Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses and Aaron, saying: Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:
2 "Count the Kohathites among the Levites, by clan and ancestral house. “Andika amazina y’abakomoka mu nzu kwa Kohati hamwe n’imiryango y’Abakohati bose bakomoka kuri Lewi.
3 From thirty to fifty years old, all who enter the service to work in the tent of meeting. Uharure abagabo bose bafise imyaka mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu bashobora gukora ibikorwa mw’Ihema ry’Ibonaniro.
4 "This is the service of Kohath's sons in the tent of meeting: the most holy things. Iki ni co gikorwa c’Abakohati mw’Ihema ry’Ibonaniro: ni ugutunganya ibintu vyeguriwe Uhoraho kuruta ibindi.
5 When the camp moves, Aaron and his sons take down the screening curtain and cover the ark of the testimony with it. Igihe Abisirayeli bazoba bagomba kuva aho bazoba bacumbitse, Aroni n’abahungu biwe baze binjire bamanure ca gihuzu gikingiriye ahera bagipfukishe ya Isandugu y’Isezerano.
6 They are to cover it with fine leather, spread an all-blue cloth over that, and set its poles. Hanyuma baze barenzeko igipfukisho gikozwe mu rusato, bongereko igitambara gikozwe mu bwoya bw’intama c’ubururu bace bashirako vya biti vyo guterura iyo sandugu.
7 "On the table of the Presence they'll spread a blue cloth, put the plates, dishes, bowls, and pouring jars on it; the regular bread stays on it. Hanyuma, baze basanze igitambara c’ubururu ku meza aho bahora bashira imikate yejejwe, bace bashiraho imibehe, amasahani n’ibikombe, n’ibikoresho vyo gutanga ishikanwa ry’ibinyobwa; ya mikate yama kuri iyo meza ize igumeko.
8 They are to spread a scarlet cloth over them, cover it with fine leather, and fit its poles. Hejuru y’ivyo, baze basanzeko igitambara gitukura, barenzeko impuzu ikozwe mu rusato bace bashirako vya biti vyo guterura iyo meza.
9 "They will take a blue cloth, cover the lampstand of light, its lamps, tongs, trays, and all its oil vessels used to service it. Hanyuma, baze bafate igitambara c’ubururu bagipfukishe igiterekwako amatara n’amatara yaco, ivyo kuduza intambi n’ibijako umunyota, n’ibijamwo amavuta yo gusukwa mu matara.
10 They are to wrap it and all its vessels in fine leather and set it on the carrying frame. Bazoce bakizingira mu mpuzu ikozwe mu rusato hamwe n’ibikoresho bijanye na co babitereke ku nderuzo yaco.
11 "Over the golden altar they are to spread blue cloth, cover it with fine leather, and insert its poles. Hanyuma, baze bapfukishe ca gicaniro c’inzahabu igitambara c’ubururu barenzeko impuzu ikozwe mu rusato bace bashirako vya biti vyo kugiterura.
12 They must take all the service utensils used in the sanctuary, put them in blue cloth, cover with fine leather, and place them on the pole. Bazoheze bafate ibindi bikoresho vyose bikoreshwa imbere mw’ihema, babizingire mu mpuzu y’ubururu, barenzeko impuzu y’urusato bace babishira ku nderuzo yavyo.
13 "They are to remove the ashes from the altar and spread a purple cloth over it. Baze bakure iminyota kuri ca gicaniro c’umwakaka, hanyuma bagipfuke impuzu itukura.
14 On it they are to put all its serving vessels—firepans, forks, shovels, basins, all the altar's vessels—then spread over it a fine leather covering and insert its poles. Bazoce bagishirako ibikoresho bikoreshwa mu bikorwa vyo ku gicaniro, harimwo ivyotezo, amakanya yo guterura inyama, amapanu n’ibikoresho vyo kumijagira amaraso. Baze bagipfukishe impuzu ikozwe mu rusato bace bashiramwo vya biti vyo kugiterura.
15 "When Aaron and his sons finish covering the holy things and all vessels of the holy place, and the camp sets out, Kohath's sons come to carry them, but they must not touch the holy things or die. These are Kohath's sons' burdens in the tent of meeting. Aroni n’abahungu biwe nibaheza gupfuka ibikoresho vyose vyejejwe, abantu na bo bakaba biteguye kugenda bava aho bahora bacumbitse, Abakohati bazoce baza guterura ivyo bikoresho vyose. Ariko ntibaze bakore kuri vya bikoresho vyejejwe kuko bohava bapfa. Abakohati baze baterure vya bikoresho biri mw’ihema ry’ibonaniro.
16 "Eleazar son of Aaron the priest is responsible for the lamp oil, fragrant incense, daily grain offering, and anointing oil—responsible for the whole tabernacle, everything in it, the sanctuary and its furnishings." Eliyazeri mwene Aroni, umuherezi, azoba ajejwe kuraba amavuta yo mu matara, ivyo guturirwa bimota neza, amashikanwa y’ifu atangwa imisi yose n’amavuta yo kurobanura. Azoba ajejwe ahera hose n’ibintu vyose biri ngaho, harimwo n’ibikoresho vyose vy’ahera.”
17 Our Father spoke to Moses and Aaron, saying: Uhoraho abarira Mose na Aroni ati:
18 "Do not let the tribe of the Kohathite clans be cut off from among the Levites. “Muze mwiyubare kugira ngo inzu y’Abakohati ntize izimangane mu Balewi.
19 Do this for them so they live and not die when they approach the most holy things: Aaron and his sons must enter, assigning each his task and burden. Kugira ngo ntibaze bapfe igihe bazoba begereye ibintu vyera, ng’ibi ivyo mukwiye kubakorera: Aroni n’abahungu biwe baze baje mw’ihema kugira ngo umuntu wese bamwereke igikorwa akwiye gukora canke akwiye guterura.
20 But they must not go in and look at the holy things, even for a moment, or they will die." Ariko Abakohati ntibaze binjire mw’ihema ngo barabe ivyera, naho hoba akanya gatoya, kuko boca bapfa.”
21 Our Father spoke to Moses, saying: Uhoraho abarira Mose ati:
22 "Take a census of the sons of Gershon also, by their fathers' houses and their clans. “Andika amazina y’abakomoka mu nzu kwa Gerishoni hamwe n’imiryango y’Abagerishoni bose bakomoka kuri Lewi.
23 Count those thirty to fifty years old who serve, doing work at the tent of meeting. Uharure abagabo bose bamaze imyaka mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu baza gukora mw’ihema ry’ibonaniro.
24 "This is the service of the clans of the Gershonites, in serving and in carrying: Ibi ni vyo bikorwa vy’imiryango y’Abagerishoni:
25 They carry the tabernacle's curtains, the tent of meeting, its covering, the fine-leather covering over it, and the screen for the tent of meeting's entrance, Bazoba bajejwe guterura ibihuzu bikingira ahera n’ivyo mw’ihema ry’ibonaniro, n’ico gupfuka ahera hamwe n’ibipfuka hanze bikozwe mu nsato, n’ibihuzu bikingira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro,
26 the courtyard curtains, the entrance screen for the courtyard gate, surrounding tabernacle and altar, their cords, and all their service equipment—they are to do whatever these need. ibihuzu bikingira bigize urugo rw’ihema n’igicaniro, igihuzu gikingiriye irembo, imigozi n’ibindi bikoresho bijanye bigize urwo rugo. Abagerishoni baze bakore ibikeneye gukorwa vyo kuri ivyo bintu.
27 Aaron and his sons direct all the Gershonites' service—their carrying and duties; assign them all they must carry. Aroni n’abahungu biwe baze bereke Abagerishoni ibikorwa vyose bajejwe vyaba ivyo bakora canke ivyo baterura.
28 This is the service of the Gershonite clans at the tent of meeting, their duty under Ithamar son of Aaron the priest. Ivyo ni vyo abakomoka ku nzu ya Gerishoni bazokora mw’ihema ry’ibonaniro. Ivyo bazokora baze babikore barongowe na Itamari mwene Aroni, umuherezi.
29 "As for the sons of Merari, you are to count them by their clans and their fathers' houses. Andika amazina y’abakomoka mu nzu kwa Merari hamwe n’imiryango y’Abamerari bose bakomoka kuri Lewi.
30 Count everyone thirty to fifty years old who enters the service to work at the tent of meeting. Uze uharure abagabo bose bakwije imyaka mirongo itatu gushika ku mirongo itanu bakwiye gukora mw’ihema ry’ibonaniro.
31 This is their task, their service at the meeting tent: the frames, bars, posts, and bases of the tabernacle. Iki ni co gikorwa cabo bazokora mw’ihema ry’ibonaniro: kurerura imbaho zubatse ihema, imitambikwa, inkingi n’ivyo kuziterekamwo,
32 The courtyard's pillars all around, with their bases, pegs, and cords, all their equipment and service—assign by name what each must carry. inkingi z’urugo n’ivyo kuziterekamwo, imambo zo gushinga ihema, imigozi, n’ibindi vyose bijanye n’igikorwa cavyo. Uze ugenere umuntu wese ivyo akwiye guterura.
33 This is the Merarite clans' service in the Tent of Meeting, under Ithamar son of Aaron the priest." Ivyo ni vyo bikorwa vy’abakomoka kuri Merari nk’uko bakora mw’ihema ry’ibonaniro barongowe na Itamari mwene Aroni, umuherezi.”
34 So Moses, Aaron, and the leaders of the congregation counted the sons of the Kohathites by their clans and their families, Mose, Aroni n’abakuru barongoye abandi baharura Abakohati nk’uko inzu zabo n’imiryango yabo biri.
35 thirty to fifty years old, all who joined the service for work in the tent of meeting. Abagabo bose bamaze imyaka mirongo itatu gushika ku myaka mirongo itanu baza gukora mu gikorwa co mw’ihema ry’ibonaniro,
36 Those counted by their clans were 2,750. basanze bose hamwe ari ibihumbi bibiri n’amajana indwi na mirongo itanu.
37 The count of Kohathite clans, all who served in the tent of meeting, whom Moses and Aaron counted at our Father's command through Moses. Ico ni co cari igitigiri c’abakomoka kuri ku mazu ya Kohati bakora mw’ihema ry’ibonaniro. Mose na Aroni barabaharura nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
38 Those counted of the sons of Gershon, by their clans and their fathers' houses, Abagerishoni baraharurwa nk’uko amazu yabo n’imiryango yabo iri.
39 from thirty to fifty years old, all who entered service work at the tent of meeting. Abagabo bose bamaze imyaka iri hagati ya mirongo itatu na mirongo itanu bakwiye gukora mw’ihema ry’ibonaniro,
40 Those counted by their clans and their fathers' houses were 2,630. baharuwe nk’uko amazu n’imiryango yabo biri basanze ari ibihumbi bibiri n’amajana atandatu na mirongo itatu.
41 These were counted from the Gershonite clans, all who served in the tent of meeting, whom Moses and Aaron counted at our Father's command. Ico cari igitigiri c’abakomoka kuri Gerishoni bakora mw’ihema ry’ibonaniro. Mose na Aroni barabaharura nk’uko Uhoraho yari yabitegetse.
42 Those counted of the clans of the sons of Merari, by their clans and their fathers' houses, Abamerari baraharurwa nk’uko amazu n’imiryango yabo biri.
43 from age thirty to fifty, all who entered service for work in the tent of meeting, Abagabo bose bari hagati y’imyaka mirongo itatu na mirongo itanu baza gukora mw’ihema ry’ibonaniro,
44 those counted by their clans were 3,200. baharuwe nk’uko amazu n’imiryango yabo biri bari ibihumbi bitatu n’amajana abiri.
45 These were counted of the clans of Merari's sons, whom Moses and Aaron counted at our Father's command through Moses. Ico ni co gitigiri c’abakomoka ku mazu n’imiryango y’Abamerari. Mose na Aroni barabaharura nk’uko Uhoraho yari yabitegetse abicishije kuri Mose.
46 All those whom Moses, Aaron, and Israel's leaders counted among the Levites, by clans and ancestral houses. Nuko Mose, Aroni n’abakuru b’Abisirayeli baharura Abalewi bose bakurikije amazu yabo n’imiryango yabo.
47 From thirty to fifty years old, everyone who served and carried loads in the tent of meeting. Abagabo bose bamaze imyaka mirongo itatu gushika kuri mirongo itanu bakwiye gukora mw’ihema ry’ibonaniro
48 Those counted were 8,580. bari ibihumbi umunani n’amajana atanu na mirongo umunani.
49 By our Father's command, Moses appointed each to his service and burden, and counted them, as our Father commanded Moses. Nk’uko Uhoraho yari yabitegetse abicishije kuri Mose, umwe wese ahabwa igikorwa ciwe kandi abarirwa ico akwiye guterura. Maze bose baharurwa, nk’uko Uhoraho yari yabitegetse Mose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]