Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Deuteronomy 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now, Israel, listen to the statutes and rules I am teaching you to follow, so you may live and go take possession of the land your Father, the God of your ancestors, is giving you. None rero yemwe Bisirayeli, mwumvirize amabwirizwa n’ivyagezwe ngira ndabigishe. Muyakurikize kugira ngo mubone kubaho, mwinjire mu gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza ibahaye, mugifate kibe inyegu yanyu.
2 Do not add to the word I command you, or take from it, so you keep the commandments of your Father that I command you. Ntihagire ico muzokwongera ku vyo ndababwira, kandi ntihagire n’ico muzokurako, ariko mukurikize ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu ngira ndabahe.
3 Your own eyes saw what your Father did at Baal-peor: he destroyed from among you every man who followed the Baal of Peor. Mwariboneye n’amaso yanyu ivyo Uhoraho yakoze kubera Bayali-Peyori. Uhoraho yatikije abo muri mwebwe basenze Bayali, imana y’i Peyori.
4 But you who held fast to your Father, the LORD, are all alive today. Ariko mwese abagumye k’Uhoraho Imana yanyu muracariho gushika n’uwu musi.
5 See, I taught you statutes and rules, as your Father commanded me, to do them in the land you are entering to possess. Raba, nabigishije amabwirizwa n’ivyagezwe nk’uko Uhoraho Imana yanje yari yabintegetse, kugira ngo muzobikurikize nimwashika mu gihugu mugira mwinjire ngo mugifate kibe inyegu yanyu.
6 Keep and do them; this is your wisdom and understanding before the nations, who will hear all these decrees and say, 'This great nation is truly a wise and understanding people.' Muzobikurikize vyose kandi muvyitondere, kuko ni vyo bizokwerekana ubwenge bwanyu n’ugutahura kwanyu mu yandi mahanga kuko azokwumva ivyerekeye ivyo vyagezwe akavuga ati: “Koko rino hanga ni iry’abantu b’ubwenge kandi batahura.”
7 What great nation has a god as near to it as your Father is to us whenever we call on him? Mbega hari irindi hanga rihambaye, rifise imana ziba hafi yaryo nk’uko Uhoraho Imana yacu aba hafi yacu igihe cose tumusenze?
8 What great nation has statutes and rules as just as all this law I set before you today? Kandi hari ihanga ririho rihambaye, mu kuba rifise amabwirizwa n’Ivyagezwe bigororotse nk’ivyo ndiko ndabashira imbere uno musi?
9 Only be careful and watch yourself closely, so you do not forget what your eyes have seen, and they do not leave your heart all your days. Make them known to your children and your children's children. Ariko mubibere maso, kandi mwiyubare ntimuzokwibagire ivyo amaso yanyu yabonye, canke ngo mubireke bive mu mitima yanyu ubuzima bwanyu bwose. Muzovyigishe abana banyu n’abuzukuru banyu.
10 Remember the day you stood before your Father at Horeb, when he told me, "Gather the people to me, and I will let them hear my words, so they learn to fear me all the days they live on the earth, and teach their children." Ntimuzokwibagire igihe mwahagarara imbere y’Uhoraho Imana yanyu ku musozi Horebu, maze Imana ikambarira iti: “Koraniriza abantu bose imbere yanje kugira ngo bumve amajambo yanje hanyuma bige kunyubaha igihe cose co kubaho kwabo muri ico gihugu kandi bazoshobore kuvyigisha abana babo.”
11 You came near and stood at the mountain's foot while it burned with fire to the heart of heaven—wrapped in darkness, cloud, and deep gloom. Mwibuke ko mwegereye mugahagarara ku ntango y’uwo musozi mu gihe imbeya zarabagiza ziduga hejuru cane mw’ijuru, hari igicu cirabura cane n’umwijima mwinshi bikawutwikira.
12 Your Father spoke to you from within the fire. You heard the sound of words but saw no form—only a voice. Uhoraho yavuganye namwe ari muri uwo muriro. Mwarumvise ijwi ry’amajambo yiwe ariko ntimwigeze mumubona. Humvikana ijwi gusa.
13 He declared his covenant to you, commanding you to keep it—the Ten Words—and wrote them on two stone tablets. Yabahaye isezerano, ari yo mabwirizwa icumi, ayo yabategetse gukurikiza, akanayandika ku bisate bibiri vy’amabuye.
14 And your Father commanded me then to teach you statutes and rules to follow in the land you are crossing to possess. Uhoraho yantegetse kubigisha amabwirizwa n’ivyagezwe kugira ngo muze mubikurikize nimwashika mu gihugu mugiye kwegukira kikaba icanyu, mumaze kujabuka Yorodani.
15 So watch yourselves very carefully, since you saw no form the day your Father spoke to you at Horeb from the fire, Muze mwirinde! Nta shusho y’ikintu na kimwe mwabonye umusi Uhoraho yavuganira namwe ku musozi Horebu ari mu muriro. Rero muze mwirinde cane,
16 be careful not to act corruptly by making a carved image for yourselves, in the form of any figure, the likeness of male or female, ntimuzokwiyononeshe ikintu na kimwe, kandi ntihazogire ikigirwamana na kimwe mwikorera, caba mw’ishusho y’umugabo canke mw’ishusho y’umugore,
17 the likeness of any animal on the earth, the likeness of any winged bird that flies in the sky, caba mw’ishusho y’igikoko co kw’isi canke y’inyoni zo mu kirere,
18 the likeness of anything that creeps on the ground, of any fish in the water below the earth. caba mw’ishusho y’igikwega inda hasi canke y’ifi yo mu kiyaga.
19 And do not lift your eyes to the heavens and, seeing the sun, moon, and stars—all the host of heaven—be drawn away to bow to them and serve them, which your Father allotted to all peoples under the whole heaven. Kandi nimwarangamiza mu kirere mukabona izuba, ukwezi canke inyenyeri, iryo sinzi ry’ivyo kw’ijuru, ntimuze mupfukame ngo musenge ibintu Uhoraho Imana yanyu yashiriyeho amahanga yose ari musi y’ijuru.
20 Your Father took you and brought you out of Egypt, the iron furnace, to be his own people, his inheritance, as you are today. Ariko mweho, Uhoraho yarabateruye abakura mw’itanure ry’umuriro rivugutira ivyuma ari ryo Egiputa kugira ngo abagire abantu biwe, inyegu yiharije, nk’uko muri uno musi.
21 Now your Father was angry with me because of you and swore I would not cross the Jordan or enter the good land your Father is giving you to inherit. Uhoraho yarandakiye kubera mwebwe, arandahira avyeruye ko ntazojabuka Yorodani ngo ninjire mu gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo kibe inyegu yanyu.
22 I must die in this land; I will not cross the Jordan. But you are crossing to take that good land. Nzopfira muri kino gihugu, sinzojabuka Yorodani. Ariko mwebwe muzojabuka mufate ico gihugu ciza kibe icanyu.
23 Be careful not to forget the covenant your Father made with you, and make a carved image in the form of anything your Father has forbidden you. None rero mwirinde, ntimuzokwibagire isezerano Uhoraho Imana yanyu yagiranye namwe, ntimuze mukore ikigirwamana na kimwe mw’ishusho y’ikintu na kimwe Uhoraho Imana yababujije.
24 For your Father is a consuming fire, a jealous Father. Kuko Uhoraho Imana yanyu ari umuriro utongora, akaba n’Imana ipfuha.
25 When you have children and grandchildren and have grown old in the land, if you act wickedly by making a carved image in the form of anything, and do what is evil in your Father's sight, provoking him to anger, Nimwamara kuvyara abana mukaronka n’abuzukuru, mukaba muri ico gihugu imyaka myinshi, hanyuma mukononekara, mukibazira ibigirwamana, mugakora ibitabereye mu nyonga z’Uhoraho Imana yanyu, mukayitera kuraka,
26 today I call heaven and earth to witness against you: you'll soon perish completely from the land you cross the Jordan to possess. Your days there will be few; you'll be totally wiped out. ntoye ijuru n’isi ngo bimbere ivyabona uwu musi, ko muzohonera mu gihugu mugiye kwegukira hakurya ya Yorodani ngo kibe icanyu. Ntimuzokirambiramwo, ahubwo nta kabuza muzorandurwa.
27 Your Father will scatter you among the peoples, and you will be left few in number among the nations where your Father drives you. Uhoraho azobasanzaza mu mahanga, kandi bake muri mwebwe ni bo bazorokokera muri ayo mahanga Uhoraho azobasanzarizamwo.
28 There you will serve gods of wood and stone, the work of human hands, that cannot see, hear, eat, or smell. Muri ayo mahanga muzosenga imana zakozwe n’amaboko y’abantu, izo babaje mu biti no mu mabuye, zitabona, zitumva, zitarya canke ngo zimoterwe.
29 But from there you will seek your Father and find him, if you search for him with all your heart and soul. Ariko nimwaharonderera Uhoraho Imana yanyu, muzomubona nimwamuronderana imitima n’imishaha yanyu yose.
30 When you are in distress and all these things come upon you in later days, you will return to your Father and obey his voice. Nimwaba mu mibabaro, ayo magorwa yose akabashikira, hazogera igihe mugaruke k’Uhoraho Imana yanyu mumwubahe.
31 Your Father is a merciful Father; he will not abandon you, destroy you, or forget the covenant he swore to your ancestors. Kuko Uhoraho Imana yanyu ari Imana y’imbabazi, ntizobaheba canke ngo ibatikize, canke ngo yibagire isezerano yagiranye na ba sogokuruza, iryo yashimangiye n’indahiro yayo.
32 Look back over the days long past, since our Father created humanity on the earth, and ask from one end of heaven to the other: has anything this great ever happened or been heard of? Murabaza muhereye ku vyabaye muri kahise, ivyabaye mutarabaho, muhereye igihe Imana yarema umuntu kw’isi gushitsa n’ubu, mubaze muhereye ku ntango y’ijuru mugashitsa ku mpera yaryo. Mbega hari ikintu gihambaye nk’ico cari bwaboneke canke ngo mucumve?
33 Has any people heard a god's voice speaking from within fire, as you have, and lived? Mbega hari irindi hanga rirumva ijwi ry’Imana ivugira mu muriro, nk’uko mwaryiyumviye, kandi mukabaho?
34 Or has any god dared to take a nation out of another nation for himself, by trials, signs, wonders, war, a mighty hand, an outstretched arm, and great terrors, according to all that your Father did for you in Egypt before your eyes? Mbega hari iyindi mana yoba yaragerageje kwikurira ihanga rimwe mu rindi no kuryihariza, ikoresheje ibimenyetso, ibitangaza n’utwumiza hamwe n’intambara; ikoresheje kandi ukuboko kwayo kw’inkomezi kandi kuramvuye, canke mu gukora ibikorwa bihambaye nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yakoreye mu maso yanyu mu gihugu ca Egiputa?
35 It was shown to you, so you would know our Father is the Father; there is no other besides him. Ivyo vyose mwavyeretswe kugira ngo mumenye ko Uhoraho ari we Mana wenyene, kandi ko ata yindi iriho.
36 From heaven he made you hear his voice to discipline you; on earth he showed you his great fire, and you heard his words from within the fire. Yabumvishije ijwi ryayo iri mw’ijuru kugira ngo ibigishe. Yaberetse umuriro uhambaye, mwumva n’amajambo yayo ava muri uwo muriro.
37 Because he loved your ancestors and chose their descendants after them, he brought you out of Egypt himself, by his great power, Kuko yakunze ba sogokuruza, igatoranya uruvyaro rwabo, ikabakuza muri Egiputa, ukugaragara kwayo n’ububasha bwayo bukomeye,
38 driving out before you nations greater and stronger than you, to bring you in and give you their land as an inheritance, as it is today. yirukana imbere yanyu amahanga manini kandi akomeye kubarusha, ibashikana mu gihugu cabo, irakibaha muracegukira nk’uko biri uno musi.
39 Know today, and take it to heart, that our Father is the Father in heaven above and on the earth below; there is no other. Nuko rero mwame mwibuka mu mitima yanyu ko Uhoraho ari we Mana hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi, kandi ko ata yindi Mana iriho.
40 Keep his statutes and commandments, which I command you today, so it goes well with you and your children after you, and you live long in the land your Father gives you for all time. Muzokurikize amabwirizwa n’ivyagezwe vyayo, ivyo ndabahaye uwu musi, kugira ngo ivyanyu n’ivy’uruvyaro rwanyu bizogende neza, muzorambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo kizobe icanyu ibihe vyose.
41 Then Moses set apart three cities in the region beyond the Jordan toward the sunrise, Nuko Mose atoranya ibisagara bitatu vyo hakurya ya Yorodani,
42 so anyone who killed his neighbor unintentionally, without having hated him before, could flee to one of these cities and live: ivyo uwuzokwica umuntu wese azohungiramwo, iyo yishe umubanyi wiwe akaba abikoze atabishaka, atahora amuhigira canke ngo abe yahora amufitiye urwanko. Azohungira mu gisagara kimwe muri ivyo bitatu.
43 Bezer in the wilderness on the plateau for the Reubenites, Ramoth in Gilead for the Gadites, and Golan in Bashan for the Manassites. Ivyo bisagara vyari ibi: Bezeri co mu bugaragwa mu misozi migufimigufi ku bantu bo mu muryango wa Reyubeni, Ramoti c’i Gileyadi ku bantu bo mu muryango wa Gadi, hamwe na Golani c’i Bashani ku bantu bo mu muryango wa Manase.
44 This is the law that Moses set before the people of Israel. Ibi ni vyo vyagezwe Mose yahaye Abisirayeli.
45 These are the testimonies, statutes, and rules Moses spoke to Israel when they came out of Egypt. Ng’ibi ivyashinzwe, amabwirizwa n’ivyagezwe Mose yahaye Abisirayeli igihe bari bavuye muri Egiputa,
46 East of the Jordan, in the valley opposite Beth-peor, in the land of Sihon the Amorite king who lived in Heshbon, whom Moses and Israel defeated after leaving Egypt. igihe bari bacumbitse mu kiyaya ca Beti-Peyori hakurya ya Yorodani, mu gihugu cahoze gitwarwa na Sihoni umwami w’Abamori, yaba i Heshiboni, yaneshejwe na Mose afadikanije n’Abisirayeli igihe bari bavuye muri Egiputa.
47 They took possession of his land and the land of Og king of Bashan, the two Amorite kings who lived beyond the Jordan toward the sunrise, Begukiye igihugu ciwe hamwe n’igihugu catwarwa na Ogi, umwami w’i Bashani; abami babiri b’Abamori baba hakurya ya Yorodani.
48 from Aroer on the edge of the Arnon Valley to Mount Sion (that is, Hermon), Ivyo bihugu vyava ahitwa Aroweri no ku nkengera z’akuzi Arunoni bigashika ku musozi Siyoni, ari wo Herumoni,
49 with all the Arabah beyond the Jordan eastward, to the Sea of the Arabah, below the slopes of Pisgah. bafata na Araba hakurya ya Yorodani, gushika ku Kiyaga c’Umunyu co mu kiyaya Araba, ku ntango z’umuzosi Pisiga.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]