Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Romans 14 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now accept the one who is weak in faith, but not to argue about their opinions. Mwakire mwene Data wundi atarakomera mu kwizera, ntimumucire urubanza ku vyo atarasobanukirwa neza.
2 One person has faith to eat anything, while the one who is weak eats only vegetables. Nk’akarorero, uwukomeye mu kwizera ashobora kurya indya zose. Uwundi na we, kubera atarakomera mu kwizera, agahitamwo kurya imboga gusa.
3 The eater must not look down on the non-eater, and the non-eater must not judge the eater, for our Father has accepted him. Uwushobora kurya indya zose, ntakwiye gukengera uwutarya zose, kandi uwutarya indya zose, ntakwiye gukengera uwurya zose, kuko na we nyene Imana yaramwakiriye.
4 Who are you to judge another's servant? Before his own master he stands or falls; he will stand—the Lord can make him stand. Uri nde wewe ucira imanza umukozi w’uwundi muntu? Akoze neza canke nabi, ivyo biraba shebuja. Kandi noneho azokora neza kuko Umwami Imana afise ubushobozi bwo kumukomeza.
5 One judges a day above another; another, every day alike. Each must be fully convinced in his own mind. No ku vyerekeye imisi, hari uwiyumvira ko hari umusi wejejwe kuruta iyindi, uwundi akiyumvira ko yose ingana ku bijanye no gusenga Imana. Umuntu wese akwiye kumenya neza ivyo yizera ku giti ciwe.
6 Whoever observes the day observes it for the Lord. Whoever eats, eats for the Lord, since he thanks our Father; whoever abstains, abstains for the Lord, and thanks our Father. Uwubahiriza umusi kanaka abikora ahesha icubahiro Imana. Uwurya indya zose abikora ahesha icubahiro Imana, kuko abikora ayishimira. N’uwirinda kurya bimwebimwe na we nyene abikora ahesha icubahiro Imana kandi abiyishimira.
7 For none of us lives for himself, and none of us dies for himself. Erega nta muntu n’umwe muri twebwe abaho canke apfa ku bwiwe.
8 If we live, we live for the Lord; if we die, we die for the Lord. Living or dying, we belong to the Lord. Nimba turiho, tubayeho kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Kandi nimba dupfuye, dupfa kugira ngo duheshe icubahiro Umwami Imana. Nuko rero turiho canke dupfuye, tuguma turi ab’Umwami Imana.
9 Christ died and lived again for this: to be Lord of both the dead and the living. Kuko icatumye Kristo apfa akazuka ni ukugira ngo abe umwami w’abazima n’abapfuye.
10 But you—why do you judge your brother? Or you—why do you despise your brother? We'll all stand before our Father's judgment seat. None wewe ni kuki ucira imanza mwene Data wundi? Canke ni kuki umukengera? Wibuke ko twese tuzohagarara imbere y’intebe y’imanza y’Imana.
11 For it's written: "As I live, says our Father, every knee bows to me, every tongue confesses to me." Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “ ‘Ndahiye ukubaho kwanje,’ ni ko Uhoraho avuze, ‘amavi yose azompfukamira; n’indimi zose zizokwatura ko ndi Imana.’ ”
12 So then, each of us will give an account of himself to our Father. Nuko rero, umuntu wese muri twebwe azokwisigura imbere y’Imana ku bijanye n’ubuzima bwiwe kw’isi.
13 So stop judging each other. Instead decide never to put a stumbling block or trap before your brother. Twirinde rero guciranira imanza. Ahubwo, twigire inama yo kutagira ikintu na kimwe dukora cotsitaza canke kikagwisha mu caha mwene Data wundi.
14 I know, persuaded in the Lord Jesus, that nothing is unclean in itself; but to one who thinks it unclean, it is unclean. Ndazi neza ntakekeranya, nemejwe n’Umwami Yesu, ko ata kintu na kimwe gihumanye ubwaco. Ariko nimba hariho umuntu yiyumvira ko ikintu kanaka gihumanye, ico kintu gicika igihumanye kuri we.
15 If food hurts your brother, you're no longer walking in love. Don't destroy someone Christ died for with your food. Iyo ivyo urya bitsitaza mwene Data wundi, hanyuma ugashishikara ubirya, ntuba ukiriko uragendera mu rukundo. Ntukemere rero ko indya urya zituma uwo Kristo yapfiriye akora icaha akaranduka.
16 So do not let what you regard as good be spoken of as evil. Wirinde kugira ngo ico ukoze ubona ko ari ciza coye gutukwa n’abantu.
17 The kingdom of our Father isn't eating and drinking, but righteousness and peace and joy in the Holy Spirit. Kuko igihambaye mu Bwami bw’Imana si ukurya no kunywa, ahubwo ni ubuzima bugororotse, amahoro n’umunezero bitangwa na Mpwemu Yera.
18 Whoever serves Christ in this way is pleasing to our Father and approved by people. Iyo umuntu akorera Kristo ameze gutyo, ahimbara Imana kandi akemerwa n’abantu.
19 So then, let us pursue whatever brings peace and builds each other up. None rero, muze turonderane umwete kubana amahoro no gukomezanya hagati yacu.
20 Don't destroy our Father's work over food. All things are clean, but eating that makes someone stumble is wrong. Ntugasambure igikorwa c’Imana kubera ivyokurya. Mu vy’ukuri, nta co kurya na kimwe gihumanye, ariko ni bibi kurya indya zituma mwene Data wundi agwa mu caha.
21 Good is not eating meat, drinking wine, or anything that makes your brother stumble. Ni vyiza kutarya inyama canke kutanywa umuvinyu canke kudakora ikindi kintu na kimwe cotuma mwene Data wundi agwa mu caha.
22 Keep your faith to yourself before our Father. Blessed is the one who doesn't judge himself by what he approves. Ico wizera kuri ivyo kibe hagati yawe n’Imana gusa. Hahiriwe umuntu akora ikintu yumva ko ari ic’ukuri ata jwi rimwagiriza mu mutima.
23 Whoever doubts is condemned if he eats, since not from faith; whatever isn't from faith is sin. Ariko iyo umuntu agikekeranya ku bijanye no kurya canke kureka kurya ikintu kanaka, iyo abirenzeko akakirya, aba yihamagariye gutsindwa n’urubanza, kuko ataba yemezwa neza ko ivyo ari vyo yari akwiye gukora. Ikintu cose umuntu akora kitavuye ku kwizera kimubera icaha.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]