Side by side with the Father's Heart Bible™ Ni Zaburi ya Dawidi. Ni isengesho.
1Uhoraho, ntumpanane ishavucanke ngo unkubitane uburake.
2Imyampi yawe irantobekeranije,kandi ukuboko kwawe kwaramanukiye.
3Muri jewe nta hazima kubera uburake bwawe;no mu magufa yanje sinikoma kubera icaha canje.
4Ukugabitanya kwanje kurandengeyekwabaye nk’umuzigo ntashobora kwikorera.
5Ibikomere vyanje birasebuye kandi biranukakubera ivyaha vyanje vy’ubupfu.
6Ncishijwe bugufi cane ndahetamye;ngenda ngandaye bukarinda bwira.
7Umugongo wanje wuzuye ububabare bwinshi;nta na hamwe nikoma.
8Mfise intege nke, ndavunaguritse;ngenda ngandaye mu mutima.
9Ivyo nipfuza vyose biri imbere yawe, ewe Mana;ukuniha kwanje ntuguhishijwe.
10Umutima wanje urahagaze, ncitse intege;mbere n’amaso yanje ntagira umuco.
11Abagenzi banje n’abo twagendana bampevye kubera ibikomere vyanje;ababanyi banje bahagarara kure yanje.
12Abagomba kunyica banteze imitego,abagomba kungirira nabi bangira inama yo kunyica;bavugana ibinyoma umusi wose bukarinda bwira.
13Meze nk’igipfamatwi, kidashobora kwumva,nk’ikiragi, kidashobora kuvuga;
14nabaye nk’uwutumva,uwo akanwa kiwe kadashobora kwishura.
15Uhoraho we, ni wewe ndindiriye;uzokwishura, Mwami Imana yanje.
16Kuko navuze nti: “Ntubareke ngo banyitambe ku muvyimbacanke ngo banezerwe ninagwa hasi.”
17Kuko ngira ngwe hasi,kandi umubabaro wanje ugumana nanje na ntaryo.
18Ndatuye ukugabitanya kwanje;mbujijwe amahoro n’icaha canje.
19Benshi bahindutse abansi banje ata nyanduruko;abanyanka ata nyanduruko babaye benshi.
20Abanyishura ibibi ku vyiza nabagiriyebazanye ibirego bandega,naho jewe ndazwa ishinga no gukora ivyiza gusa.
21Uhoraho ntumpebe;ntube kure yanje, Mana yanje.
22Tebuka untabare,Mwami wanje kandi Mukiza wanje.