Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Corinthians 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 When I came to you, brothers and sisters, I didn't proclaim the testimony of our Father with fancy words or wisdom. Bene Data, igihe naza iwanyu, sinaje mfise amajambo aryohoye arimwo ugushira amazinda, canke ubwenge bw’abantu mu kubamenyesha ibanga ry’Imana.
2 For I resolved to know nothing among you except Jesus Christ, and him crucified. Kuko nahisemwo kutagira ikindi mvuga igihe nari kumwe namwe, atari Yesu Kristo wenyene, umwe yabambwa ku musaraba.
3 And I came to you in weakness, in fear, and with much trembling. Naje iwanyu ndi umunyantegenke, mfise ubwoba kandi mpinda agashitsi.
4 My message and preaching relied not on persuasive words of wisdom, but on proof of the Holy Spirit and of power, Ubutumwa bwanje n’ukwigisha kwanje ntivyarimwo ubwenge bwinshi n’amajambo yo kwemeza abantu, ariko yagaragaramwo ubushobozi bwa Mpwemu Yera,
5 so that your faith might not rest on human wisdom but on the power of our Father. kugira ngo ukwizera kwanyu ntiguhagarare ku bwenge bw’abantu, ahubwo guhagarare ku bushobozi bw’Imana.
6 We do speak wisdom among the mature—not wisdom of this age, nor of this age's rulers, who are fading away. Ariko ku bakuze mu kwizera, ubutumwa tuvuga ni ubw’ubwenge: ubwo bwenge si ubw’iki gihe canke ubw’abatware b’iki gihe bazokurwaho.
7 No, we speak the wisdom of our Father, a hidden mystery our Father destined before time began, for our glory. Ahubwo tubabwira ubwenge bw’Imana bwari bwaragizwe ibanga, bwari bwaranyegejwe, ariko Imana ikaba yari yabuduteguriye isi itararemwa kugira ngo buzoduhe ubwiza.
8 None of this age's rulers knew it; had they known, they would not have crucified the Lord of glory. Nta n’umwe wo mu baganza b’iki gihe yigeze abutahura, kuko iyo baba barabutahuye, ntibaba barabamvye Umwami w’ubwiza.
9 As it is written: "What no eye has seen, no ear heard, and no human heart conceived—these things our Father has prepared for those who love him." Ivyanditswe bivuga biti: “Ibintu ata jisho na rimwe ryigeze kubibona, ibintu ata gutwi na kumwe kwigeze kuvyumva, kandi ibintu ata bwenge bw’umuntu n’umwe bwigeze kuvyiyumvira, ni vyo Imana yateguriye abayikunda.”
10 But our Father revealed them to us through the Spirit; for the Spirit searches all things, even our Father's depths. Ariko ivyo nyene ni vyo Imana yaduhishuriye biciye muri Mpwemu wayo. Mpwemu asesangura vyose, mbere n’ibihishijwe vy’amabanga y’Imana.
11 Who knows a person's thoughts except their own spirit within them? So too, no one knows our Father's thoughts except our Father's Spirit. Nk’uko ata wushobora kumenya ivyiyumviro vy’umuntu atari impwemu yiwe, nta n’uwushobora kumenya ivyiyumviro vy’Imana atari Mpwemu wayo.
12 We received not the world's spirit, but the Spirit from our Father, so we might know what our Father freely gave us. Kandi ntitwahawe impwemu y’iyi si, ariko twahawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo dutahure ivy’akaburarugero Imana yaduhereye ubuntu.
13 We speak this, not in words human wisdom teaches but the Spirit teaches, explaining spiritual truths to spiritual people. Ivyo tubabwira ntitubivugisha ubwenge bw’abantu, ariko tubabwira ivyo duhawe na Mpwemu, tukabivuga mu kuri kwa Mpwemu, dukoresheje n’amajambo duhawe na Mpwemu.
14 The person without the Spirit does not accept what comes from the Spirit of our Father; it is foolish to him, and he cannot grasp it, because it takes spiritual discernment. Umuntu adafise Mpwemu ntashobora kwakira ibiva kuri Mpwemu w’Imana, kuko bisa n’ubujuju kuri we, kandi ntashobora kubitahura kuko bisesangurwa biciye muri Mpwemu.
15 The person who is spiritual discerns all things, but is himself subject to no one's judgment. Abantu bafise Mpwemu Yera basesangura vyose ariko bo nta wusesangura ivyabo,
16 For "who has known our Father's mind, to instruct him?" But we have the mind of Christ. kuko handitswe ngo: “Ni nde yigeze amenya ivyiyumviro vy’Uhoraho kugira ngo amugire inama?” Ariko tweho turabitahura kuko dufise ivyiyumviro vya Kristo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]