Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 36 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The family heads of Gilead's clan—descendants of Machir son of Manasseh, from Joseph's clans—approached and spoke before Moses and the leaders, heads of Israel's family clans. Abakuru b’umuryango wa Gileyadi mwene Makiri, Makiri mwene Manase, bari abo mu ruvyaro rwa Yosefu, baza kuvugana na Mose n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli.
2 They said, "Our Father commanded my lord to give the land as an inheritance by lot to Israel's people, and my lord was commanded by our Father to give our brother Zelophehad's inheritance to his daughters. Baravuga bati: “Nyakwubahwa, igihe Uhoraho yakubwira, ko uzogaburira Abisirayeli igihugu ukoresheje ubupfindo, yavuze ko uzoha umugabane w’umuvukanyi wacu Zelofehadi abakobwa biwe.
3 If they marry men from other Israelite tribes, their inheritance will be removed from our fathers' inheritance and added to their new tribe's, shrinking our allotted inheritance. Hamwe borongorwa n’abo mu yindi miryango y’Abisirayeli; umugabane wabo woca uja mu muryango bagiyemwo, ukava ku mugabane w’umuryango wacu. Aho rero igice c’umugabane wari uwacu woba ugiye ahandi.
4 When Israel's jubilee comes, their inheritance joins the inheritance of the tribe they marry into, taken from our fathers' tribe's inheritance." Umwaka wa Yubile y’Abisirayeli ushitse, umugabane wabo uzoca wegukira wa muryango barongowemwo, maze ukurwe ku mugabane wa ba sogokuru.”
5 So Moses commanded the Israelites at our Father's word, saying, "The tribe of Joseph speaks rightly. Nuko Mose atanga iri tegeko ku Bisirayeli abibwiwe n’Uhoraho ati: “Ivyo ab’umuryango wa Yosefu bariko baravuga ni vyo.
6 This is what our Father commands about Zelophehad's daughters: they may marry whoever they think best, only within their father's tribal clan. Ibi ni vyo Uhoraho ategetse abakobwa ba Zelofehadi: bashobora kurongorwa n’uwo bipfuza, ariko aze abe ari uwo mu muryango wa ba sekuru.
7 No Israelite inheritance may pass from tribe to tribe; each Israelite must keep their ancestral tribe's inheritance. Ntihaze hagire umugabane w’umuryango uzoja mu wundi muryango, kuko Umwisirayeli wese azogumya umugabane yahawe mu muryango wiwe.
8 Every daughter who inherits in an Israelite tribe must marry within her father's tribal clan, so every Israelite keeps his ancestral inheritance. Umukobwa wese azoragwa itongo mu muryango wose w’Abisirayeli, azotegerezwa kurongorwa mu muryango wa ba sekuru, kugira ngo Umwisirayeli wese aze agumane umugabane wa ba sekuru biwe.
9 No inheritance may pass from one tribe to another; each tribe of Israel must hold to its own inheritance." Ntihaze hagire umugabane uva mu muryango ngo uje mu wundi, nuko rero umuryango wose w’Abisirayeli uze ugumye itongo warazwe.”
10 Just as our Father commanded Moses, so the daughters of Zelophehad did. Nuko abakobwa ba Zelofehadi bakora nk’uko Uhoraho yategetse Mose.
11 Mahlah, Tirzah, Hoglah, Milcah, and Noah, the daughters of Zelophehad, married their cousins on their father's side. Abakobwa ba Zelofehadi: Mahala, Tiriza, Hogula, Milika na Noha, barongorwa na bavyara babo bo mu muryango wa se.
12 They married into the clans of Manasseh son of Joseph's descendants, and their inheritance stayed in their father's tribal clan. Barongowe mu muryango wa Manase mwene Yosefu, maze umugabane wabo uca uguma mu muryango wa sewabo.
13 These are the commands and rulings our Father commanded through Moses to Israel's people on the plains of Moab, by the Jordan at Jericho. Ayo ni yo mategeko n’amabwirizwa Uhoraho yahaye Abisirayeli abicishije kuri Mose bari mu biyaya vy’i Mowabu ku nkombe ya Yorodani hakurya ya Yeriko.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]