Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 32 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The sons of Reuben and sons of Gad had vast herds of livestock. Seeing the land of Jazer and land of Gilead, they noticed it suited livestock well. Abareyubeni n’Abagadi, ari bo bari bafise amasho menshi n’imikuku myinshi, babona ko intara za Yazeri na Gileyadi zari nziza ku bitungwa.
2 The sons of Gad and sons of Reuben came and said to Moses, to Eleazar the priest, and to the community's leaders: Nuko baza aho Mose, Eliyazeri umuherezi n’abakuru b’abantu bari bari, baravuga bati:
3 "Ataroth, Dibon, Jazer, Nimrah, Heshbon, Elealeh, Sebam, Nebo, and Beon, “Ibisagara vy’i Ataroti, Diboni, Yazeri, Nimura, Heshiboni, Eliyalehi, Sebamu, Nebo na Beyoni;
4 the land our Father struck down before Israel's community—is land for livestock, and your servants have livestock." intara Uhoraho yagabuye mu maboko y’Abisirayeli, ni ahantu heza ku bitungwa, kandi twebwe abasavyi banyu turafise ibitungwa.
5 They said, "If we have found favor in your eyes, give this land to your servants as a possession. Don't make us cross the Jordan." Nitwaba tugiriwe ubuntu imbere yanyu, twemerere aha hantu hatwegukire nk’umugabane wacu. Twebwe ntitujabuke hakurya ya Yorodani.”
6 Moses said to the sons of Gad and Reuben, "Should your brothers go to war while you sit here? Mose abarira Abagadi n’Abareyubeni ati: “Abanyu boja mu ntambara namwe mwiyicariye ngaho?
7 Why discourage Israel from crossing into the land our Father has given them? Ni kuki mugomba guca intege Abisirayeli ngo ntibajabuke mu gihugu Uhoraho aduhaye?
8 This is what your fathers did when I sent them from Kadesh-barnea to see the land. Ivyo ni vyo ba so bakoze igihe nabarungika turi i Kadeshi Baruneya ngo bagende gutata ico gihugu.
9 They went up to the Valley of Eshcol, saw the land, then discouraged the Israelites' hearts from entering the land our Father had given them. Bamaze kuduga bajanye akabande k’i Eshikoli bararaba ico gihugu, bagarutse baciye intege Abisirayeli ngo ntibinjire ico gihugu Uhoraho yabahaye.
10 And our Father's anger burned that day, and he swore an oath, saying, Ishavu ry’Uhoraho ryaraduze aca ararahira kuri uwo musi ati:
11 surely the men who came up from Egypt, twenty years old and up, will not see the land I swore to give to Abraham, to Isaac, and to Jacob—because they did not fully follow me. ‘Kuko batankurikiye n’umutima wose, nta n’umwe mu bantu bafise imyaka mirongo ibiri n’iyirenga yavuye muri Egiputa azobona igihugu nasezeraniye Aburahamu na Isaka na Yakobo;
12 None but Caleb son of Jephunneh the Kenizzite and Joshua son of Nun, for they fully followed our Father. nta n’umwe atari Kalebu mwene Yefune Umunyakenizi na Yosuwa mwene Nuni, kuko bakurikiye Uhoraho n’umutima wose.’
13 The anger of our Father burned against Israel; he made them wander the wilderness forty years until the whole generation that had done evil before our Father had died. Ishavu ry’Uhoraho ryaraziririnze ku Bisirayeli atuma bayerera mu bugaragwa imyaka mirongo ine, gushika aho urunganwe rwose rw’abari bakoze ibibi mu nyonga ziwe ruherengetera.
14 Now you have risen up in place of your fathers, a brood of sinners, adding still more to our Father's fierce anger against Israel! None ehe raba namwe, mwa kagwi k’abanyavyaha, muhagaze mu kibanza ca ba so mugomba gutuma Uhoraho ashavurira Abisirayeli mbere birengeje.
15 If you turn from following him, he will leave them in the wilderness once again, and you will destroy all this people." Nimwamutera umugongo, azosubira ate iri hanga ryose muri ubu bugaragwa, kandi ni mwebwe muzoba mubaye impamvu y’uguhona kwabo.”
16 They came to him and said, "We'll build pens here for our livestock and cities for our children. Nuko basubira kuza aho ari baravuga bati: “Twagomba kwubaka impongore z’ibitungwa vyacu hano n’ibisagara vy’abagore bacu n’abana bacu.
17 But we will arm ourselves, ready to go ahead of the Israelites until we bring them to their place, while our children stay in fortified cities, safe from those living in the land. Ariko turiteguye kwambara ibigwanisho no kuja imbere y’Abisirayeli gushika tubashikanye iwabo. Muri ico gihe abagore bacu n’abana bacu bazoba baba mu bisagara vyubakiwe inzitiro, kugira ngo bakingirwe abantu b’iki gihugu.
18 We will not return home until every Israelite has taken his inheritance. Ntituzotaha ngo tuje mu mazu yacu gushika aho Umwisirayeli wese azoba amaze kuronka umugabane wiwe.
19 We won't inherit with them across the Jordan and beyond, since our inheritance has come to us on this side of the Jordan, to the east." Ntituzoronka umugabane hamwe na bo hakurya ya Yorodani, kuko umugabane wacu uzoba uri ngaha mu buseruko bwa Yorodani.”
20 Moses said to them, "If you do this—if you arm yourselves before our Father for the war, Nuko Mose arababarira ati: “Nimwakora uko, nimwambara ibigwanisho imbere y’Uhoraho mukagwana,
21 and every armed man among you crosses the Jordan before our Father until he drives out his enemies from before him, nimwajabuka Yorodani mwese mwambaye ibigwanisho imbere y’Uhoraho gushika yirukanye abansi biwe,
22 and the land is subdued before our Father, afterward you may return and be free of obligation to him and to Israel, and this land will be your possession before our Father. igihugu nicafatwa imbere y’Uhoraho, mushobora kugaruka mukaba abidegemvya imbere y’Uhoraho n’imbere y’Abisirayeli. Kandi aha hantu hazobegukira imbere y’Uhoraho.
23 But if you don't do this, look—you will have sinned against our Father, and know: your sin will overtake you. Ariko nimutakora mutyo, muzoba mucumuye k’Uhoraho; kandi mumenye ko icaha canyu kizobakurikirana.
24 Build cities for your little ones, pens for your flocks, and do what your mouth has promised." Nimwubake ibisagara vy’abagore banyu n’abana banyu n’impongore z’ibitungwa vyanyu, ariko muze mushitse ivyo mwasezeranye.”
25 The sons of Gad and Reuben said to Moses, "Your servants will do as my lord commands. Abagadi n’Abareyubeni babarira Mose bati: “Twebwe abasavyi bawe tuzokora nk’uko Uhoraho abidutegeka.
26 Our children, wives, flocks, and all our herds will stay there in the cities of Gilead, Abana bacu n’abagore bacu n’amasho yacu n’imikuku yacu bizoguma hano mu bisagara vy’i Gileyadi.
27 but your servants, every man armed for war, will cross before our Father to battle, as my lord says." Ariko abasavyi bawe, umugabo wese yambaye ibigwanisho, tuzojabuka tugwane imbere y’Uhoraho, nk’uko wabivuze nyakwubahwa.”
28 So Moses commanded Eleazar the priest, Joshua son of Nun, and the clan leaders of Israel's tribes about them. Maze Mose atanga amategeko aberekeye ayaha Eliyazeri umuherezi na Yosuwa mwene Nuni n’abakuru b’imiryango y’Abisirayeli.
29 Moses said to them, "If Gad's and Reuben's sons cross the Jordan with you, every man armed for battle before our Father, and the land is subdued before you, then give them Gilead as their possession. Arababarira ati: “Abagadi n’Abareyubeni, umugabo wese niyambara ibigwanisho, bakajabukana namwe Yorodani imbere y’Uhoraho, igihe igihugu kizoba kimaze gufatwa, muze mubahe igihugu c’i Gileyadi nk’umugabane wabo.
30 But if they won't cross over armed with you, they must take possession among you in the land of Canaan." Ariko nibatajabukana namwe bambaye ibigwanisho, baze bemere basangire namwe umugabane i Kanani.”
31 Gad's and Reuben's sons answered, "We will do as our Father told your servants. Abagadi n’Abareyubeni barishura bati: “Abasavyi bawe tuzokora nk’uko Uhoraho yavuze.
32 We ourselves will cross armed before our Father into the land of Canaan, and our inherited possession will remain ours beyond the Jordan." Tuzojabuka muri Kanani imbere y’Uhoraho kandi twambaye ibigwanisho, ariko umugabane wacu uzoba hakuno ya Yorodani.”
33 Moses gave to them—the sons of Gad, the sons of Reuben, and the half-tribe of Manasseh son of Joseph—the kingdom of Sihon king of the Amorites and the kingdom of Og king of Bashan: the land, its cities, the territories, and the cities of the country around. Nuko Mose aha Abagadi, Abareyubeni n’igice c’Abamanase bakomoka kuri Yosefu ubwami bwari ubwa Sihoni umwami w’Abamori n’ubwami bwa Ogi umwami w’i Bashani; igihugu cose n’ibisagara vyaho n’intara zihakikije.
34 And the sons of Gad built Dibon, Ataroth, Aroer, Abagadi basubira kwubaka Diboni, Ataroti, Aroweri,
35 Atroth-shophan, Jazer, Jogbehah, Aturoti-Shofani, Yazeri, Yogibeha,
36 Beth-nimrah, and Beth-haran—fortified cities and pens for sheep. Beti-Nimura n’i Beti-Harani nk’ibisagara bizitijwe inzitiro, kandi bubaka impongore z’ibitungwa vyabo.
37 And the sons of Reuben built Heshbon, Elealeh, Kiriathaim, Abareyubeni na bo basubira kwubaka i Heshiboni, i Eliyalehi, i Kiriyatayimu,
38 Nebo, Baal-meon (renamed), and Sibmah—they gave the cities they rebuilt new names. i Nebo, i Bayali-Meyoni (aya mazina yarahinduwe) n’i Sibuma. Ibisagara basubiyemwo baciye babiha ayandi mazina.
39 Sons of Machir son of Manasseh went to Gilead, captured it, and drove out the Amorites living there. Abakomoka mu ruvyaro rwa Makiri mwene Manase baja i Gileyadi, barahafata basohora Abamori bari ngaho.
40 So Moses gave Gilead to Machir son of Manasseh, and he settled in it. Nuko Mose aha Gileyadi Abamakiri, bakomoka kuri Manase, baca barahaba.
41 And Jair son of Manasseh went and captured their villages, and called them Havvoth-jair. Yayiro, wo mu ruvyaro rwa Manase, afata ibigwati vyaho aca avyita Havoti Yayiro risobanurwa ngo ibigwati vy’i Yayiro.
42 And Nobah went and captured Kenath and its villages, and called it Nobah, after his own name. Noba afata i Kenati n’ibigwati bihakikije aca ahita Nobati nk’uko izina ryiwe ryari.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]