Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Acts 27 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Once it was decided we would sail to Italy, they handed Paul and some other prisoners to a centurion named Julius of the Imperial Cohort. Bamaze gufata ingingo ko tuja mu Butaliyano n’ubwato, Pawulo be n’izindi mbohe bashikirizwa umukuru w’abasoda ijana yitwa Juliyusi, yari umwe mu basoda bakuru bo mu muce w’abacungera ubuzima bwa Kayisari.
2 We boarded a ship from Adramyttium bound for the ports along the coast of Asia and put out to sea. Aristarchus, a Macedonian from Thessalonica, was with us. Nuko twurira ubwato bwava muri Aduramutiyo bugaca ku bivuko vyo mu ntara ya Aziya, turagenda. Kandi Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike twari kumwe.
3 The next day we docked at Sidon. Julius treated Paul kindly, letting him go to friends for care. Ku musi ukurikira twururukira i Sidoni. Pawulo agira ikiganza ciza kuri Juliyusi, amwemerera kuja ku bagenzi biwe kugira ngo bamufashe mu vyo akeneye.
4 From there we put to sea and sailed along Cyprus's sheltered side, since the winds opposed us. Tuvuye aho, duca tugendera hafi y’izinga rya Kupuro kugira ngo twikingire umuyaga kuko wari uduturutse imbere.
5 Having sailed across the open sea off Cilicia and Pamphylia, we came to Myra in Lycia. Tumaze kurengana akarere kari hagati ya Kilikiya na Pamfiliya, duca twururukira i Mura muri Lukiya.
6 There the centurion found an Alexandrian ship sailing for Italy and put us aboard it. Wa mukuru w’abasoda ijana aca asanga hari ubwato bwo muri Alegizanderiya buja mu Butaliyano, aca arabutwuriza.
7 Sailing slowly for many days, we barely reached Cnidus. Since the wind blocked us, we sailed along the sheltered side of Crete, off Salmone. Nuko tumara imisi itari mike tugenda bukebuke, dushika i Kinida bitugoye cane. Umuyaga utubujije kubandanya, duca tugenda twegereye uruhande rw’izinga rya Kireti rurabana n’i Salumone kugira ngo twikingire umuyaga.
8 Barely coasting along, we reached Fair Havens, a place near the town of Lasea. Nuko tugenda twisunze urwo ruhande bitugoye, dushika ahantu hitwa Ibivuko Vyiza, hafi y’igisagara citwa Laseya.
9 Much time was lost—even the Fast had passed, making sailing dangerous now. So Paul warned them, Aho twahataye umwanya munini, kandi kubandanya urugendo kwari nk’ukwiheba kuko hari inyuma y’umusi mukuru w’impongano. Pawulo aburira abantu ati:
10 "Men, I see this voyage will bring disaster and heavy loss—not only to the cargo and ship, but also to our lives." “Bagenzi, ndabona ko uru rugendo ruja kubamwo ingorane nyinshi, n’ubuhombe bwinshi ku bwato, ku vyo butwaye, ndetse no ku buzima bwacu.”
11 But the centurion trusted the pilot and shipowner more than Paul's words. Ariko wa mukuru w’abasoda ijana aho kwumviriza Pawulo, yumviriza uwugendesha ubwato na nyenebwo.
12 Since the harbor was unfit for winter, most decided to sail on, hoping somehow to reach Phoenix, a Crete harbor facing southwest and northwest, and winter there. Kubera bitari vyoroshe kumara muri ico kivuko igihe cose c’imbeho nyinshi cane cari kigiye kuza, benshi mu bari mu bwato bahitamwo ko twobandanya, kugira ngo bishobotse tumare ico gihe i Foyinike. Foyinike cari ikivuko c’i Kireti caraba mu bumanuko bushira uburengero no mu buraruko bushira uburengero.
13 When a south wind blew gently, thinking they'd gained their purpose, they weighed anchor and sailed close along Crete. Akayaga gakeya gaturuka mu bumanuko gahuhuse, baca bibaza ko urugendo ruja kugenda neza. Baca batangura gusoza bagendera hafi y’izinga rya Kireti.
14 But before long, a hurricane-force wind called the Northeaster swept down from the island. Tutarashika kure, haduka igihuhusi gikomeye citwa Ewulakuloni kiza giturutse kuri iryo zinga.
15 The ship was caught and couldn't face the wind, so we gave way and drifted. Maze ubwato butangirwa n’umuyaga, ntivyakunda ko bubandanya. Duca turareka umuyaga udutwara iyo ushaka.
16 Running under a small island called Cauda, we barely managed to secure the ship's lifeboat. Duca tugenda twegereye izinga rito ryitwa Kawuda kugira ngo dushobore kwikinga umuyaga, twiyegereza akato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka bitugoye cane.
17 Once hoisted aboard, they used ropes to brace the hull. Fearing they'd run aground on Syrtis's sandbars, they lowered the sea anchor and were driven along. Bamaze kukaduza mu bwato, baca bakabohesha imigozi. Kubera batinya ko bwohava bubajana mu musenyi ushaya w’ahitwa Suriti muri Libiya, baca barekurira mu kiyaga icuma kiremereye kiboheye ku migozi, hanyuma barareka umuyaga ukubeba ubwato ubujana iyo ushaka.
18 The storm battered us so violently that the next day they began throwing cargo overboard. Nuko tuba muri ako kaga ko kuzungagizwa n’ibihuhusi kugeza aho ku musi ukurikira batangura guta mu mazi bimwe mu vyari mu bwato.
19 On the third day, with their own hands they threw the ship's gear overboard. Ku musi ugira gatatu, bo nyene baterera mu mazi ibikoresho bimwebimwe ubwato bukenera.
20 For many days sun and stars didn't appear, the fierce storm kept raging, and we finally lost all hope of being saved. Haheze imisi myinshi ata zuba canke inyenyeri tubonye, kandi imipfunda iguma isuriranya, tugera aho dutakaza ivyizigiro vyo gukira.
21 After they had gone a long time without food, Paul stood among them and said, "Men, you should have obeyed me and not sailed from Crete; then you would have spared yourselves this disaster and loss. Haheze igihe abantu ata co barya, Pawulo ahagarara imbere yabo avuga ati: “Bagenzi, mwari mukwiye kunyumviriza, mukareka kuva i Kireti. Gutyo mwari kuba mwirinze aka kaga n’uru ruhombo.
22 Now I urge you to stay encouraged: none of you will lose your life, only the ship will be lost. Ubu rero ndabasavye mugumye imitima, kuko ata n’umwe muri mwebwe azotakaza ubuzima; ubwato bwonyene ni bwo buzosaba.
23 Last night an angel of our Father—the one I belong to and serve—stood beside me, Muri iri joro nyene, umumarayika w’Imana nitirirwa kandi nkorera, yampagaze i ruhande
24 and said, 'Don't be afraid, Paul. You must stand before Caesar, and look—our Father has given you the lives of all sailing with you.' ambarira ati: ‘Ntutinye Pawulo we! Utegerezwa kuzoburanira imbere ya Kayisari; kandi kubera wewe, Imana izozigama ubuzima bw’abo muri kumwe bose.’
25 So take courage, men—I trust our Father: it will be just as I was told. Nuko rero bagenzi, nimugumye imitima, kuko ndizera ko Imana izobishitsa nk’uko yabimbwiye.
26 But we must run aground on some island." Ariko rero, hariho izinga rimwe ubu ubwato buzosabirako.”
27 On the fourteenth night, still driven across the Adriatic Sea, the sailors sensed near midnight that land was approaching. Mw’ijoro ry’umusi ugira cumi na kane, twari tugikubebwa n’umuyaga mu Kiyaga ca Adiriya. Nko mu gicugu, abagendesha ubwato bumva ko umenga turegereje umusozi.
28 They sounded and found 120 feet; going a little farther, they sounded again and found ninety feet. Bagera uburebure bw’amazi gushika hasi musi y’ubwato, basanga ni nk’ingero ijana na mirongo ibiri. Haheze akanya barasubira basanga ni nk’ingero mirongo icenda.
29 Afraid of hitting rocks, they dropped four anchors from the stern and prayed for daylight. Batinye ko ubwato bwohava bwiseka ku mabuye, baca barekurira mu mazi ivyuma bine biremereye biboheye ku migozi bibuza ubwato kugenda bibohewe ku bwato inyuma, bipfuza kubona bukeye.
30 The sailors tried to escape from the ship, lowering the lifeboat into the sea, pretending to run out anchors from the bow. Maze abatwara ubwato bagerageza gutoroka ngo babuvemwo, bururutsa ka kato ko kwifashisha mu gihe c’impanuka, babesha ngo bagiye kurekurira mu mazi ivyuma vy’imbere na vyo.
31 Paul told the centurion and soldiers, "Unless these men stay in the ship, you can't be saved." Maze Pawulo abwira wa mukuru w’abasoda ijana ati: “Abo batagumye mu bwato ntimushobora kurokoka.”
32 So the soldiers cut the ropes holding the lifeboat and let it drift away. Maze abasoda baca bacagagura imigozi yari iboshe ako kato gaca gakorokera mu kiyaga karatwarwa.
33 Just before dawn, Paul urged everyone to eat, saying, "This is the fourteenth day you've waited anxiously, without food, having eaten nothing. Bugiye guca, Pawulo yinginga abantu bose ngo bagire ico barya. Ababwira ati: “Raba haciye imisi cumi n’ine mwihebuye ata co mutamira.
34 So I urge you to eat—this is for your survival. Not a hair from any of your heads will be lost." None rero ndabasavye murabe ico murya, kugira ngo mubeho; kuko nta n’umwe muri mwebwe azotakaza n’agashatsi ko ku mutwe wiwe.”
35 Saying this, he took bread, thanked our Father before them all, broke it, and began to eat. Avuze ivyo, afata umukate awushimira Imana imbere yabo, arawumanyagura, aca atangura kurya.
36 They were all encouraged and ate some food themselves. Bose baca bararema, na bo batangura kurya.
37 Altogether there were 276 of us on board. Abari muri ubwo bwato twese hamwe twari abantu amajana abiri na mirongo indwi na batandatu.
38 Once satisfied with food, they lightened the ship by tossing the grain into the sea. Bamaze kurya bagahaga, baca bata ingano mu kiyaga kugira ngo baremurure ubwato.
39 At daylight they did not recognize the land, but noticed a bay with a sandy beach, and planned, if possible, to run the ship aground there. Bukeye ntibashobora kumenya iyo ntara barimwo iyo ari yo, ariko babonye ahantu hari umusenyi ku nkengera y’ikiyaga, bafata ingingo yo gutumberezayo ubwato ngo babuhagarikeyo hamwe bibashobokeye.
40 They cut the anchors loose, leaving them in the sea, and at the same time untied the rudder ropes. Then they hoisted the foresail to the wind and headed for the beach. Nuko bacagagura ya migozi yari ifashe vya vyuma, babirekurira mu mazi, babohora n’imigozi yari iboshe ingafe, baduza igihuzu c’imbere kugira ngo umuyaga usunike ubwato ubujana imbere, basoza batumbereye ku musenyi wo ku nkengera.
41 But hitting a sandbar where two currents met, they ran the ship aground—the bow stuck fast, unmoving, while the waves' force broke the stern apart. Ariko ubwato buca bwiseka mu musenyi mwinshi burahagarara, umutwe wabwo uruma mu musenyi, igihande c’inyuma na co kirasaba kubera imipfunda yacisekako n’inkomezi nyinshi.
42 The soldiers planned to kill the prisoners so that none of them could swim away and escape. Abasoda baca baja inama yo kwica imbohe zose kugira ngo ntihagire izoga ngo zihunge zibacike.
43 But the centurion, wanting to save Paul, stopped them from their plan, and ordered those who could swim to jump in first and get to shore, Ariko kubera wa mukuru w’abasoda ijana yashaka gukingira Pawulo, ababuza kubikora. Aca ategeka ko abazi kwoga bobanza bagasimbira mu mazi bagashika impore i musozi.
44 and the rest—some on planks, some on ship debris. So everyone reached land safely. Abasigaye baca bogera ku mbaho n’ibimanyu vy’ubwato, gutyo bose bashika impore i musozi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]