Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Corinthians 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Brothers and sisters, I couldn't speak to you as people of the Spirit, but as people of the flesh—infants in Christ. Bene Data, igihe nari kumwe namwe sinabigishije nk’uko nokwigisha abantu bakuze mu Mpwemu, nabigishije nk’abantu basanzwe bo mw’isi, nk’abana bato mu vy’ukwizera Kristo.
2 I gave you milk, not solid food, since you weren't yet ready. Even now you still aren't ready. Nabahaye amata, sinabahaye ivyokurya bigumye, kuko ntimwari bwagere kubishobora, kandi n’ubu ntimurabishobora.
3 You're still fleshly. Since jealousy and rivalry are among you, aren't you fleshly, living by human standards? Muracagendera mu ngeso zanyu za kera zo mw’isi kuko muracagiriranira ishari kandi muracatongana. None ivyo ntivyerekana ko mukigendera mu ngeso zanyu za kera? Mbega ntimubayeho nk’abandi bose batizera?
4 For when one says, "I follow Paul," and another, "I follow Apollos," aren't you acting like mere humans? Iyo umwe muri mwebwe avuze ati: “Jewe ndi umwigishwa wa Pawulo,” uwundi ati: “Nanje ndi umwigishwa wa Apolo,” ntimuba muriko mwigenza nk’ab’iyi si?
5 What then is Apollos? What is Paul? Servants through whom you believed, each as the Lord gave him. Mbega Apolo ni iki, canke Pawulo ni iki? Ni abakozi b’Imana basanzwe babafashije mu gushika ku kwizera nk’uko Imana yakoresheje umwumwe wese muri bo.
6 I planted, Apollos watered, but our Father made it grow. Jewe nabivye imbuto, Apolo na we arazivomera, ariko Imana ni yo yazikujije.
7 So neither planter nor waterer is anything—only our Father, who makes it grow. None rero, yaba uwabivye, yaba uwavomeye, bompi nta co bamaze. Imana yonyene ikuza ni yo ihambaye.
8 The planter and the waterer are one; each will get his own reward for his own labor. Uwubiba n’uwuvomera bompi bafise intumbero imwe, kandi umwe wese azoherwa impera ku gikorwa yakoze,
9 For we are our Father's fellow workers; you are his field, his building. kuko twempi dukorera Imana, namwe muri umurima w’Imana, muri inzu yayo.
10 By the grace our Father gave me, I laid a foundation like a wise master builder, and another builds on it. Let each watch how he builds on it. Kubera ubuntu nagiriwe n’Imana, nashizeho urufatiro nk’umwubatsi w’umuhinga, hanyuma haza uwundi muntu arwubakako. Ariko uwurwubakako wese yiyubare uburyo arwubakako.
11 For no one can lay any foundation other than the one already laid, which is Jesus Christ. Kuko ata wushobora gushiraho urundi rufatiro atari urwo nashizeho, ari rwo Yesu Kristo.
12 Now if anyone builds on the foundation with gold, silver, precious stones, wood, hay, or straw, Uwurwubakako wese ashobora gukoresha ibikoresho bitandukanye: inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro kanini, ibiti, ibishakashaka canke ivyatsi.
13 each one's work will become clear, for the Day will reveal it, because fire exposes it, and that same fire will test what sort each one's work is. Ariko umusi w’imanza uzogaragaza igikorwa c’umwumwe wese kuko uzohishuranwa n’umuriro, kandi uwo na wo uzokwerekana agaciro k’igikorwa c’umuntu wese.
14 If the work that anyone has built survives, he will receive a reward. Ibikorwa vyiwe nivyarama, azohabwa impera.
15 If anyone's work burns up, he'll suffer loss—yet be saved himself, but only as through fire. Ariko uwo muriro niwabitongora, uwo mwubatsi azohomba impera yavyo, ariko wewe arokoka ameze kurya k’uwokowe mu muriro.
16 Don't you know you are our Father's temple, and our Father's Spirit lives in you? Mbega ntimuzi ko muri urusengero rw’Imana kandi ko Mpwemu w’Imana aba muri mwebwe?
17 If anyone destroys the temple of our Father, our Father will destroy him. For the temple of our Father is holy, and that temple is you. Nihagira uwusambura urusengero rw’Imana, na we Imana izomurandura, kuko urusengero rw’Imana ari urwera, kandi urwo rusengero ni mwebwe.
18 Let no one deceive himself. If anyone among you thinks he is wise in this age, let him become foolish, so he may become wise. Ntimwihende! Nimba muri mwebwe hari uwibaza ko ari umunyabwenge afatiye ku rugero rw’ubwenge bwo mw’isi, yari akwiye kuba ikijuju kugira ngo ashobore kuba umunyabwenge w’ukuri,
19 For this world's wisdom is foolishness to our Father. For Scripture says, "He traps the wise in their cunning," kuko imbere y’Imana ubwenge bw’iyi si ari ubujuju, nk’uko Ivyanditswe Vyera bivuga biti: “Imana ifatira abigira abanyabwenge mu bugunge bwabo.”
20 and again, "Our Father knows the thoughts of the wise, that they are futile." Ahandi na ho handitswe ngo: “Umwami Imana arazi ivyiyumviro vy’uwigira umunyabwenge, kandi arazi ko ari ubusa gusa.”
21 So let no one boast about people. For all things are yours, Nuko rero ntihakagire uwirata ko ari umwigishwa w’umuntu n’umwe, kuko vyose ari ivyanyu:
22 whether Paul or Apollos or Cephas, or world or life or death, or present or future—all are yours, yaba Pawulo, yaba Apolo, yaba Kefa, yaba isi, yaba ubugingo canke urupfu, yaba ibiriho canke ibizoza, vyose ni ivyanyu,
23 and you are Christ's, and Christ is our Father's. namwe muri aba Kristo, Kristo na we ni uw’Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]