Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 30 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Moses told Israel's tribal heads: This is what our Father commanded. Nuko Mose amenyesha abakuru b’imiryango y’Abisirayeli ati: “Ibi ni vyo Uhoraho yategetse:
2 When a man vows a vow to our Father, or swears an oath binding himself with a pledge, he must not break his word; he must do all his mouth has spoken. Umuntu niyasezeranira Uhoraho gukora ikintu kanaka akagisezerana ashizeko n’indahiro, ntaze yirahuruze ariko aze ashire mu ngiro ivyo yavuze.
3 If a woman vows a vow to our Father and binds herself by a pledge while young, living in her father's house, Umukobwa akiri mu nzu kwa se niyasezeranira Uhoraho kumushikanira ishikanwa canke kudakora ikintu ashizeko indahiro
4 when her father hears her vow and pledge binding her, and says nothing to her, all her vows and every pledge binding her stand. hanyuma se wiwe akavyumva ariko ntagire ico abarira umukobwa wiwe, ivyo yasezeranye n’ivyo yarahiye bizogumaho.
5 But if her father forbids her the day he hears, none of her vows or bonds she bound herself with will stand; our Father will forgive her, because her father forbade her. Ariko se wiwe niyamubuza amaze kuvyumva, nta na kimwe mu vyo yasezeranye canke yarahiye gushitsa kizofata; Uhoraho azomubohora kuko se wiwe yamubujije.
6 If she marries while under her vows, or under a rash promise she has made, Niyagira ubukwe amaze kurahira canke iminwa yiwe imaze guhurudukana isezerano rimuboha
7 and her husband hears of it and stays silent to her on the day he hears, her vows stand, and the bonds she bound herself with stand. hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntagire ico amubwira, ivyo yasezeranye n’iyo ndahiro bizogumaho.
8 But if her husband forbids her the day he hears, he cancels the vow binding her and the rash promise she made; and our Father will forgive her. Ariko umugabo wiwe niyavyumva hanyuma akamubuza, azoba ahagaritse iryo sezerano ryamuboha canke iyo ndahiro yapfuye kuvuga atiyumviriye neza ikamuboha, kandi Uhoraho azomubohora.
9 But a widow's or divorced woman's vow—everything she bound herself to—stands against her. Isezerano canke indahiro bigizwe n’umupfakazi canke uwahukanye bizomuboha.
10 If she vowed in her husband's house, or bound herself by a pledge under oath, Umugore abana n’umugabo wiwe niyasezerana isezerano canke akarahira indahiro imuboha
11 and her husband heard it, said nothing to her, and did not forbid her—so all her vows stand, and every pledge by which she bound herself stands. hanyuma umugabo wiwe akavyumva ariko ntagire ico amubwira kandi ntamubuze, ivyo yasezeranye vyose n’ivyo yarahiye vyose bizogumaho.
12 But if her husband nullifies them the day he hears, nothing she said—her vows or the pledge binding her—will stand: he has nullified them, and our Father will forgive her. Ariko uwo mugabo wiwe amaze kwumva ivyo yasezeranye agaca abihagarika ubwo nyene akivyumva iryo sezerano canke iyo ndahiro bizoba bihagaze. Umugabo wiwe azoba yabihinduye kandi Uhoraho azomubohora.
13 Any vow and any binding oath to humble herself, her husband may confirm or nullify it. Umugabo wiwe ashobora kwemeza canke guhakana ivyo yibohesheje.
14 But if her husband stays silent to her from day to day, he confirms all her vows or obligations binding her; he confirms them, because he stayed silent to her on the day he heard them. Ariko umugabo wiwe natagira ico abimubwirako hagaca umusi wose, azoba yemeje ivyo uwo mugore yasezeranye n’indahiro yarahiye zizomuboha. Azoba avyemeje kuko ata co yavuze amaze kuvyumva.
15 But if he nullifies them after he has heard them, then he will bear her guilt. Ariko uwo mugabo niyabihindura amaze igihe avyumvise, ivyo uwo mugore yasezeranye bizoja ku mutwe w’uwo mugabo.”
16 These are the rules our Father commanded Moses, between a man and his wife, between a father and his young daughter still in his house. Ayo ni yo mategeko Uhoraho yahaye Mose yerekeye imigenderanire hagati y’umugabo n’umugore wiwe, no hagati ya se n’umukobwa wiwe akiba mu nzu iwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]