Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses: Uhoraho abarira Mose ati:
2 "Command the Israelites to send from the camp everyone with a skin disease, everyone with a discharge, and everyone unclean from a corpse. “Tegeka Abisirayeli ngo baze bakure hagati muri bo umuntu wese afise imibembe canke afise ibintu bimuvamwo vy’uburyo ubwo ari bwo bwose, canke yahumanijwe no gukora ku muvyimba.
3 Send away both male and female; send them outside the camp, so they don't make their camp unclean, where I live among them." Muze musohore yaba umugabo canke umugore; muze mubasohore bave aho mucumbitse kugira ngo ntibahumanye ikoraniro ryose, kuko jewe mba hagati muri bo.”
4 The Israelites did this, sending them outside the camp; as our Father told Moses, the Israelites did. Abisirayeli babikora nk’uko Uhoraho yabitegetse Mose, barabasohora babajana inyuma y’aho bacumbitse.
5 Then our Father spoke to Moses: Uhoraho abarira Mose ati:
6 "Tell Israel's people: When a man or woman commits any human sin, betraying me, that person is guilty. “Barira Abisirayeli uti: ‘Nihagira umugabo canke umugore agirira nabi uwundi mu buryo ubwo ari bwo bwose, bigatuma ataba umwizigirwa imbere y’Uhoraho, uwo muntu azoba ari uwo gutsindwa n’urubanza
7 They must confess the sin they committed, repay in full for the wrong, add a fifth, and give it to the one they wronged. kandi azoba akwiye kwatura icaha yakoze. Aze arihe ivyo yononye vyose, yongereko ica gatanu c’ico kintu; vyose ace abiha uwo yagiriye nabi.
8 But if that person has no relative to receive restitution, it belongs to me and goes to the priest, plus the ram of atonement made for the guilty one. Ariko niyaba nyenevyo yarapfuye akaba atagira incuti ya hafi yoshobora kwakira iyo ndishi, izoba ari iy’Uhoraho izoce ihabwa umuherezi, ayiherekereshe impfizi y’intama yo gutanga impongano yiwe.
9 Every contribution among all Israel's holy gifts brought to the priest belongs to him. Ibimazi vyose bikuwe ku vyo Abisirayeli bazoba bahaye Uhoraho bizoba ari ivy’umuherezi.
10 Everyone's holy gifts remain their own; what one gives the priest belongs to the priest." Ibintu vyejejwe biba ari ivya nyenevyo; ico umuntu ahaye umuherezi kizoba ari ic’umuherezi.’ ”
11 Then our Father spoke to Moses: Nuko Uhoraho abarira Mose ati:
12 "Speak to the Israelites and tell them: If any man's wife goes astray and is unfaithful to him, “Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Umugore afise umugabo niyigenza nabi agahemukira umugabo wiwe
13 if another man sleeps with her, hidden from her husband, and she goes undetected though unclean—no witness against her, not caught in the act, mu kuryamana n’uwundi mugabo, kandi ivyo umugabo wiwe akaba ata vyo azi kuko ubwo buhumane bwiwe butamenyekanye (kuko ata cabona co kumwagiriza kandi ata wigeze amufata),
14 a spirit of jealousy comes over the husband, and he is jealous of his wife, who is unclean; or a spirit of jealousy comes over him, and he is jealous though she is not unclean. ariko umugabo akamwikeka ko yiyanduje mu kumuhemukira, canke na ho akamwikeka kandi atiyanduje,
15 The man must bring his wife to the priest, along with her offering: about two quarts of barley flour. He must pour no oil on it and put no frankincense on it, because it is a grain offering of jealousy, a grain offering of remembrance, recalling guilt. azoce atwara uwo mugore ku muherezi. Aze ajane n’ishikanwa ringana n’ic’icumi c’ingero efa y’ifu ya sayiri amutangira. Ntaze ayisukeko amavuta canke ngo ayishireko ivyo baturira bikamota neza, kuko ari ishikanwa ry’ifu ritanzwe kubera umwikeko, kandi ari ukugira ngo ikibi kimenyekane.
16 The priest is to bring her near and set her before our Father. Uwo muherezi aze amuzane amuhagarike imbere y’Uhoraho.
17 The priest is to take holy water in a clay jar, take dust from the tabernacle floor, and put it into the water. Hanyuma ashire amazi ahezagiye mu nkono y’ibumba ashiremwo ivu akuye ahera.
18 The priest is to stand the woman before our Father, unbind her hair, and put in her hands the grain offering of remembrance—the jealousy offering—while he holds the bitter, curse-bringing water. Amaze kumuhagarika imbere y’Uhoraho, aze apfundurure umushatsi w’uwo mugore ashire mu maboko yiwe rya shikanwa, rimwe ry’ifu ryatanzwe kubera kumwikeka, na we aze agumye ya mazi arura azana umuvumo.
19 The priest is to put her under oath and say to her: 'If no man has slept with you, and you have not gone astray and made yourself unclean under your husband's authority, be free from this bitter water that brings the curse. Hanyuma aze arahize uwo mugore avuga ati: “Niwaba ata mugabo mwaryamanye kandi utahemukiye umugabo wawe ngo wiyanduze kandi wari ufise umugabo wawe, aya mazi arura kandi atera umuvumo ntagire ico akugira.
20 But if you strayed under your husband, made yourself unclean, and a man besides your husband slept with you.' Ariko niwaba warahemutse kandi ufise umugabo wawe ukaba wariyanduje mu kuryamana n’uwundi mugabo atari rwawe”;
21 Then the priest is to bind the woman by this curse-oath, saying: May the Father turn you into a curse and a disgrace among your people, as he makes your thigh shrivel and your belly swell. aha rero umuherezi aze ashire kuri uwo mugore umuvumo uri muri iyi ndahiro ati: “Uhoraho atume abantu bawe bakuvuma bongere bakugire akabarore kuko azoba aguhinduye ingumba kandi atumye inda yawe ivyimba.
22 May this curse-bringing water enter your body, swelling your belly and wasting your thigh. Then the woman must say, 'Amen, amen.' Aya mazi atera umuvumo yinjire muri wewe atume inda yawe ivyimba kandi aguhindure ingumba.” Uwo mugore aze yishure ati: “Amen. Nibibe gutyo.”
23 "Then the priest writes these curses on a scroll and washes them off into the bitter water. Uwo muherezi aze yandike iyo mivumo ku muzingo w’igitabu kandi azoce ayogesha ya mazi y’umururazi.
24 He is to make the woman drink the bitter, cursing water; the cursing water will enter her, causing bitter suffering. Azoce aha wa mugore ayo mazi atera umuvumo ayanywe, na yo azomutera ububabare bwinshi.
25 The priest takes the jealousy grain offering from her hand, waves it before our Father, and brings it to the altar. Uwo muherezi azoce afata rya shikanwa ry’ifu ritanzwe kubera ukwikeka ryari mu minwe yiwe, arizungagize imbere y’Uhoraho azoce arizana ku gicaniro.
26 The priest takes a handful of the grain offering, its memorial portion, burns it on the altar, then makes the woman drink the water. Uwo muherezi aze afate ifu yuzuye igipfunsi kuri iryo shikanwa kugira ribe ishikanwa ry’icibutso arituririre ku gicaniro; inyuma y’ivyo, azoce anywesha ya mazi wa mugore.
27 After he makes her drink the water, if she has made herself unclean and betrayed her husband, the curse-bringing water will enter her, causing bitter suffering: her belly will swell, her thigh wither, and she will become a curse among her people. Niyaba yariyandurishije kurenga ibigo kandi afise umugabo, hanyuma akanyweshwa ayo mazi atera umuvumo, azoca yinjira muri we amutere ububabare bwinshi; inda yiwe izovyimba hanyuma abe ingumba, yongere abe ikivume mu bantu b’iwabo.
28 But if the woman has not made herself unclean and is clean, she is cleared and will conceive children. Ariko niyaba atiyanduje akaba adahumanye, nta co azoba azokurwako urubanza ashobore no kuvyara abana.
29 "This is the law of jealousy: when a wife under her husband strays and makes herself unclean, Iri ni ryo tegeko rijanye n’ukwikeka ko umugore yahemukiye umugabo akiyanduza kandi afise umugabo wiwe,
30 or when a spirit of jealousy seizes a man and he is jealous of his wife: he is to stand her before our Father, and the priest is to apply this whole law to her. canke umugabo niyafatwa n’ivyiyumviro vyo kwikeka umugore wiwe. Umuherezi aze amuhagarike imbere y’Uhoraho ace akoresha iryo tegeko ryose kuri we.
31 The husband will be free from guilt, but the woman will answer for her own sin." Umugabo we nta co azokwagirizwa na kimwe, ariko umugore we azogibwako n’inkurikizi zose z’icaha ciwe.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]