Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then we turned and traveled toward the wilderness by way of the Red Sea, as our Father told me, and circled Mount Seir for many days. Ni ko guca dusubira inyuma tuja mu bugaragwa, duca mu nzira itumbereye ku Kiyaga Gitukura, nk’uko Uhoraho yari yabintegetse. Tumara igihe kirekire tuzunguruka mu misozi y’i Seyiri.
2 Then our Father said to me, Maze Uhoraho arambarira ati:
3 "You have gone around this hill country long enough. Turn northward. “Igihe mumaze muzunguruka muri ino misozi ni kirekire bikwiye; ubu nimuhindukire mugende mwerekeye mu buraruko.
4 Command the people: You are crossing the territory of your brothers, Esau's descendants, who live in Seir. They will fear you—be very careful. Uhe abantu aya mategeko akurikira: ‘Mugiye guca mu gihugu ca benewanyu, abakomoka kuri Esawu, baba i Seyiri. Bazobatinya ariko namwe muze mubiyubare.
5 Do not provoke them; I will not give you any of their land, not even a footstep's width, since I have given Mount Seir to Esau as his possession. Ntimuze mubasomborotse ngo mugwane, kuko ata ntara n’imwe yabo nzobaha, sinzobaha n’ahangana n’aho umuntu yohonyoza ikirenge. Esawu namuhaye igihugu ca Seyiri ngo kibe umugabane wiwe.
6 Buy food from them for silver to eat, and also buy water from them for silver to drink. Ivyokurya vyabo muzorya n’amazi yabo muzonywa, muze mubibagurire ifeza.’ ”
7 "For your Father has blessed you in all the work of your hands. He has known your journey through this great wilderness. These forty years your Father has been with you; you have lacked nothing." Imana yanyu yarahezagiye ibikorwa vy’amaboko yanyu, yongera ibarinda mu rugendo rwanyu rwose. Inyonga zayo zagumye ku rugendo rwanyu igihe cose mwari muri ubu bugaragwa bunini. Mu myaka mirongo ine yose Uhoraho Imana yanyu yabanye namwe, nta kintu na kimwe mwigeze mukena.
8 So we passed by our brothers, the descendants of Esau who live in Seir, away from the Arabah road that comes up from Elath and Ezion-geber. Then we turned and went on toward the wilderness of Moab. Nuko twarabandanije turengana benewacu ari bo ruvyaro rwa Esawu, baba i Seyiri. Turahindukira tuva mu nzira ica muri Araba iduga ivuye ahitwa Elati n’ahitwa Eziyoni Geberi, dufata inzira ica mu bugaragwa bw’i Mowabu.
9 And our Father said to me, "Do not harass Moab or provoke them to battle, for I will not give you any of their land as a possession, since I have given Ar to Lot's descendants as a possession." Uhoraho arambarira ati: “Ntimugire ico mupfa n’Abanyamowabu canke ngo mubatere mugwane, kuko ntazobaha n’agatongo na gatoya mu gihugu cabo. Ahantu hitwa Ari nahahaye uruvyaro rwa Loti ngo habe umugabane wabo.”
10 (The Emim formerly lived there, a large and powerful people, as tall as the Anakim. Ubwoko bw’Abemiti ni bo bahora bahaba kera: bari abantu b’ibigatanya, kandi benshi cane, bari barebare nk’Abanaki.
11 Like the Anakim, they too are counted as Rephaim, but the Moabites call them Emim. Abo Bemiti co kimwe n’Abanaki, bose babita Abarefayimu, ariko Abanyamowabu bobo babita Abemiti.
12 Horites once lived in Seir, but Esau's descendants drove out and destroyed them, settling in their place—just as Israel did in the land our Father gave them.). Abahori ni bo bahora baba i Seyiri, ariko abo mu ruvyaro rwa Esawu barabirukanye. Barabatikije, bifatira igihugu cabo nk’uko Abisirayeli babikoze ku gihugu Uhoraho yabahaye ngo bacegukire.
13 Now get moving and cross the Wadi Zered." So we crossed the Wadi Zered. Uhoraho aravuga ati: “Nimuhaguruke mujabuke ikiyaya c’i Zeredi.” Natwe turahaguruka turakijabuka.
14 From Kadesh-barnea to crossing the Wadi Zered took thirty-eight years, until the whole generation of fighting men had died out of the camp, as our Father had sworn to them. Hari haheze imyaka mirongo itatu n’umunani kuva duhagurutse tuva i Kadeshi Baruneya gushika tujabuke ikiyaya c’i Zeredi. Ariko ico gihe, urunganwe rwose rw’abagabo bashobora kuja mu ntambara rwari rumaze guhonera mu bugaragwa nk’uko Uhoraho yari yarabibarahiye.
15 Indeed, the hand of our Father was against them, rooting them out from the camp until they perished. Ukuboko kw’Uhoraho kwagumye kubagwaniriza aho dushagaje kugeza kubamaze bose.
16 So when all the fighting men had finally perished and died from among the people, Igihe uwa nyuma wo muri urwo runganwe rw’abashobora kuja mu ntambara yari amaze gupfa,
17 our Father said to me, Uhoraho aca arambarira ati:
18 "Today you are to cross the boundary of Moab at Ar. “Uwu musi mugiye guca muri Ari, mu ntara y’i Mowabu.
19 When you come near the Ammonites, do not attack or provoke them, for I will not give you any of their land as a possession—I gave it to Lot's descendants as their possession." Nimwashikira Abamoni, ntimuze mubasomborotse canke ngo mubatere kugira ngo mugwane, kuko ntazobaha n’agatongo na gatoya mu gihugu c’Abamoni. Nagihaye uruvyaro rwa Loti ngo kibe inyegu yabo.”
20 (That too counts as Rephaim land—Rephaim lived there before, though Ammonites call them Zamzummim, Ico na co nyene cari kizwi nk’igihugu c’Abarefayimu bahoze bakibamwo, ariko Abamoni babita Abazamuzumi.
21 a large and powerful people, tall as the Anakim. But our Father destroyed them before the Ammonites, who drove them out and settled in their place, Bari abantu b’inkomezi kandi benshi, barebare nk’Abanaki. Uhoraho abatikiriza imbere y’Abamoni, na bo baca barabirukana bifatira ico gihugu.
22 as he did for Esau's descendants living in Seir, when he destroyed the Horites before them; they drove them out and settled in their place, remaining to this day. Uhoraho yari yabikoze gutyo ku bantu bo mu ruvyaro rwa Esawu bahoze baba i Seyiri, igihe yatikiriza Abahori imbere yabo. Barabirukanye baca baba mu gihugu cabo gushika n’uno musi.
23 The Avvim lived in villages as far as Gaza; Caphtorim, who came from Caphtor, destroyed them and settled in their place.). Kandi ivyo vyarashitse no ku bantu bitwa Abawimu bahoze baba mu mihana ishika i Gaza, Abakafutori bakomotse kuri Kafutori barabaranduye, baca begukira igihugu cabo.
24 "Set out and cross the Wadi Arnon. Look, I have given Sihon the Amorite, king of Heshbon, and his land into your hand. Begin to take possession—engage him in battle. Maze Uhoraho arambwira ati: “Haguruka mujabuke akagezi Arunoni. Ehe nshize mu maboko yanyu Sihoni Umwamori, umwami wa Heshiboni, n’igihugu ciwe. Nimumutere mutangure gufata ico gihugu.
25 Today I will begin putting dread and fear of you on every people under heaven. They will hear the report of you, tremble, and writhe in anguish because of you." Uyu musi nyene ngira ntangure guteza igihumura n’ubwoba amahanga yose ari musi y’izuba. Bazokwumva inkuru zanyu bahinde agashitsi bahagarike imitima kubera mwebwe.”
26 I sent messengers from the wilderness of Kedemoth to Sihon king of Heshbon with words of peace, saying, Tukiri mu bugaragwa bw’i Kedemoti, narungitse intumwa kuri Sihoni umwami w’i Heshiboni, ndamusaba ko tugiriranira amahoro, ndamubwira nti:
27 "Let me pass through your land. I will stay only on the road, turning aside neither right nor left. “Nimutureke duce mu gihugu canyu. Tuzoguma mu nzira itumbereye ducamwo turengana, ntituzokikama ngo tuje i buryo canke i bubamfu.
28 Sell me food for money to eat, give me water for money to drink—only let me pass through on foot, Muze mutugurisheko ivyokurya tuzorya n’amazi tuzonywa, tuzobigura amahera. Ico tubasavye ni uko mwotureka tugaca mu gihugu canyu gusa;
29 as Esau's descendants who live in Seir and the Moabites who live in Ar did for me, until I cross the Jordan into the land our Father is giving us." nk’uko abo mu ruvyaro rwa Esawu baba i Seyiri co kimwe n’Abanyamowabu baba muri Ari baturetse turarengana; kugeza tujabutse uruzi Yorodani, tugashika mu gihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye.”
30 But Sihon king of Heshbon refused to let us pass, for our Father hardened his spirit and stiffened his heart, to hand him over to you, as he has done this day. Ariko Sihoni umwami w’i Heshiboni aratwankira ko tuhaca, kuko Uhoraho Imana yanyu yari yamukomantaje umutima ntiyumvira, kugira ngo imutange mu maboko yanyu, nk’uko mubibona uwu musi.
31 And our Father said to me, "Look, I've begun giving you Sihon and his land. Begin now taking possession—possess his land." Uhoraho arambarira ati: “Murabona ko natanguye kubaha Sihoni n’igihugu ciwe. Nuko rero nimucinjire, mucegukire.”
32 Then Sihon came out against us, he and all his people, to fight at Jahaz. Igihe Sihoni n’ingabo ziwe baza kudutegerera i Yahazi ngo batugwanye,
33 And our Father gave him to us, and we struck him down, his sons, and all his people. Uhoraho Imana yacu amutanga mu maboko yanyu, muramwica, mumwicana n’abahungu biwe n’ingabo ziwe zose.
34 At that time we captured all his cities and completely destroyed every city—men, women, children—leaving no survivor. Ico gihe twateye ibisagara vyiwe vyose turabisangangura: abagabo, abagore, abana, ntihasigara n’uwo kubara inkuru.
35 We plundered only the livestock for ourselves, plus the spoil of the cities we captured. Ariko ibitungwa n’ibindi vyose twanyaze mu bisagara twafashe, twarabigumije biba ivyacu.
36 From Aroer on the Wadi Arnon's edge, and from the town in the valley, to Gilead, no town was too strong for us; Our Father gave them all to us. Kandi Uhoraho Imana yacu yadufashije gufata Aroweri, igisagara kiri ku nkengera y’umwonga Arunoni no gushika kure i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catunaniye. Uhoraho Imana yacu yabiduhaye vyose.
37 But you did not go near the Ammonites' land, all along the banks of the Wadi Jabbok and the hill country's towns, just as our Father commanded us. Kandi dukurikije ivyo Uhoraho Imana yacu yatubwiye, nta kintu na kimwe twatwaye mu ntara y’Abamoni, canke mu ntara iri ku nkengera z’uruzi Yaboki, canke mu ntara yegereye ibisagara biri mu misozi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]