Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 29 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "In the seventh month, on the first day, hold a holy assembly. Do no ordinary work; it is a day for you to sound the trumpets. Ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi muze mugire ikoraniro ryera kandi ntimuze mugire ico mukora. Uzoba ari umusi mukuru kuri mwebwe wo kuvuza inzamba.
2 Offer a burnt offering, a pleasing aroma to our Father: one young bull, one ram, seven male lambs a year old, all without defect. Ikimazi c’ubumote bwiza bunezera Uhoraho, kizobe ikimazi co guturirwa kigizwe n’ishuri imwe ikiri nto, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, vyose bibe ibitagira agasembwa.
3 Their grain offering: fine flour mixed with oil—about six quarts for the bull, about four quarts for the ram, Iyo shuri ize iherekezwe n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ivanze n’amavuta ya elayo; hanyuma iyo mpfizi y’intama na yo izoherekezwe na bibiri vya cumi;
4 and about two quarts for each of the seven lambs; kandi umwagazi wose uzoherekezwa na kimwe ca cumi.
5 and one male goat as a sin offering, to make atonement for you. Muze mushiremwo n’isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha kugira ngo kibe ikimazi co kubakurako ivyaha vyanyu.
6 Besides the new-moon burnt offering and its grain offering, the daily burnt offering and its grain offering, and their drink offerings, by their rule—a soothing aroma, a fire offering to our Father. Ivyo bize vyiyongere kuri vya bimazi bitangwa uko ukwezi gutashe n’ivyo ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa nk’uko vyashinzwe. Bizoba ari ibimazi vyo guturirwa n’umuriro bishikaniwe Uhoraho; ubumote bwiza bumuhimbara.
7 "On the tenth day of this seventh month, hold a sacred gathering and practice self-denial; do no work at all. Ku musi ugira icumi w’uko kwezi kw’indwi muze mugire ikoraniro ryera. Muze mwisonzeshe kandi ntihagire ico mukora.
8 Present a burnt offering to our Father as a pleasing aroma: one young bull, one ram, and seven male lambs a year old, all without blemish. Muze mutange ishikanwa ribe ubumote bwiza bunezera Uhoraho, rizoba ari ikimazi co giturirwa kigizwe n’impfizi y’inka ikiri nto, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama indwi imaze umwaka, vyose bitagira agasembwa.
9 Their grain offering: fine flour mixed with oil—about six quarts for the bull, about four quarts for the one ram, Impfizi yose izoherekezwa n’ishikanwa ringana na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; hanyuma ya mpfizi y’intama na yo izoherekezwa n’ibilo bitandatu;
10 and about two quarts for each of the seven lambs; kandi umwagazi wose muri iyo ndwi uzoherekezwa n’ibilo bitatu.
11 also one male goat as a sin offering, besides the atonement sin offering, the regular burnt offering, its grain offering, and their drink offerings. Muze mushiremwo n’isuguru y’impene imwe y’ikimazi c’ivyaha, hejuru y’iryo shikanwa ry’ivyaha hamwe n’ibimazi biturirwa biri kumwe n’ishikanwa ry’ifu bijanye, n’amashikanwa y’ibinyobwa.
12 "On the fifteenth day of the seventh month, hold a holy assembly. Do no ordinary work; celebrate a feast to our Father for seven days. Ku musi ugira icumi na gatanu w’uko kwezi kw’indwi, muze mugire ikoraniro ryera kandi ntihagire ico mukora. Muhimbaze umusi mukuru w’Uhoraho imisi indwi.
13 Present a burnt offering, a fire offering, a pleasing aroma to our Father: thirteen young bulls, two rams, fourteen male lambs a year old, all without defect. Muze mushikanire Uhoraho ikimazi co guturirwa nk’ubumote bwiza bunezera Uhoraho, ikimazi co guturirwa kigizwe n’amashuri icumi n’atatu, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
14 Their grain offering: fine flour mixed with oil—about six quarts for each of the thirteen bulls, about four quarts for each of the two rams, Ishuri yose muri izo icumi na zitatu ize iherekezwe na bitatu vya cumi vy’ingero efa y’ifu inoze neza ikaranze mu mavuta; hanyuma impfizi y’intama yose ize iherekezwe n’ibilo bitandatu;
15 and about two quarts for each of the fourteen lambs; kandi umwagazi wose muri ya myagazi icumi n’ine, uzoherekezwe n’ibilo bitatu.
16 and one male goat as a sin offering, besides the daily burnt offering, its grain offering, and its drink offering. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, yiyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.
17 "On the second day: twelve young bulls, two rams, fourteen year-old male lambs, all without defect, Ku musi wa kabiri muze mutegure amashuri icumi n’abiri, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka umwe, vyose bibe bitagira agasembwa.
18 with their grain and drink offerings for the bulls, the rams, and the lambs, by number, as required; Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.
19 also one male goat as a sin offering, besides the regular burnt offering, its grain offering, and their drink offerings. Muze mushiremwo n’isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera kuri ca kimazi cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu bijanye, n’amashikanwa y’ibinyobwa yavyo.
20 "On the third day: eleven bulls, two rams, fourteen year-old male lambs, all without defect, Ku musi ugira gatatu muze mutegure amashuri icumi n’imwe, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama cumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
21 with their grain and drink offerings for the bulls, rams, and lambs, by number, as required. Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.
22 One male goat as a sin offering, besides the regular burnt offering with its grain and drink offerings. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.
23 "Fourth day: ten bulls, two rams, fourteen year-old male lambs, all without defect, Ku musi ugira kane muze mutegure amashuri icumi, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
24 with grain and drink offerings for the bulls, rams, and lambs, by their number, as required; Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.
25 plus one male goat as a sin offering, besides the daily burnt offering with its grain and drink offerings. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, yiyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.
26 "On the fifth day: nine bulls, two rams, fourteen year-old male lambs, all without defect, Ku musi ugira gatanu muze mutegure amashuri icenda, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
27 with grain and drink offerings for the bulls, rams, and lambs, by number, as required. Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.
28 Also one male goat as a sin offering, besides the continual burnt offering, its grain offering, and its drink offering. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.
29 "Sixth day: eight bulls, two rams, fourteen year-old male lambs, all without defect, Ku musi ugira gatandatu muze mutegure amashuri umunani, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
30 with their grain offering and drink offerings for the bulls, rams, and lambs, by number, as required; Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.
31 and one male goat as a sin offering, besides the regular burnt offering, its grain offering, and its drink offerings. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.
32 "On the seventh day: seven bulls, two rams, fourteen year-old male lambs, all without defect, Ku musi ugira indwi muze mutegure amashuri indwi, impfizi z’intama zibiri n’imyagazi y’intama icumi n’ine imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
33 with their grain and drink offerings for the bulls, rams, and lambs, by number, as prescribed; Kuri ayo mashuri, izo mpfizi z’intama n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’ay’ibinyobwa bijanye mukurikije igitigiri cavuzwe.
34 and one male goat as a sin offering, besides the daily burnt offering, its grain offering and its drink offering. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’amashikanwa y’ifu n’ibinyobwa bijanye.
35 "On the eighth day, hold a closing assembly; do no laborious work. Ku musi ugira umunani muze mugire ikoraniro ryera kandi ntihagire ico mukora.
36 Present a burnt offering, a fire offering, a pleasing aroma to our Father: one bull, one ram, seven male lambs a year old, all without defect, Muze mutange ikimazi co guturirwa ubumote bwiza buhimbara Uhoraho, ikimazi co guturirwa kigizwe n’ishuri imwe, impfizi y’intama imwe n’imyagazi y’intama imaze umwaka, vyose bibe bitagira agasembwa.
37 with their grain and drink offerings for the bull, ram, and lambs, by number, as prescribed. Kuri iyo shuri, iyo mpfizi y’intama, n’iyo myagazi, muze mwongereko amashikanwa y’ifu n’amashikanwa y’ibinyobwa bijanye mukurikije ibitigiri vyatanzwe.
38 One male goat for a sin offering, besides the continual burnt offering, its grain offering and its drink offering. Muze mwongereko isuguru y’impene y’ikimazi c’ivyaha, ciyongera ku kimazi co guturirwa cama gitangwa ku musi ku musi n’ishikanwa ry’ifu n’iry’ibinyobwa bijanye.
39 "Offer these to our Father at your appointed feasts, besides your vow and voluntary offerings—whether burnt, grain, drink, or peace offerings." Ivyo bimazi vyose muze mubishikanire Uhoraho ku misi mikuru uko yashinzwe. Mushobora kwongerako ivyo musezerana muvyishakiye bivuye ku mitima yanyu. Muze mutegurire Uhoraho mu misi mikuru: ibimazi vyanyu vyo kwoswa, amashikanwa y’ifu, amashikanwa y’ibinyobwa n’ibimazi vy’ishimwe.’ ”
40 Moses told the Israelites everything, just as our Father had commanded Moses. Mose abarira Abisirayeli ivyo Uhoraho yamutegetse vyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]