Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 31 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
2 "Avenge the Israelites against the Midianites; afterward you will be gathered to your people." “Genda utere Abamidiyani ubahoye ivyo bakoreye Abisirayeli. Inyuma y’aho uzoca uhamvya abanyu.”
3 So Moses told the people, "Arm men from among you for war, to go against Midian and carry out our Father's justice on Midian. Nuko Mose abarira abantu ati: “Nihagire abantu bo muri mwebwe bambara ibigwanisho baje kugwanya Abamidiyani kugira ngo bashitse uguhora kw’Uhoraho kuri bo.
4 You are to send 1,000 from each of the tribes of Israel to the war." Umuryango wose mu Bisirayeli urungike abagabo igihumbi.”
5 So from Israel's thousands, 1,000 per tribe were supplied—12,000 armed for war. Nuko abagabo ibihumbi cumi na bibiri mu Bisirayeli bambara ibigwanisho bitegurira kuja mu ntambara, umuryango wose urungika abagabo igihumbi.
6 Moses sent them to war, 1,000 from each tribe, with Phinehas son of Eleazar the priest, carrying the holy articles of the sanctuary and the signal trumpets in his hand. Mose abarungika mu ntambara, ari igihumbi ku muryango wose, abarungikana Finehasi mwene Eliyazeri, umuherezi, ari we yatwaye ibikoresho vyera vyo mw’ihema hamwe n’inzamba zo gutanga ikimenyetso c’akamo k’intambara.
7 They waged war against Midian, as our Father had commanded Moses, and they killed every male. Bagwanya Abamidiyani, nk’uko Uhoraho yategetse Mose, bica abagabo bose.
8 They killed the kings of Midian among the slain—Evi, Rekem, Zur, Hur, and Reba, Midian's five kings—and killed Balaam son of Beor with the sword. Mu bo bishe harimwo Evi, Rekemu, Zuri, Huri na Reba, abami batanu b’i Midiyani. Bicisha inkota na Balamu mwene Beyori.
9 The people of Israel captured Midian's women and children, and plundered all their livestock, flocks, and goods. Abisirayeli bafata mpiri abagore n’abana b’Abamidiyani batwara n’amasho y’Abamidiyani, n’imikuku n’ibindi vyiza vyose.
10 They burned with fire all the cities where they lived and all their camps, Baturira ibisagara vyose Abamidiyani babamwo, n’amakambi yabo.
11 and they took all the spoil and all the plunder, both people and animals. Batwara ibintu vyose n’abantu ivyo bari bigaruriye vyose,
12 They brought the captives, plunder, and spoil to Moses, Eleazar the priest, and Israel's whole assembly, at the camp on Moab's plains by the Jordan, across from Jericho. babizanira Mose na Eliyazeri umuherezi n’ikoraniro ry’Abisirayeli bose aho bari bacumbitse mu biyaya vy’i Mowabu, ku nkombe ya Yorodani aharabana n’i Yeriko.
13 Moses, Eleazar the priest, and all the assembly's leaders went to meet them outside the camp. Mose, Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’abantu bose baja kubasanganirira hanze y’aho bakoraniye.
14 But Moses was angry with the army's officers, commanders of thousands and commanders of hundreds, who returned from the battle. Mose ashavurira abakuru b’ingabo; abarongoye ingabo igihumbi n’abatwara ingabo ijana; bari bavuye mu ntambara.
15 Moses said to them, "Have you let all the women live? Arababarira ati: “Mbega mwakoze iki ko mwaretse abagore ntimubice?
16 Look, these women, on Balaam's advice, led Israel to betray our Father in the Peor incident, bringing the plague on the congregation of our Father. Ni bo bakurikije inama bagiriwe na Balamu kandi ni bo batumye Abisirayeli bakevya bakava k’Uhoraho mu vyabaye i Peyori, gushika n’aho ikiza gitera abantu.
17 Now kill every male child, and kill every woman who has slept with a man. Ubu rero nimwice abahungu bose. Kandi mwice umugore wese yaryamanye n’umugabo,
18 But keep alive for yourselves every young girl who has not slept with a man. ariko mwisigarize abakobwa bose batigeze baryamana n’umugabo.
19 Stay outside the camp seven days. Anyone who killed someone or touched a corpse must purify themselves on the third day and the seventh—you and your captives. Umuntu wese wo muri mwebwe yishe umuntu canke yakoze ku wapfuye agume inyuma y’aho mucumbitse kumara imisi indwi. Ku musi wa gatatu no ku musi w’indwi muze mwihumanure mwebwe n’abanyagano banyu.
20 Purify every garment, every leather article, everything made of goats' hair, and every wood article." Muhumanure n’impuzu zose n’ikintu cose gikozwe mu rusato, mu bwoya bw’impene canke mu biti.”
21 Eleazar the priest told the soldiers who had gone to war, "This is the statute of the law our Father commanded Moses: Nuko Eliyazeri umuherezi abarira ingabo zagiye ku rugamba ati: “Ibi ni vyo Ivyagezwe Uhoraho yahaye Mose bivuga:
22 only the gold, the silver, the bronze, the iron, the tin, and the lead. Inzahabu, ifeza, imiringa, ivyuma, n’ubundi butare
23 Everything that can withstand fire, pass through the fire—it becomes clean. But it must also be purified with water of purification. Whatever can't withstand fire, pass through the water. mbere n’ibindi vyose bidashobora gusha bize bishirwe mu muriro, ni ho bizoba bihumanuwe. Ariko kandi bize bihumanurwe n’amazi yo guhumanura. Kandi ikintu cose kidashobora kurinda umuriro, kize gicishwe muri ayo mazi.
24 Wash your clothes on the seventh day, and you'll be clean; then you may enter the camp." Ku musi w’indwi muze mumesure impuzu zanyu namwe muzoba muhumanuwe. Ni ho muzoshobora kwinjira aho ducumbitse.”
25 Our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
26 "You, Eleazar the priest, and the family heads of the community, count the plunder taken, people and animals. “Wewe na Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’imiryango y’ubu bwoko muze muharure abantu n’ibitungwa vyanyazwe.
27 Divide the plunder into two: between the fighters who went to battle and the whole congregation. Mugaburire ivyanyazwe abagabo bagiye kugwana n’abasigaye bo mw’ikoraniro.
28 From the soldiers who went out to battle, take a tax for me: one in 500—people, cattle, donkeys, and flocks. Ku mugabane w’abasoda bagwanye mu ntambara, uze ukureko umugabane wanje jewe Uhoraho ungana n’ikintu kimwe ku bintu amajana atanu, baba ari abantu, amasho, indogoba intama canke impene.
29 Take it from their half and give it to Eleazar the priest as a contribution to me. Uze wakire uwo mugabane ku mugabane wabo uwushikirize Eliyazeri umuherezi nk’umugabane w’Uhoraho.
30 From the Israelites' half, take one in fifty—from the people, cattle, donkeys, flocks, and all the animals—and give them to the Levites who keep charge of my tabernacle." Ku mugabane w’Abisirayeli, muze mutoranye kimwe ku bintu mirongo itanu, baba abantu, amasho, indogoba, intama, impene canke ibindi bitungwa vyose. Muze mubihe Abalewi, bashinzwe gutunganya ihema ry’Uhoraho.”
31 Moses and Eleazar the priest did as our Father had commanded Moses. Nuko Mose na Eliyazeri umuherezi bakora nk’uko Uhoraho yari yategetse Mose.
32 The plunder remaining from the spoil that the army had taken was 675,000 sheep, Ivyasigaye mu vyo abagiye ku rugamba banyaze vyari intama amajana atandatu na mirongo indwi na bitanu,
33 72,000 cattle, inka ibihumbi mirongo indwi na bibiri,
34 61,000 donkeys, indogoba ibihumbi mirongo itandatu na kimwe
35 and 32,000 persons in all—the women who had not slept with a man. n’abakobwa batigeze baryamana n’umugabo ibihumbi mirongo itatu na bibiri.
36 The half belonging to those who had gone out to war numbered 337,500 sheep, Igice cegukira abagiye ku rugamba cari: Intama ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu,
37 and the tribute to our Father from the sheep was 675. muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari intama amajana atandatu na mirongo indwi na zitanu;
38 The cattle were 36,000, of which the tribute to our Father was 72. inka ibihumbi mirongo itatu na bitandatu, muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari inka mirongo indwi na zibiri;
39 The donkeys were 30,500, of which the tribute to our Father was 61. indogoba ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu, muri izo umugabane w’Uhoraho ukaba wari indogoba mirongo itandatu n’imwe;
40 The persons were 16,000, of which the tribute to our Father was 32. abantu ibihumbi cumi na bitandatu, muri bo umugabane w’Uhoraho ukaba wari abantu mirongo itatu na babiri.
41 Moses gave the tribute, our Father's contribution, to Eleazar the priest, as our Father commanded him. Mose aha wa mugabane w’Uhoraho Eliyazeri umuherezi, nk’uko Uhoraho yategetse Mose.
42 As for the Israelites' half, which Moses had set apart from that of the men who fought, Igice cegukira Abisirayeli, ico Mose yari yashize ukwaco agitandukanya n’ic’abagiye ku rugamba;
43 the congregation's half was 337,500 sheep, ari co gice cagerewe abasigaye; cari intama ibihumbi amajana atatu na mirongo itatu n’indwi n’amajana atanu,
44 36,000 cattle, inka ibihumbi mirongo itatu na bitandatu,
45 30,500 donkeys, indogoba ibihumbi mirongo itatu n’amajana atanu
46 and 16,000 persons. n’abantu ibihumbi cumi na bitandatu.
47 From the Israelites' half, Moses took one of every fifty—people and animals—and gave them to the Levites in charge of our Father's tabernacle, as our Father had commanded Moses. Mu vyagenewe Abisirayeli, Mose akuramwo kimwe ku mirongo itanu baba abantu canke ibitungwa, nk’uko Uhoraho yari yamutegetse, aca abiha Abalewi, ari bo bari bajejwe igikorwa co gutunganya ihema ry’Uhoraho.
48 The officers over the army's units, the commanders of thousands and hundreds, came to Moses, Maze abakuru b’ingabo bari barongoye imice y’ingabo, baba abatwara imice y’abantu igihumbi canke abatwara imice y’abantu ijana, baja aho Mose ari,
49 and said to him, "Your servants counted the fighting men under our command; not one of us is missing. baramubwira bati: “twebwe abasavyi bawe twaharuye ingabo turongoye, kandi nta n’umwe abuze.
50 So we've brought our Father an offering—each man's find: gold articles, armlets, bracelets, signet rings, earrings, beads—to atone for ourselves before our Father." None twari tuzanye ishikanwa k’Uhoraho ry’ibikoresho vyose bikozwe mu nzahabu twaronse: imigufu, ivyo kwambara ku maboko, impeta, ivyo ku matwi; ngo tubitangeko ikimazi cacu co kwikurako icaha imbere y’Uhoraho.”
51 Moses and Eleazar the priest received from them the gold, all the crafted articles. Mose na Eliyazeri umuherezi babakirira izo nzahabu zari mu vyacuzwe vyose.
52 All the gold of the contribution that they presented to our Father, from the commanders of thousands and the commanders of hundreds, came to about 420 pounds. Inzahabu zatanzwe n’abarongoye imice y’ingabo igihumbi n’ijana izo Mose na Eliyazeri bashikaniye Uhoraho zapimye shekeli ibihumbi cumi na bitandatu n’amajana indwi na mirongo itanu.
53 The men of war had each taken plunder for himself. Uwagiye ku rugamba wese yatwaye isahu yari yazanye.
54 Moses and Eleazar the priest took the gold from the commanders of thousands and hundreds and brought it into the tent of meeting as a reminder for the Israelites before our Father. Mose na Eliyazeri umuherezi bakira ivyo abo bakuru b’ingabo igihumbi n’ijana batanze bavyinjiza mw’Ihema ry’Ibonaniro nk’icibutso ku Bisirayeli imbere y’Uhoraho.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]