Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I commend to you our sister Phoebe, who is a servant of the church at Cenchreae, Ndafise ivyiza mvuga kuri mwene Data Foyibe, umudiyakonikazi mu rusengero rw’i Kenkireya.
2 so that you may welcome her in the Lord as befits our Father's people, and help her with whatever she needs from you—she has supported many, myself included. Ndabasavye muze mumwakire mw’izina ry’Umwami wacu nk’uko bibereye abera b’Imana. Muze mumufashe mu vyo azokenera vyose, kuko yagiriye ikimazi benshi na canecane jewe.
3 Greet Prisca and Aquila, my fellow workers in Christ Jesus, Muntahirize Pirisila na Akwilasi, abakoranye nanje igikorwa ca Kristo Yesu.
4 who risked their own necks for my life—not only I thank them, but all the Gentile churches do too. Ni kenshi bahatswe gupfa bagomba gukiza ubuzima bwanje. Ivyo, si jewe jenyene ndabibashimira, ariko ni amashengero yose y’Abanyamahanga.
5 Greet also the church gathering in their home. Greet my dear Epaenetus, firstfruit of Asia for Christ. Muntahirize ishengero rikoranira mu nzu yabo. Muntahirize umukunzi wanje Epayineto, uwabaye uwa mbere mu bizeye Yesu Kristo mu ntara ya Aziya.
6 Greet Mary, who has worked hard among you. Muntahirize Mariya, yitanze cane mu gukorera mwebwe.
7 Greet Andronicus and Junia, my fellow Jews and fellow prisoners, notable among the apostles and in Christ before me. Muntahirize Anduroniko na Yuniya, Abayuda bagenzanje twabanye mw’ibohero. Ni abantu bubashwe cane mu zindi ntumwa kandi barantanze kwizera Kristo.
8 Greet Ampliatus, my beloved in the Lord. Muntahirize Ampuliyato, umukunzi wanje mu Mwami wacu.
9 Greet Urbanus, our fellow worker in Christ, and my beloved Stachys. Muntahirize Uribano, uwo dusangiye igikorwa muri Kristo, na Sitakusi nkunda cane.
10 Greet Apelles, who is approved in Christ. Greet those who belong to the household of Aristobulus. Muntahirize Apelesi, umugabo yagaragaje ko ari umwizigirwa kuri Kristo. Kandi muntahirize abo mu nzu kwa Arisitobulo.
11 Greet Herodion, my fellow Jew. Greet those in the household of Narcissus who are in the Lord. Muntahirize Herodiyoni, Umuyuda mugenzanje. Muntahirize abo mu nzu kwa Narasisi bizera Umwami Yesu.
12 Greet Tryphaena and Tryphosa, workers in the Lord. Greet my beloved Persis, who has worked hard in the Lord. Muntahirize Tirifina na Tirifoza, bitanze cane mu gukorera Umwami. Muntahirize kandi n’umukunzi wanje Peresi, yitanze cane mu gukorera Umwami.
13 Greet Rufus, chosen in the Lord, and his mother and mine. Muntahirize Rufusi, yatoranijwe mu Mwami, hamwe na nyina kandi nanje yahavuye ambera mama.
14 Greet Asyncritus, Phlegon, Hermes, Patrobas, Hermas, and the brothers and sisters who are with them. Muntahirize Asinkirito, Fulegoni, Heremesi, Patorobasi, Herumasi na bene Data bari kumwe na bo.
15 Greet Philologus, Julia, Nereus and his sister, and Olympas, and all our Father's people with them. Muntahirize Filologo, Yuliya, Nerewusi na mushikiwe, hamwe na Olumpa na bene Data bose bari kumwe na bo.
16 Greet one another with a holy kiss. All the churches of Christ greet you. Muramukanye mu kugumbirana kwera. Amashengero yose ya Kristo arabatasha.
17 Brothers and sisters, I urge you: watch for those causing division and obstacles, against the teaching you learned, and turn away from them. Bene Data, ndabinginga ngo mwirinde ababigisha inyigisho zo kubacanishamwo no kuzimiza abizera zitandukanye n’izo mwigishijwe. Abameze gutyo mubigireyo.
18 For such people do not serve our Lord Christ but their own appetites, deceiving the unsuspecting's hearts with smooth talk and flattery. Kuko abakora ivyo, ntibariko bakorera Umwami wacu Kristo, ahubwo bakorera inyungu zabo gusa. Amajambo yabo yo kuryosharyosha hamwe n’imvugo nziza, ni vyo bahendesha abantu b’imitima yoroshe.
19 Your obedience has reached everyone, so I rejoice over you; but I want you wise about what is good, innocent about what is evil. Ariko abantu bose barazi ko mwumvira Umwami Yesu, kandi ivyo birampimbara cane. Ndagomba ko muba abanyabwenge mu kumenya ivyiza, ariko mu bibi mube nk’abatagira ico bazi.
20 Our Father of peace will soon crush Satan under your feet; our Lord Jesus Christ's grace be with you. Kandi Imana, itanga amahoro izofyonyorera vuba Satani musi y’ibirenge vyanyu. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu bubane namwe.
21 Timothy, my fellow worker, greets you; so do Lucius, Jason, and Sosipater, my fellow Jews. Timoteyo, uwo dukorana, arabaramutsa, co kimwe na Lukiyo, Yasoni na Sosipateri Abayuda bagenzanje.
22 I, Tertius, who wrote down this letter, greet you in the Lord. Nanje Terutiyo, nafashije Pawulo kwandika iri kete, ndabaramukije mw’izina rya Yesu.
23 Gaius, host to me and the whole church, greets you. Erastus, the city treasurer, and our brother Quartus also greet you. Gayo, ampaye indaro hamwe n’ishengero ryose rikoranira iwe barabaramutsa. Erasito, umunyabigega w’igisagara, hamwe na mwene Data Kwarito barabaramutsa. [
24 Not in this edition Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane namwe mwese. Amen.]
25 Now to him who can strengthen you—by my gospel and the proclamation of Jesus Christ, by the revealing of the mystery hidden for long ages past, Imana, yo ishobora kubakomeza mu kwizera, nk’uko Ubutumwa nahawe buvuga ihabwe icubahiro. Ubwo Butumwa buvuga Yesu Kristo kandi bwerekana umugambi Imana ifise kuri mwebwe abanyamahanga, wari waragizwe ibanga kuva kera.
26 but now revealed and made known through prophetic writings, by command of our eternal Father, to bring all nations to the obedience of faith, Ariko nk’uko abavugishwa n’Imana bari barabivuze kandi nk’uko Imana Ihoraho yari yarabitegetse kuva kera, ubwo butumwa bwarahishuwe kugira ngo abanyamahanga aho bari hose, na bo bashobore kuyizera no kuyumvira.
27 to our only wise Father, through Jesus Christ, be the glory forever! Amen. Icubahiro cose kibe ic’Imana yo nyene ubwenge bwose, ibihe vyose mw’izina rya Yesu Kristo! Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]