Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Corinthians 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, called as an apostle of Christ Jesus by our Father's will, and Sosthenes our brother, Jewe Pawulo nahamagariwe kuba intumwa ya Kristo Yesu bivuye ku gushaka kw’Imana, hamwe na mwene Data Sositene,
2 to the church of our Father in Corinth: those made holy in Christ Jesus, called to be holy, with all everywhere who call on the name of our Lord Jesus Christ—their Lord and ours. Turabandikiye mwebwe abo mw’ishengero ry’Imana riri i Korinto, mwejejwe no kuba muri Kristo Yesu kandi mwahamagariwe kuba abera, hamwe n’abo bose bambaza izina ry’Umwami Yesu Kristo aho bari hose, bakamwambaza nk’Umwami wabo ari we Mwami wacu:
3 Grace to you and peace from our Father and the Lord Jesus Christ. Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibe muri mwebwe.
4 I always thank my Father for you, because of the grace our Father gave you in Christ Jesus, Nama nshima Imana ku bwanyu ku bw’ingabire y’ubuntu mwaherewe muri Kristo Yesu.
5 for in him you were enriched in every way, in all speech and all knowledge, Muri we mwahawe ubutunzi mu buryo bwose, haba mu mvugo no mu bumenyi mufise.
6 even as the testimony about Christ was confirmed among you, Ivyo vyerekana ko intahe ya Kristo twabashingiye yabaye ukuri muri mwebwe.
7 so that you lack no gift while eagerly waiting for our Lord Jesus Christ's revealing, Ni co gituma ata ngabire n’imwe muhajije muri iki gihe mukirindiranye igishika uguhishurwa kw’Umwami wacu Yesu Kristo.
8 who will also keep you steady to the end, blameless on our Lord Jesus Christ's day. Ni we azobaha gushikama gushika kw’iherezo, kugira ngo muzobe mutagira umugayo ku musi Yesu Kristo azogarukirako.
9 Our Father is faithful, the one through whom you were called into deep communion with his Son, Jesus Christ our Lord. Imana yabahamagariye kunywana n’Umwana wayo Yesu Kristo Umwami wacu, ni iyo kwizigirwa, izobikora.
10 Brothers and sisters, I urge you, by the name of our Lord Jesus Christ: all agree; let no divisions split you, but be united in one mind and one purpose. Ndabinginga bene Data, mw’izina ry’Umwami wacu Yesu Kristo, ngo muhuze muri vyose, kandi ntihabeho ukwicamwo ibice, ariko mutunganywe rwose muhuje umutima n’inama.
11 For Chloe's people have informed me, my brothers and sisters, that there is quarreling among you. Bene Data, bamwe bo mu muryango wa Kilowe bambwiye ko hari imitongano muri mwebwe.
12 So: each of you says, "I'm with Paul," "I'm with Apollos," "I'm with Cephas," "I'm with Christ." Ico ngomba kuvuga ni iki: umwe muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Apolo”; uwundi na we ati: “Jewe ndi uwa Kefa”; hakaba n’uwundi avuga ati: “Jeho ndi umwigishwa wa Kristo gusa.”
13 Is Christ divided? Was Paul crucified for you? Or were you baptized in the name of Paul? Mbega Kristo agabuwemwo ibice? Mbega Pawulo yarababambiwe? Mbega mwabatijwe mw’izina rya Pawulo?
14 I thank our Father that I baptized none of you except Crispus and Gaius, Ndashimira Imana ko ata n’umwe nabatije muri mwebwe kiretse Kirisipo na Gayo,
15 so that no one can say you were baptized in my name. nta n’umwe rero ashobora kuvuga ko yabatijwe mw’izina ryanje.
16 I also baptized Stephanas's household; beyond that, I don't know if I baptized anyone else. (Egome narabatije n’abo mu muryago wa Setefana, ariko atari abo, sinibuka ko hari uwundi muntu n’umwe noba narabatije.)
17 Christ did not send me to baptize but to preach the good news—not with words of human wisdom, so the cross of Christ is not emptied of its power. Kuko Kristo ntiyantumye kubatiza, ariko yantumye kuvuga Ubutumwa Bwiza, ntakoresheje amajambo y’ubwenge bw’abantu, kugira ngo simpindure ubusa ubushobozi bw’umusaraba wa Kristo.
18 The message of the cross is foolishness to those who are perishing, but to us being saved it is our Father's power. Mu bisanzwe ubutumwa bw’umusaraba ni ubujuju ku bariko barahona, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ubushobozi bw’Imana.
19 For it is written: I will destroy the wisdom of the wise, and set aside the discerning's insight. Kuko handitswe ngo: “Nzosangangura ubwenge bw’abanyabwenge, n’ubumenyi bw’abiyita ko bazi vyinshi ndabuhindure ubusa.”
20 Where is the wise one? Where is the scholar? Where is this age's debater? Has not our Father made the world's wisdom foolish? None umunyabwenge ari he? Umwigisha w’ivyagezwe ari he? Umusesanguzi w’amajambo w’iki gihe ari he? Mbega Imana ntiyafashe ubwenge bw’iyi si ikabuhindura ubujuju?
21 For since, in our Father's wisdom, the world did not know him through its own wisdom, he was pleased to save believers through the foolishness of what we preach. Kuko Imana mu bwenge bwayo yabonye ko ab’isi batoyimenya bakoresheje ubwenge bwabo, ni co gituma yahisemwo gukirisha abizera amajambo y’Ubutumwa Bwiza, ayo bamwe bita ubujuju.
22 For Jews ask for signs and Greeks seek wisdom, Abayuda bashaka kubona ibimenyetso, Abagiriki na bo bakarondera kubitahurisha ubwenge bwabo.
23 but we proclaim Christ crucified—a stumbling block to Jews and foolishness to Gentiles, Ariko tweho twigisha Kristo yabambwe: uwo ni igitsitaza ku Bayuda, n’ubujuju ku Banyamahanga.
24 but to those called, both Jews and Greeks, Christ is the power of our Father and the wisdom of our Father. Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki, Kristo ni ubushobozi n’ubwenge vy’Imana.
25 For the foolishness of our Father is wiser than men, and the weakness of our Father, stronger than men. Kuko ivyitwa ubujuju vy’Imana birusha ubwenge abantu kandi ivyitwa intege nke vy’Imana birusha inkomezi abantu.
26 Consider your calling, brothers and sisters: not many wise by human standards, not many powerful, not many nobly born. Bene Data, mwibuke uko mwari igihe mwahamagarwa. Benshi muri mwebwe ntimwari abanyabwenge dufatiye ku vyo abantu baraba. Benshi ntimwari abahambaye, kandi benshi ntimuvuka mu miryango ikomeye.
27 But our Father chose the world's foolish to shame the wise, and our Father chose the world's weak to shame the strong, Ariko Imana yahisemwo ivy’ubujuju vy’iyi si kugira ngo imaramaze abiyita abanyabwenge, kandi yahisemwo ibinyantege nke vy’iyi si kugira ngo itetereze ibinyenkomezi.
28 and the world's lowly, despised things our Father chose—things that are not—to nullify things that are, Imana yahisemwo ibitagira ikimazi vy’iyi si n’ibikengerwa ndetse n’ibitariho kugira ngo ihindure ubusa ibiriho.
29 so that no one may boast before our Father. Ivyo yabikoze kugira ngo ntihagire n’umwe agira ico yirata imbere y’Imana.
30 From him you are in Christ Jesus, who became our wisdom from our Father—our righteousness and holiness and redemption, Imana ni yo yabagize umwe na Kristo Yesu, we yatubereye ubwenge buva ku Mana. Ni we kugororoka kwacu, ukwera kwacu kandi ni we ugucungurwa kwacu gukomokako.
31 so that, as it is written, "Let the one who boasts, boast in the Lord." Ni co gituma handitswe ngo: “Uwirata wese yirate ko yamenye Umwami Yesu.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]