Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then our Father spoke to Moses: Uhoraho abarira Mose ati:
2 "Speak to the Israelites and say to them: When a man or woman makes a special vow, a Nazirite vow, to set themselves apart to the Father. “Barira Abisirayeli uti: ‘Umugabo canke umugore niyashaka gusezerana isezerano ridasanzwe, isezerano ryo kwiyegurira Uhoraho; ari kwo kuba umunaziri,
3 They must not drink wine or strong drink, nor vinegar from either, nor any grape juice, nor eat grapes fresh or dried. aze yirinde ntanywe umuvinyu canke ikindi kinyobwa kiboreza na kimwe canke inkarisha yakozwe mu muvinyu canke mu kindi kinyobwa cambiwe. Ntaze anywe umutobe ukozwe mu vyamwa vy’umuzabibu canke ngo arye ivyamwa vy’umuzabibu.
4 During their separation they must eat nothing from the grapevine, from seeds to skin. Igihe cose azoba akiri umunaziri, ntaze yigere arya ikintu na kimwe kiva mu muzabibu, n’aho zoba imbuto canke ibishishwa.
5 "During their vow of separation, no razor touches their head. Until it's complete, they stay holy to the Father; they must let their hair grow. Mu kiringo cose iryo sezerano rizomara, ntaze yigere yikozako urwembe. Azogume ari uwera gushika ico kiringo co kwiyegurira Uhoraho giheze; aze areke umushatsi wo ku mutwe wiwe ukure ube muremure.
6 "Throughout their time of separation to the Father they must not go near a dead body. Muri ico kiringo co kwiyegurira Uhoraho ntaze yegere umuvyimba w’uwapfuye.
7 They must not make themselves unclean even for father, mother, brother, or sister when they die, since their dedication crown to our Father is on their head. Naho yoba ari se canke nyina canke uwo bavukana yapfuye, ntaze yiyandurishe imivyimba yabo, kuko ikimenyetso co kwiyegurira Imana ciwe kiri ku mutwe wiwe.
8 Throughout their time of separation they are holy to the Father. Muri ico kiringo cose azoba yiyeguye azoba yatoranirijwe Uhoraho.
9 "If someone dies very suddenly beside them, making their dedicated head unclean, they must shave their head on the day of their cleansing—shave it on the seventh day. Umuntu niyapfa giturumbuka agapfira imbere yiwe, bigatuma yanduza umushatsi wiwe, aze yimoshe umushatsi ku musi wo guhumanurwa kwiwe, ari ho ku musi ugira indwi.
10 On the eighth day they must bring two turtledoves or two young pigeons to the priest at the meeting tent's entrance. Hanyuma ku musi ugira umunani aze azane ivyana bibiri vy’inuma canke vy’intunguru, abihe umuherezi ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro.
11 The priest must offer one as a sin offering, the other as a burnt offering, and make atonement for them, because they sinned by being near the dead body. That same day they must rededicate their head. Uwo muherezi aze atange kimwe kw’ikimazi c’ivyaha ikindi kw’ikimazi co guturirwa kugira ngo amutangire impongano kuko yacumuye mu kwegera umuvyimba. Kuri uwo musi nyene aze asubire yegurire umutwe wiwe kuba uwera.
12 They must rededicate to the Father their days of separation and bring a year-old male lamb as a guilt offering; the earlier days don't count—their separation was made unclean. Aze yiyegurire Uhoraho mu kiringo cose yasezeranye kandi aze atange umwagazi w’intama utarengeje umwaka umwe w’ikimazi c’indishi. Ariko imisi yari amaze nta n’umwe uzoharurwa, kuko yabaye uwuhumanye mu gihe ciwe c’ubunaziri.
13 "This is the law of the Nazirite: when their days of separation end, they must come to the tent of meeting's entrance. Iri ni ryo tegeko ku munaziri ahejeje ikiringo ciwe co kuba umunaziri: aze azanwe ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
14 They must bring the Father their offering: one flawless year-old male lamb as a burnt offering, one flawless year-old ewe lamb as a sin offering, and one flawless ram as a peace offering, Aho ni ho azotangira ibimazi vyiwe vy’Uhoraho: impfizi y’intama imaze umwaka umwe itagira agasembwa y’ikimazi co guturirwa, umwagazi uvyara w’intama umaze umwaka umwe utagira agasembwa w’ikimazi c’ivyaha, impfizi y’intama y’ikimazi c’ishimwe,
15 with a basket of unleavened bread—loaves of fine flour mixed with oil, unleavened wafers coated with oil—plus their grain offering and drink offerings. biri kumwe n’amashikanwa y’ifu yavyo hamwe n’amashikanwa y’ibinyobwa yavyo, igiseke c’imikate itarimwo umwambiro, imikate ikozwe mw’ifu inoze neza ikaranzwe mu amavuta, n’imikate itarimwo umwambiro isize mavuta.
16 The priest must present them before the Father and offer the sin offering and the burnt offering. Umuherezi aze abizane imbere y’Uhoraho ace atanga ca kimazi c’ivyaha na ca kimazi co guturirwa.
17 He must offer the ram as a peace offering to the Father with the basket of bread without yeast, and offer its grain and drink offerings. Aze ashikane na ca giseke c’imikate itarimwo umwambiro ace ashikanira Uhoraho ya mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano, hamwe n’amashikanwa yaco y’ifu n’ibinyobwa.
18 At the tent of meeting's entrance, the Nazirite must shave their dedicated head, take the hair of dedication, and put it on the fire under the peace offering. Hanyuma wa munaziri akiri ngaho ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, aze yimoshe wa mushatsi yari yarateretse. Aze afate wa mushatsi awuterere mu muriro uri musi y’ikimazi c’impongano.
19 The priest takes the boiled ram's shoulder, one unleavened loaf and wafer from the basket, and puts them in the Nazirite's hands after the hair of dedication is shaved off. Uwo munaziri ahejeje kwimosha umushatsi yari yarateretse, umuherezi aze ashire mu minwe yiwe igitugu ca ya mpfizi y’intama yatetswe mu mazi, n’umukate umwe utetswe mu mavuta n’umukate umwe usizwe amavuta iri muri ca giseke, yompi izoba itarimwo umwambiro.
20 The priest waves them as a wave offering before our Father—a holy portion for the priest, with the breast that is waved and the thigh that is contributed. Then the Nazirite may drink wine. Umuherezi aze abizungagize imbere y’Uhoraho nk’ishikanwa ryo kuzungagiza; bizoba ari ivyera kandi bibe ivy’umuherezi, harimwo na ca gikiriza cazungagizwa na rya tako ryatangwa. Inyuma y’ivyo, uwo munaziri ashobora kunywa umuvinyu.
21 "This is the law of the Nazirite who vows an offering to our Father for their separation, besides whatever else they can afford. They must do according to their vow, per the law of their separation." Iryo ni ryo tegeko rigenga umunaziri yasezeranye kwiyegurira Uhoraho kubera isezerano. Bashobora kwongerako ikindi cose bashobora kuronka. Aze ashitse ico yasezeranye, nk’uko itegeko ryo kuba umunaziri rivuga.’ ”
22 Then our Father spoke to Moses: Uhoraho abarira Mose ati:
23 "Tell Aaron and his sons: This is how you are to bless the Israelites. Say to them: “Bwira Aroni n’abahungu biwe uti: ‘Uku ni ko muzohezagira Abisirayeli. Muze mubabwire muti:
24 'May your Father bless you and keep you; “Uhoraho aguhezagire kandi akuzigame;
25 may your Father make his face shine upon you and be gracious to you; Uhoraho akumurikishirize mu nyonga hiwe kandi akugirire ubuntu;
26 may your Father look on you with favor and give you peace.' Uhoraho aguhindukirize inyonga ziwe kandi aguhe amahoro.” ’
27 "So they will put my name on the Israelites, and I will bless them." Uko ni ko bazoshira izina ryanje ku Bisirayeli, nanje nzobahezagira.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]