Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 We turned and took the road to Bashan, and Og king of Bashan, with all his people, came out to fight us at Edrei. Hanyuma twarahindukiye dufata inzira iduga ija i Bashani, maze Ogi umwami w’i Bashani n’ingabo ziwe zose baza kudutegera kugira ngo tugwanire ahitwa Edireyi.
2 And our Father told me, "Don't fear him, for I've given him, all his people, and his land to you; do to him as you did to Sihon king of the Amorites, who lived at Heshbon." Uhoraho arambarira ati: “Ntimumutinye kuko namutanze mu maboko yanyu, we n’ingabo ziwe zose n’igihugu ciwe. Muze mumukorere nk’ivyo mwakoreye Sihoni umwami w’Abamori, yaganza i Heshiboni.”
3 So our Father also gave us Og king of Bashan and all his people, and we struck them down, leaving no survivor. Nuko Uhoraho Imana yacu aduha intsinzi kuri Ogi umwami w’i Bashani no ku ngabo ziwe zose. Twarabatikije ntitwasigaza n’umuntu n’umwe.
4 At that time we captured all his cities—all sixty, none untaken—the whole region of Argob, Og's kingdom in Bashan. Ico gihe twafashe ibisagara vyiwe vyose. Mu bisagara mirongo itandatu bari bafise nta na kimwe tutabanyaze, mu ntara yose ya Arugobu, mu bwami bwa Ogi i Bashani.
5 All these were cities fortified with high walls and barred gates, besides a great many unwalled villages. Ivyo bisagara vyose vyari bikingiwe n’inzitiro ndende z’ibihome hamwe n’inzugi zikomeye n’ivyugazo vyazo, hakaba kandi hariho n’imihana myinshi itagira inzitiro.
6 We devoted them to destruction, as with Sihon king of Heshbon, devoting to destruction every city—its men, women, and children. Bose twarabatikije nk’uko twabigize kuri Sihoni umwami w’i Heshiboni, tugatikiza ibisagara vyose n’ababibamwo: abagabo, abagore n’abana.
7 But all the livestock and the plunder of the cities we took as spoil for ourselves. Ariko ibitungwa vyabo n’ivyo twanyaze mu bisagara vyabo twarabitwaye biba ivyacu.
8 So at that time we took the land from these two Amorite kings across the Jordan, from the Arnon Valley to Mount Hermon. Nuko dufata ibihugu vy’abo bami babiri b’Abamori baba mu buseruko bwa Yorodani, uhereye ku kagezi ka Arunoni ugashika kure ku musozi Herumoni.
9 (the Sidonians call Hermon Sirion, while the Amorites call it Senir), Abanyesidoni uwo musozi Herumoni bawita Siriyoni, Abamori na bo bakawita Seniri.
10 all plateau cities, all Gilead, all Bashan to Salecah and Edrei—Og's kingdom cities in Bashan. Twafashe ibisagara biri mu biyaya vyose, dufata n’intara ya Gileyadi yose, dufata n’i Bashani hose gushika kure ahitwa Saleka na Edireyi, ibisagara vy’umwami Ogi w’i Bashani.
11 (Only Og king of Bashan was left of the Rephaim's remnant. His bed was an iron bed; isn't it in Rabbah of the Ammonites? It was about thirteen and a half feet long and six feet wide.). Umwami Ogi w’i Bashani ni we wenyene yari agisigaye mu Barefayimu. Uburiri bwiwe bwari bukozwe mu vyuma, bukagira ingero z’igice c’ukuboko icenda z’uburebure n’ingero z’igice c’ukuboko zine z’ubwaguke. Buracari i Raba ho mu Bamoni gushika n’ubu.
12 This land we took then: from Aroer on the Arnon Valley's edge, plus half the Gilead hill country and its cities, I gave to the Reubenites and Gadites. Mu ntara twegukiye ico gihe, umuryango wa Reyubeni n’uwa Gadi ni yo nahaye intara y’amaja ruguru ya Aroweri, uciye ku kagezi ka Arunoni, ugashiramwo n’igice c’intara irimwo imisozi miremire y’i Gileyadi, hamwe n’ibisagara vyaho.
13 I gave the rest of Gilead and all Bashan—Og's kingdom—to the half-tribe of Manasseh: the whole region of Argob. (All that part of Bashan was called the land of the Rephaim. Igice ca Gileyadi cari gisigaye hamwe n’intara yose ya Bashani, ari bwo bwami bwa Ogi, nahahaye igice c’umuryango wa Manase. (Iyo ntara yose y’i Arugobu i Bashani kera yari izwi nk’intara y’Abarefayimu.
14 Jair son of Manasseh took the whole region of Argob to the Geshurite and Maacathite border, and named Bashan after himself, Havvoth-jair, to this day.). Yayiro, wo mu ruvyaro rwa Manase, afata intara yose ya Arugobu, ari ho hitwa Bashani, gushika ku rubibe rw’Abageshuri n’Abamayaka; yaciye imwitirirwa, ni co gituma gushika n’ubu yitwa Havoti Yayiro.)
15 And to Machir I gave Gilead. Gileyadi nahahaye umuryango wa Makiri.
16 To the Reubenites and Gadites I gave from Gilead to the Arnon Valley—its middle the border—to the Jabbok River, the Ammonites' border. Ariko, imiryango ya Reyubeni n’iya Gadi nayihaye intara iva i Gileyadi, ikamanuka igashika ku kagezi k’uruzi Arunoni (nko hagati y’ako kagezi ni ho hari urubibe), kandi hirya ku ruzi Yaboki ni ho hari urubibe rw’Abamoni.
17 Also the Arabah, the Jordan its border, from Chinnereth to the Sea of the Arabah (the Dead Sea), below Pisgah's slopes, eastward. Urubibe rwabo rwo mu burengero ni uruzi Yorodani mu kiyaya Araba, uvuye i Kinereti gushika ku kiyaga Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, ukamanuka hepfo y’umusozi Pisiga mu buseruko.
18 At that time I ordered you: "Your Father gave you this land to possess; all your fighting men must cross armed ahead of your brothers, the Israelites. Ico gihe nabahaye itegeko nti: “Uhoraho Imana yanyu yabahaye iki gihugu ngo mucegukire. Ariko abagabo bose bashobora kuja mu ntambara ni bo bazobanza kujabuka Yorodani imbere y’Abisirayeli bandi.
19 Only your wives, children, and livestock—I know you have much livestock—stay in the cities I gave you, Ariko abagore n’abana banyu, n’ibitungwa vyanyu, biboneka ko ari vyinshi, bigume mu bisagara nabahaye,
20 until our Father gives your brothers rest as he has you, and they too take the land your Father is giving them beyond the Jordan. Then each of you returns to the possession I gave you." gushika Uhoraho atanze impore mu bandi Bisirayeli bose nk’uko namwe yayibahaye, na bo bakegukira igihugu Uhoraho Imana yanyu ibahaye hakurya ya Yorodani. Inyuma y’aho, umwumwe wese muri mwebwe arashobora gusubira mu mugabane namuhaye.”
21 I commanded Joshua then: "Your own eyes saw all your Father did to these two kings. Your Father will do so to all the kingdoms you're crossing into. Ico gihe nategetse Yosuwa nti: “Wariboneye n’amaso yawe ivyo Uhoraho yakoreye ba bami babiri. Uhoraho Imana yanyu azobigenza gutyo no ku bundi bwami bwose buri iyo mugiye.
22 Don't be afraid of them, for your Father himself fights for you." Ntimuzobatinye; Uhoraho Imana yanyu azobagwanira.”
23 And I pleaded with our Father at that time, saying, Ico gihe narasenze Uhoraho, ndamwinginga nti:
24 "My Sovereign Father, you've begun showing your servant your greatness and strong hand. What god in heaven or earth can do deeds and mighty acts like yours? “Ewe Uhoraho Nyeninganji, weretse abasavyi bawe ubukuru bwawe n’inkomezi z’ukuboko kwawe. Mbega ni iyihe Mana yindi mw’ijuru no mw’isi yokora ibikorwa bihambaye nk’ivyo ukora?
25 Please let me cross over and see the good land beyond the Jordan, this good highland, and Lebanon." Ndeka njabuke nshike hakurya mbone ubwiza bwa kiriya gihugu co hakurya ya Yorodani, kirya gihugu ciza c’imisozi miremire hamwe na Libani.”
26 But our Father was angry with me because of you and would not listen to me; our Father said to me, "Enough! Don't speak to me about this again. Ariko kubera mwebwe Uhoraho yari yarandakiye, ntiyemera no kunyumviriza. Yavuze ati: “Geza aho, ivyo birakwiye. Singomba kuzosubira kukwumva umbarira ikintu na kimwe kuri ivyo.
27 Climb Pisgah's summit, raise your eyes west, north, south, and east, and see with your own eyes, for you won't cross this Jordan. Haguruka uduge ku musozi Pisiga, urabe mu burengero, mu buraruko, mu buseruko no mu bumanuko, wihweze ico gihugu n’amaso yawe, kuko utazojabuka Yorodani.
28 But commission Joshua, encourage and strengthen him, for he will cross ahead of this people and give them the land you will see as their inheritance." Ariko tegura Yosuwa, umutere intege kandi umukomeze, kuko ari we azorongora aba bantu, akabajabukana Yorodani akabafasha kwegukira ico gihugu uzobona.”
29 So we remained in the valley opposite Beth-peor. Duca tuguma mu kiyaya kiri hafi ya Beti-Peyori.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]