Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 39 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Yahawe umukuru w’abaririmvyi. Yahawe kandi Yedutuni. Ni Zaburi ya Dawidi.

1Naravuze nti: “Nzocungera inzira zanjendinde ururimi rwanje icaha;nzoshira umurinzi ku munwa wanjendi imbere y’umunyakibi.”

2Ni co gituma nagumye mu gacerere,ata n’iciza mvuga.Ariko umubabaro wanje warongerekana;

3umutima wanje waranshongeramwo.Nkiriko ndavyiyumvira, umuriro waraka;maze mvugisha ururimi rwanje nti:

4“Uhoraho, nyereka iherezo ry’ubuzima bwanjen’igitigiri c’imisi yanje;umpe kumenya ko ubuzima bwanje bumara akanya gato.

5Wahinduye imisi y’ukubaho kwanje uyinganya n’ikiganza gusa;ikiringo c’imyaka yanje ni nk’aho ari ubusa kuri wewe.Umuntu wese ni nk’impwemu zihumetswe gusa,no ku baboneka ko bakingiwe.

6Ni ivy’ukuri umuntu wese agenda nk’igitutu gusa;birukira ubusa, barondera ubutunzibatazi uwuzobutahira kw’iherezo.

7Ariko noneho ubu ndondera iki, ewe Mana?Ivyizigiro vyanje biri muri wewe.

8Nkiza ibigabitanyo vyanje vyose;ntumpindure agatwengo k’ibipfu.

9Nari ncereje; sinakurako umunwa,kuko ari wewe wakoze ivyo.

10Nkurako ikimoko cawe;kuko nseserejwe cane n’inkoni zawe.

11Iyo uhanye ugakubita abantu kubera icaha cabo,urya ubutunzi bwiwe nk’umuswa;ni ukuri bose ni impwemu zihumetswe gusa.

12Niwumve ugusenga kwanje, ewe Uhoraho,wumvirize ugutakamba kwanje;ntiwizibe amatwi ngo woye kwumva amarira yanje.Mbana nawe nk’umunyamahanga,nk’injabuka, nk’uko ba sogokuru banje bari bari.

13Raba hirya, kugira ngo nsubire kunezererwa ubuzimantaragenda ngo sinze nongere kubaho.”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]