Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 We who are strong must carry the weaknesses of the weak, and not please ourselves. Twebwe abakomeye mu kwizera dukwiye kwihanganira abadakomeye mu kwizera, ntiturondere ibitunezereza gusa.
2 Let each of us please his neighbor for his good, to build him up. Dukwiye gufasha bagenzi bacu gukora ibibereye mu ntumbero yo kubafasha gukura mu kwizera.
3 For even Christ did not please himself; as it is written, "Insults of those insulting you fell on me." Na Kristo ubwiwe ntiyabayeho arondera kwinezereza. Ahubwo, Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Ibitutsi abantu bagututse, vyose vyashikiye kuri jewe.”
4 Everything written before was written to teach us, so that through endurance and through Scripture's encouragement we might have hope. Kuko ivyanditswe kera vyose vyanditswe kugira ngo bitwigishe. Bidushoboza kwihangana, bikadutera n’intege kugira ngo dushobore kwizigira ko Imana izoshitsa ivyo yasezeranye.
5 May our Father, who gives endurance and encouragement, give you harmony with each other, according to Christ Jesus, Imana, yo iduha kwihangana ikadutera intege, ibahe guhuza umutima n’inama nk’uko bibereye abakurikira Kristo Yesu,
6 so that together, with one voice, you glorify our Father, the Father of our Lord Jesus Christ. kugira ngo mwese hamwe muhimbaze Imana Se w’Umwami wacu Yesu Kristo n’umutima umwe n’ijwi rimwe.
7 Therefore welcome one another, as Christ also welcomed you, for the glory of our Father. Nk’uko Kristo yabakiriye, namwe abe ari ko mwakirana kugira ngo biheshe Imana icubahiro.
8 For I tell you Christ became a servant to the circumcised, to show our Father's truthfulness and confirm the promises to the ancestors, Mwibuke ko Kristo yaje ari uwukorera Abayuda kugira ngo abereke ko Imana ari umwizigirwa ku masezerano yasezeraniye ba sekuruza.
9 and that the nations might glorify our Father for his mercy, as it is written, "Therefore I will praise you among the nations, and sing to your name." Vyongeye, yazanywe no kugira ngo n’Abanyamahanga na bo bahabwe akaryo ko guhimbaza Imana kubera imbabazi zayo, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga ngo: “Ni co gituma nzogutazira mu Banyamahanga; nzotazira izina ryawe mu ndirimbo.”
10 And again it says, "Rejoice, nations, with his people." Ivyanditswe birabandanya bikavuga ngo: “Yemwe Banyamahanga, nimunezeranwe n’ubwoko bwayo.”
11 And again, "Praise our Father, all you nations, and let all the peoples praise him." Ahandi na ho bikavuga biti: “Nimutazire Uhoraho, yemwe Banyamahanga mwese, namwe mahanga, nimumushire hejuru.”
12 Again Isaiah says: "Jesse's root will come, rising to rule the nations; the nations will hope in him." Ahandi na ho Yesaya yavugishijwe ati: “Uwukomoka kuri Isayi azoza; azohaguruka kugira ngo aganze amahanga; muri we ni ho Abanyamahanga bose bazoshira ivyizigiro.”
13 May our Father, the source of hope, fill you with all joy and peace through faith, so by the Holy Spirit's power you overflow with hope. Imana, yo itanga ivyizigiro, ibuzuze umunezero n’amahoro kuko muyizera, kugira ngo murushirize kwizigira amasezerano yayo mubishobojwe na Mpwemu Yera.
14 I'm convinced about you, my brothers and sisters, that you yourselves are full of goodness, filled with all knowledge, and able to instruct one another. Bene Data, jewe ubwanje ndazi neza ntakekeranya ko mwuzuye ineza n’ubumenyi bwose kandi ko mushoboye kwigishanya.
15 But I've written to you rather boldly on some points, reminding you, because of the grace our Father gave me, Ariko ndabandikiye kuri bimwebimwe nshize amanga nk’uwubibutsa kubera ubuntu Imana yangiriye
16 to be Christ Jesus's minister to the nations, a priest of our Father's gospel, so the nations' offering would be acceptable, made holy by the Holy Spirit. bwo kuba intumwa ya Kristo Yesu mu Banyamahanga. Ndababwira Ubutumwa Bwiza kugira ngo ndabashikanire Imana nk’ikimazi cemerwa na yo, cejejwe na Mpwemu Yera.
17 In Christ Jesus, then, I have reason to boast of my work for our Father. Ndafise rero imvo zituma nezerererwa igikorwa nkorera Imana muri Kristo Yesu.
18 For I will not dare speak of anything except what Christ has done through me to bring the nations to obedience, by word and deed. Yamara rero nta kintu mfise nokwirata kiretse ico Kristo yankoresheje mu majambo no mu bikorwa, kugira ngo nshikane Abanyamahanga ku kwumvira Imana.
19 By the power of signs and wonders, by the power of the Spirit of our Father, I have fully proclaimed the gospel of Christ from Jerusalem all the way around to Illyricum. Abo bemejwe n’ubushobozi bwagaragariye mu bitangaza n’utwumiza hamwe n’ubushobozi bwa Mpwemu w’Imana. Uko ni ko navuze Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kuva i Yerusalemu kugeza nshitse muri Ilurikumu.
20 So I make it my aim to preach the gospel where Christ hasn't been named, so I wouldn't build on someone else's foundation, Ico namye nipfuza kwari ukuvuga Ubutumwa Bwiza ahantu izina rya Kristo ritarigera rivugwa, kugira ngo sinubake ku rufatiro rwashizweho n’uwundi muntu.
21 but as it is written: "those never told about him will see, and those who haven't heard will understand." Nakoze nisunze iri jambo ryo mu Vyanditswe Vyera rivuga riti: “Abatigeze bumva ivyiwe, bazomubona; kandi abatigeze bamwumva, bazotahura ivyiwe.”
22 This is why I have so often been hindered from coming to you. Icatumye nteba kuza iwanyu, ni uko nariko ndavuga Ubutumwa muri izo ntara.
23 But now, with no more room to work in these regions, and having longed for many years to come to you, Ubu rero ko nahejeje ibikorwa nahora nkorera muri izo ntara nkaba nari maze iyi myaka yose ndindiriye, ndipfuza cane kubagendera.
24 I hope to see you in passing on my way to Spain, and have you send me on my way there, once I've enjoyed your company for a while. Ndiko ndategura kuja muri Esupanye maze mpite ndabaramutsa. Nitwamarana inkumbu, muzoheza mumfashishe ivya nkenerwa kugira mbandanye urugendo.
25 But for now I am going to Jerusalem, bringing aid to our Father's people. Ariko imbere yo kuza, nzobanza kuja i Yerusalemu gushikiriza bene Data baho imfashanyo.
26 Macedonia and Achaia gladly made a contribution for the poor among our Father's people in Jerusalem. Amashengero y’i Makedoniya no muri Akaya yahimbawe no kwegeraniriza imfashanyo abakene bo mu bizera b’i Yerusalemu.
27 They were glad to do it, and indeed they owe it. For since the nations shared in Israel's spiritual blessings, the nations owe Jerusalem's people material support in return. Ivyo babikoranye umunezero, ariko mu vy’ukuri bari babafitiye umwenda, kuko Abanyamahanga baronse umugisha wo mu buryo bw’impwemu uvuye ku Butumwa Bwiza bashikirijwe n’abizera b’i Yerusalemu. Ni co gituma na bo bahisemwo kubafashisha ku vy’ubutunzi bwabo.
28 So after finishing this and safely delivering this collection to them, I'll leave for Spain through you. Ninaheza ico gikorwa co kubashikiriza iyo mfashanyo, nzoheza mpite ndabaramutsa ngiye muri Esupanye.
29 I know that coming to you, I'll come with Christ's full blessing. Kandi ndazi neza ko aho nzozira tuzosangira umugisha wa Kristo wuzuye.
30 Brothers and sisters, by our Lord Jesus Christ and the Spirit's love, I urge you to strive together with me in your prayers to our Father for me, Ariko bene Data, ndabinginga mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo no mu rukundo rwa Mpwemu Yera ngo mumfashe kugwana intambara mu masengesho.
31 that I may be rescued from Judea's unbelievers, and my service for Jerusalem may please our Father's people, Munsengere kugira ngo Imana ize indinde abatizera b’i Yudaya, kandi n’abizera na bo b’i Yerusalemu baze bemere imfashanyo ndabashiriye.
32 so that, by our Father's will, I may come to you with joy and rest together with you. Maze, Imana ibishatse, nzoheza nze iwanyu nuzuye umunezero, gutyo nduhurwe no kubana namwe.
33 May our Father, the source of peace, be with you all. Amen. Imana, yo itanga amahoro, ibane namwe mwese. Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]