Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 35 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father spoke to Moses on the plains of Moab by the Jordan across from Jericho: Mu biyaya vy’i Mowabu ku nkengera z’uruzi Yorodani hakurya ya Yeriko, Uhoraho abarira Mose ati:
2 "Command the Israelites to give the Levites, from the inheritance they hold, cities to live in, and pastureland around them, for the Levites. “Bwira Abisirayeli baze bahe Abalewi ibisagara vyo kubamwo bivuye mu mugabane Abisirayeli bazoronka. Kandi babahe n’uburagiro i ruhande y’ivyo bisagara.
3 The cities are theirs to live in; the pasturelands are for their cattle, livestock, and all their living creatures. Ni ho bazoronka ibisagara vyo kubamwo n’uburagiro bw’amasho yabo, imikuku yabo n’ibindi vyose batunze.
4 "The pasturelands of the cities you give the Levites reach about 1,500 feet out from the city wall on every side. Uburagiro buzoba buri inyuma y’ibisagara muzoha Abalewi buzoba bushika ku ngero z’igice c’ukuboko igihumbi uvuye ku ruzitiro rw’igisagara.
5 Measure outside the city: about 3,000 feet on the east side, 3,000 on the south side, 3,000 on the west side, 3,000 on the north side, with the city in the middle. This is the pastureland for their cities. Inyuma y’igisagara, muze mupime ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu buseruko, ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu bumanuko, ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu burengero n’ingero z’igice c’ukuboko ibihumbi bibiri mu buraruko, igisagara na co kibe hagati. Ubwo buzoba ari uburagiro bwabo bwegukira ivyo bisagara.
6 "Of the cities you give the Levites, six are to be cities of refuge, for a killer to flee to; besides these, give forty-two cities. Ibisagara bitandatu mu vyo muzoha Abalewi bize bibe ibisagara vy’ubuhungiro, ivyo umuntu yishe uwundi azoshobora guhungiramwo. Kuri ivyo, muze mwongereko ibisagara mirongo ine na bibiri.
7 "All the cities that you give the Levites are to be forty-eight cities, together with their pasturelands. Vyose hamwe muze muhe Abalewi ibisagara mirongo ine n’umunani, biri kumwe n’uburagiro bwavyo.
8 From Israel's territory, give the Levites cities—more from large tribes, fewer from small; each gives in proportion to the inheritance it received." Ibisagara muzoha Abalewi mu gihugu Abisirayeli bagiye kuzokwegukira bize bitangwe muravye uko umugabane w’umuryango wose ungana: muze mutange ibisagara vyinshi ku muryango ufise abantu benshi, ariko ku wufise bake muze mutange bike.”
9 Our Father spoke to Moses: Nuko Uhoraho abarira Mose ati:
10 "Speak to the Israelites and tell them: When you cross the Jordan into the land of Canaan, “Vugana n’Abisirayeli ubabwire uti: ‘Nimwajabuka Yorodani muja i Kanani,
11 choose cities for yourselves, cities of refuge, where anyone who kills a person unintentionally may flee there. muze mutoranye ibisagara bimwe kuba ibisagara vy’ubuhungiro, ivyo umuntu azoba yishe uwundi atabiteguye azohungiramwo.
12 These cities are a refuge for you from the blood avenger, so the killer won't die until standing before the assembly for judgment. Bizoba ibibanza vyo guhungiramwo umuhozi, kugira ngo uwo muntu yagirizwa ubwicanyi ntapfe ataracirirwa urubanza imbere y’ikoraniro.
13 The cities you give are to be six cities of refuge for you. Ivyo bisagara bitandatu bizoba ibisagara vy’ubuhungiro.
14 Give three cities beyond the Jordan and three cities in the land of Canaan; they are to be cities of refuge. Muze mutange ibisagara bitatu hakuno ya Yorodani na bitatu i Kanani.
15 These six cities are a refuge for Israelites, the foreigner, and the temporary resident among them, so anyone who kills a person by accident may flee there. Ivyo bisagara uko ari bitandatu bize bibe ivyo guhungiramwo ku Bisirayeli, inyambukira canke uwundi muntu wese aba hagati muri mwebwe, kugira ngo uwishe uwundi atabishaka ashobore guhungirayo.
16 "But if someone strikes another with an iron object and the victim dies, the attacker is a murderer—the murderer must be put to death. Umuntu niyakubita uwundi icuma agaca apfa, azoba ari umwicanyi; uwo mwicanyi aze yicwe.
17 If he struck him with a stone in his hand that could kill, and he died, he is a murderer; the murderer must be put to death. Canke umuntu azoba afise ibuye mu ntoke rishobora kwica, akaritera uwundi ngo apfe, azoba ari umwicanyi; uwo mwicanyi aze yicwe.
18 Or if he struck him with a deadly wooden tool in hand, and he died, he is a murderer; the murderer must be put to death. Kandi umuntu niyaba afise ikintu gikozwe mu giti mu ntoke gishobora kwica, hanyuma akagikubita umuntu kugira ngo apfe, ni umwicanyi; uwo mwicanyi aze yicwe.
19 The avenger of blood is to kill the murderer himself; when he meets him, he is to kill him. Uwuhora amaraso yasheshwe aze yice uwo mwicanyi; niyahura na we, aze amwice.
20 If he pushed him from hatred, or threw something at him in ambush, so he died, Umuntu niyasunika mugenziwe n’inzigo canke akamutera ikintu afise intumbero yo kumwica
21 or if he struck him with his hand out of hatred and he died, the striker must be put to death—he is a murderer. The avenger of blood is to kill the murderer when he finds him. canke akamukubita ingumu n’inzigo kugira ngo apfe, azoba ari umwicanyi. Uwujejwe guhora amaraso yasheshwe aze yice uwo mwicanyi niyahura na we.
22 "But if he shoved him suddenly without hostility, or threw anything at him without ambush, Ariko umuntu niyica mugenziwe ata nzigo yari amufitiye mu kumusunika atabigabiye canke akamutera ikintu
23 or, without seeing him, dropped on him a stone able to kill, and he died—not his enemy, not seeking his harm, canke akamurekurirako ibuye atamubonye bigatuma apfa, ko atari umwansi wiwe kandi atari yagabiye kumugirira nabi,
24 then the assembly is to judge between the slayer and the avenger of blood according to these rules. ikoraniro rize ribacire urubanza we n’umuhozi bisunze aya mategeko.
25 The assembly must rescue the killer from the blood avenger's hand and return him to the city of refuge he fled to; he must stay there until the high priest anointed with holy oil dies. Ikoraniro rize rikingire uwagirijwe ko yishe umuntu ngo umuhozi ntamwice kandi baze bamurungike asubire mu gisagara c’ubuhungiro aho yari yahungiye. Aze agumeyo gushika aho umuherezi mukuru azopfira, uwarobanujwe amavuta yo kurobanura.
26 "But if the killer ever leaves the border of his refuge city, where he fled, Ariko uwo yagirizwa niyaja hanze akarenga imbibe z’igisagara c’ubuhungiro yahungiyemwo
27 if the avenger of blood finds him outside his city of refuge's border and kills the killer, he incurs no bloodguilt. maze umuhozi akamusanga hanze y’ico gisagara, uwo muhozi ashobora kumwica kandi ntazotsindwa n’urubanza ko ari umwicanyi.
28 The killer must stay in his city of refuge until the high priest dies; only after the high priest's death may he return to his own land. Uwo yagirizwa ategerezwa kuguma mu gisagara c’ubuhungiro gushika aho umuherezi mukuru azopfira; inyuma y’urupfu rw’umuherezi mukuru ni ho honyene yemerewe gusubira iwe.
29 These are to be a permanent law for you throughout your generations, in every place where you live. Aya azobe amategeko mugenderako uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi, aho muzoba muba hose.
30 "Anyone who kills a person is to be executed as a murderer, on witnesses' testimony; one witness alone cannot testify against a person to cause death. Umuntu wese azokwica uwundi aze yicwe nk’umwicanyi ariko nihaboneka abamwagiriza. Ariko ntihaze hagire uwicwa hisunzwe ivyavuzwe n’icabona kimwe.
31 "Take no ransom for a murderer's life who deserves death—he must be executed. Ntimuze mwemere incungu y’umwicanyi, kandi ategerezwa gupfa. Ntaze abure kwicwa.
32 Take no ransom for someone who fled to his city of refuge, letting him return to live in the land before the priest dies. Ntimuze mwemere incungu y’uwahungiye mu gisagara c’ubuhungiro ngo mumwemerere kugaruka ngo abe iwe imbere y’uko umuherezi mukuru apfa.
33 "Don't pollute the land you live in—blood pollutes the land, and the land can have no atonement for blood shed on it except by the blood of the one who shed it. Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo. Amaraso asheshwe ahumanya igihugu, kandi nta mpongano ishobora gutangwa aho amaraso yasesetse, atari amaraso y’uwayasheshe.
34 Don't make the land unclean—you live there, and I live among you; for I, your Father, live among Israel's people." Ntimuze muhumanye igihugu mubamwo kuko nanje ari ho mba. Ndi Uhoraho kandi mba hagati mu Bisirayeli.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]