Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Moses spoke these words to all Israel across the Jordan, in the wilderness, in the Arabah opposite Suph, between Paran and Tophel, Laban, Hazeroth, and Dizahab. Aya ni amajambo Mose yabwiye Abisirayeli igihe bari bakiri mu bugaragwa, mu buseruko bw’uruzi Yorodani. Aho ni mu kiyaya citwa Araba, aharabana n’i Sufi, hagati ya Parani, Tofeli, Labani, Hazeroti na Dizahabu.
2 It is eleven days' journey from Horeb by the way of Mount Seir to Kadesh-barnea. Mu bisanzwe urugendo rwo kuva ku musozi Horebu gushika i Kadeshi Baruneya rwomara imisi icumi n’umwe gusa ujanye inzira ica ku musozi wa Seyiri.
3 In the fortieth year, on the eleventh month's first day, Moses told Israel all our Father had commanded him for them, Mu mwaka ugira mirongo ine, ku musi wa mbere w’ukwezi kwawo kw’icumi na rimwe, Mose abarira Abisirayeli ivyo Uhoraho yamutumye kuri bo.
4 after he defeated Sihon king of the Amorites, who lived in Heshbon, and Og king of Bashan, who lived in Ashtaroth and Edrei. Ivyo vyabaye amaze kunesha Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, na Ogi umwami wa Bashani yaba muri Ashitaroti amuneshereje ahitwa Edireyi.
5 Beyond the Jordan, in the land of Moab, Moses began to explain this instruction, saying: Bakiri hakurya ya Yorodani mu ntara ya Mowabu, Mose atangura gusigurira abantu ibi Vyagezwe, ababwira ati:
6 Our Father spoke to us at Horeb, saying, "You have stayed long enough at this mountain. “Uhoraho Imana yacu yatubaririye i Horebu ati: ‘Igihe mumaze kuri uwu musozi ni kirekire bikwiye.
7 Turn and travel to the Amorite hills and all their neighbors—the Arabah, hills, lowland, Negev, seacoast—the Canaanite land, Lebanon, as far as the great Euphrates River. Harageze ko mushingura amahema yanyu mukagenda mutumbereye imisozi y’Abamori n’iy’intara zihegereye zo muri Araba, mu misozi, mu biyaya vyo mu burengero, i Negebu no mu kiyaya cegereye ikiyaga, muje mu ntara y’Abanyakanani n’i Libani, mushike no ku ruzi runini, ari rwo Efurate.
8 Look, I have set the land before you. Go possess the land I swore to give your fathers—Abraham, Isaac, and Jacob—and their descendants after them." Ehe raba, ndabahaye ico gihugu. Nimucinjiremwo mucegukire, ni igihugu Uhoraho yarahiye ko azoha ba sogokuruza banyu Aburahamu, Isaka na Yakobo, n’abazobakomokako bose bazokwaruka inyuma yabo.’ ”
9 At that time I said to you, "I am not able to carry you by myself. Ico gihe narababwiye nti: “Igikorwa co kubarongora kiraremereye cane sinshobora kugikora jenyene.
10 Your Father has multiplied you, and today you are as numerous as the stars of heaven. Uhoraho Imana yanyu yarabagwije ku buryo mungana n’inyenyeri zo kw’ijuru.
11 May our Father multiply you 1,000 times over and bless you, as he promised you. Kandi Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, arakabagwiza incuro igihumbi, yongere abahezagire nk’uko yabisezeranye!
12 How can I bear by myself the weight and burden of you and your strife? Ariko none noshobora nte kwikorera ingorane zanyu, imitwaro yanyu hamwe n’imitongano yanyu jenyene?
13 Choose for your tribes wise, understanding, and experienced men, and I will appoint them as your heads." Nuko rero nimwitoranirize mu miryango yanyu yose abantu muri mwebwe, b’abanyabwenge, batahura, kandi bubashwe, kugira ngo ndabazeze igikorwa co kubarongora.”
14 And you answered me, "The thing that you have spoken is good for us to do." Mwaranyishuye muti: “Ico utubwiye ni ciza.”
15 So I took your tribal heads—wise, experienced men—and made them leaders over you: commanders of thousands, hundreds, fifties, tens, and officers for your tribes. Ni ho naca mfata abo bantu bo mu miryango yose bafise ubwenge kandi bubashwe, nkabaha ubutware kuri mwebwe, bamwe kurongora ibihumbi, abandi amajana, abandi mirongo itanitanu, abandi na bo cumicumi, ndabagira abatware mu miryango yanyu.
16 At that time I instructed your judges: "Hear cases between your brothers, and judge justly between a man, his brother, or the foreigner with him. Kandi ico gihe nabwiye abacamanza banyu nti: “Muzokwumvirize imanza zizoba hagati y’abantu banyu, muheze mubacire imanza zigororotse, rwaba urubanza ruri hagati y’Abisirayeli babiri, canke hagati y’Umwisirayeli n’umunyamahanga aba muri mwebwe.
17 Show no favoritism in judgment; hear small and great alike. Fear no one, for judgment belongs to our Father. Bring me any case too hard for you; I will hear it." Ntimuze muhengame mu guca imanza, muze mwumvirize bose, uworoshe co kimwe n’uwuhambaye. Ntimuze mutinye umuntu n’umwe, kuko urubanza muzoca ruzoba ruciwe n’Imana. Muze munzanire imanza zigoye cane, nanje nzozica.”
18 And I commanded you at that time all the things that you should do. Ico gihe narababwiye ivyo mutegerezwa gukora vyose.
19 We left Horeb and went through that whole vast, frightening wilderness you saw, toward the Amorite hill country, as our Father commanded us, and came to Kadesh-barnea. Maze nk’uko Uhoraho Imana yacu yari yabitubwiye, tuva i Horebu, tugenda twerekeye imisozi miremire yo mu gihugu c’Abamori, duca muri bwa bugaragwa bunini kandi bwica nk’uko mwabubonye, turaheza dushika i Kadeshi Baruneya.
20 I said to you: You have reached the Amorites' hill country, which our Father is giving us. Ndaheza ndababwira nti: “Murashitse mu misozi y’igihugu c’Abamori, ico Uhoraho Imana yacu aduhaye.
21 See, your Father has put the land before you. Go up, take it, as our Father promised. Don't fear or lose heart. None ehe raba Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu. Nimuduge mucegukire nk’uko Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yabibabwiye. Ntimutinye, ntimucike intege.”
22 All of you came to me and said, "Let's send men ahead to scout the land for us and bring back word on the route to take and the cities we'll reach." Ico gihe mwese mwaje aho ndi mumbwira muti: “Reka tubanze turungike abantu bagende gutata ico gihugu, hanyuma bazogaruke batubwire inzira tuzojana, n’ibisagara tuzokwinjira.”
23 The plan seemed good to me, so I took twelve of your men, one from each tribe. Nanje numvise ko ico ciyumviro ari ciza, nca ntoranya abagabo icumi na babiri, umwe mu muryango wose.
24 They turned and went up into the hill country, reached the Valley of Eshcol, and explored it. Baraduga muri ico gihugu, bashika mu kiyaya ca Eshikoli, baracihweza neza.
25 They took some of the land's fruit in their hands, brought it down to us, and reported: "The land our Father is giving us is good." Batora n’ivyamwa vyo muri ico gihugu, barabituzanira, batubwira inkuru zaho, bati: “Igihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye ni ciza cane.”
26 Yet you would not go up, and you rebelled against the command of your Father. Ariko ntimwashatse kuduga ngo mucinjiremwo, mugarariza Uhoraho Imana yanyu.
27 And you grumbled in your tents and said, "Because God hates us, he brought us out of the land of Egypt to put us in the Amorites' hands, to destroy us. Mwidogeye mu mahema yanyu muvuga muti: “Uhoraho aratwanka, yadukuye muri Egiputa kugira ngo aturekurire mu maboko y’Abamori batumare.
28 Where are we going up? Our brothers melted our hearts, saying, 'A people bigger and taller than us; huge cities walled to the sky; and we saw Anakim's sons there too.'" Mbega none tuja hehe? Benewacu ko batumye imitima yacu ishongeshwa n’ubwoba. Bavuze bati: ‘Abantu baho barakomeye kuturusha kandi mu burebure baradusumba, ibisagara vyabo ni bininibinini, inzitiro zavyo zikora ku bicu, kandi twarabonyeyo n’abakomoka kuri Anaki.’ ”
29 Then I said to you, "Do not be terrified or afraid of them. Ico gihe narababwiye nti: “Ntimucike ivutu, ntimubatinye.
30 Your Father, going before you, will himself fight for you, as he did for you in Egypt, before your eyes, Uhoraho Imana yanyu agendera imbere yanyu azobagwanira, nk’uko mwabonye ibagwanira muri Egiputa,
31 and in the wilderness, where you saw your Father carry you, as a father carries his son, all the way you traveled until you reached this place." n’igihe mwari mu bugaragwa. Harya mwarabonye ingene Uhoraho Imana yanyu yabateruye nk’uko umuvyeyi aterura umwana wiwe, gushika mushitse aha hantu.”
32 Yet in spite of this word you did not believe your Father, Ariko naho vyabaye gutyo, ntimwigeze mwizera Uhoraho Imana yanyu,
33 going ahead of you on the road to scout your campsite—fire by night, cloud by day—showing you the way to go. yabagendera imbere mu rugendo rwanyu rwose ari mu nkingi y’umuriro mw’ijoro no mu nkingi y’igicu ku murango, abaronderera ibibanza vyiza vyo gucumbikamwo n’inzira mushobora kujana mu rugendo.
34 And our Father heard what you said, and he was angry, and he swore, Uhoraho yumvise ivyo muvuze araraka, aca ararahira iti:
35 "None of these men, this evil generation, will see the good land I swore to give your fathers, “Nta muntu n’umwe wo muri uru runganwe rubi azobona igihugu ciza narahiye ko nzoha ba sekuruza,
36 except Caleb son of Jephunneh. He will see it, and I will give him the land he walked on, and his children, because he fully followed our Father.' kiretse Kalebu mwene Yefune. We azokibona kandi hamwe n’uruvyaro rwiwe nzobaha aho bazogeza ikirenge hose, kuko yakurikiye Uhoraho n’umutima wiwe wose.”
37 "our Father was angry with me too because of you, saying, 'You also will not enter there.' Kandi kubera mwebwe, na jewe Uhoraho yaranshavuriye, avuga ati: “Na wewe ntuzokwinjira muri ico gihugu.
38 Joshua son of Nun, who stands before you, will enter there. Strengthen him; he will give Israel its inheritance. Ariko umufasha wawe ari we Yosuwa mwene Nuni azocinjiramwo. Umutere intege kuko ari we azorongora ihanga rya Isirayeli kugira ngo rishikire iragi.
39 Your little ones, who you said would be plunder, and your children, who today don't know good from evil—they will enter it. I will give it to them; they will possess it. Kandi urunganwe rushasha mwibaza ko rwari rugiye kugirwa inyagano, abana banyu bataramenya ikibi n’iciza, ni bo bazocinjiramwo. Nzokibaha kibe inyegu yabo.
40 But you—turn and set out into the wilderness by the road to the Red Sea." Ariko wewe, hindukira ufate inzira yo mu bugaragwa ija ku Kiyaga Gitukura.”
41 Then you answered me, "We sinned against our Father. We will go up and fight, as our Father commanded us." Each of you strapped on his weapons, thinking it easy to go up into the hill country. Ni ho mwishura muti: “Twacumuye k’Uhoraho. Reka tuduge tuje kugwana nk’uko Uhoraho Imana yacu yabitubwiye.” Maze umwe wese muri mwebwe afata ibigwanisho, mwibaza ko vyoroshe gutera akarere k’imisozi muri ico gihugu.
42 Our Father said to me, "Tell them: 'Don't go up or fight, for I'm not among you, or you'll be struck down before your enemies.'" Ariko Uhoraho arambarira ati: “Babwire uti: ‘Ntimuduge kugwana kuko atazoba ari kumwe namwe. Muzoneshwa n’abansi banyu.’ ”
43 I spoke to you, but you didn't listen. You rebelled against our Father's command, acted arrogantly, and went up into the hill country. Ni ho nabibabwira ariko mwanka kwumva, mugarariza itegeko ry’Uhoraho, kandi mu bwibone bwanyu muraduga muja muri iyo misozi.
44 The Amorites living in that hill country came out against you, chased you like bees, and crushed you in Seir as far as Hormah. Abamori baba muri iyo misozi barasohoka kubagwanya, babirukako nk’inzuki, bagenda barabica kuva i Seyiri gushika i Horuma.
45 You returned and wept before our Father, but our Father didn't hear your voice or listen to you. Mwagarutse muririra Uhoraho, ariko ntiyigera ashira umutima ku marira yanyu, yica amatwi ngo ntabumve.
46 So you stayed at Kadesh many days, the many days that you remained there. Ni co catumye mumara i Kadeshi kirya gihe cose mwahamaze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]