bamwe bemera ivyo ababariye, abandi banka kuvyizera.
25 Disagreeing among themselves, they left after Paul added one final word: "The Holy Spirit spoke rightly to your ancestors through Isaiah the prophet, saying, Nuko hagera ko bataha bagiharira, hanyuma Pawulo ababwira ijambo ryo kubasezera ati: “Mpwemu Yera yavuga ukuri igihe yavuga kuri ba sogokuruza banyu, avugishije Yesaya ati:
26 "'Go to this people and say: You will indeed hear but never understand, and you will indeed see but never perceive. ‘Genda ubwire ubwo bwoko uti: Kwumva muzokwama mwumva ariko ntimuzokwigera mutahura, kuraba muzokwama muraba ariko ntimuzokwigera mubona.
27 For this people's heart has grown dull, and their ears are hard of hearing, and they have closed their eyes—otherwise they might see with their eyes, and hear with their ears, and understand with their heart, and turn, and I would heal them.' Kuko imitima y’ubu bwoko ikomantaye; amatwi yabo ntashobora kwumva, kandi amaso yabo barayahumiriza. Ahandi ho bobonesheje amaso yabo, bakumvisha amatwi yabo, bagatahurisha imitima yabo, maze bagahindukira nanje nkabakiza.’
28 So know: our Father's salvation was sent to the nations—they will listen." Nuko rero nimumenye ko ako gakiza k’Imana n’Abanyamahanga bagashikirijwe, kandi bo bazokakira.” [
29 Not in this edition Abayuda bumvise ayo majambo, basubira inyuma bayaharirako cane.]
30 He stayed two whole years in his own rented place and welcomed all who came to him, Pawulo aca amara imyaka ibiri yibana mu nzu akose, akama yakira abaza kumuraba bose.
31 proclaiming our Father's kingdom and teaching about the Lord Jesus Christ, boldly and unhindered. Yama yigisha ivy’Ubwami bw’Imana n’ivya Yesu Kristo, ashize amanga rwose kandi ata ntambamyi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]