Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Balaam saw that it pleased our Father to bless Israel, so he did not seek omens as before, but turned toward the wilderness. Maze Balamu abonye ko Uhoraho yashimye guhezagira Abisirayeli, ntiyagenda hirya kurondera uguhishurirwa n’Uhoraho nk’uko yari yamye abikora ubwa mbere, ariko arahindukira yerekeza amaso mu bugaragwa.
2 Balaam looked up and saw Israel camped tribe by tribe; then the Spirit of our Father came on him. Maze Balamu araramuye amaso abona Abisirayeli bacumbitse bakurikije uko imiryango yabo imeze, Mpwemu w’Imana amuzako
3 He lifted his oracle and said: "The oracle of Balaam son of Beor, the oracle of the man whose eye is opened, aca aravugishwa ati: “Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga, uku ni ko uwubona neza avuga,
4 the oracle of one who hears the words of our Father, who sees the vision of the Almighty, bowing down with eyes wide open: Uku ni ko uwumva amajambo y’Imana avuga, uwubona ivyo yeretswe n’Iyishoboravyose, uwubama hasi, amaso yiwe akuguruka:
5 How lovely are your tents, Jacob, your dwelling places, Israel! Ese ingene amahema yawe ari meza, yewe Yakobo, amazu wiberamwo, yewe Isirayeli!
6 Like valleys stretching far, like gardens beside a river, like aloes our Father has planted, like cedars beside the waters. Bimeze nk’inzuzi zitemba, ni nk’imirima itewe hafi y’umugezi; ni nk’ibiterwa vyitwa Alowe vyatewe n’Uhoraho, ni nk’ibiti vy’amasederi ari i ruhande y’amazi.
7 Water will flow from his buckets, and his descendants will have abundant water. His king will be higher than Agag, and his kingdom will be exalted. Amazi azosesa arenge inkombe zayo Imbuto zavyo zizoronka amazi menshi. Umwami wabo azoba uwuhambaye kuruta Agagi; ubwami bwabo buzoshirwa hejuru.
8 Our Father brings Israel out of Egypt; Israel is like the horns of the wild ox to them. Israel will devour the nations who oppose them, break their bones, and pierce them with arrows. Imana yabakuye muri Egiputa; bafise inkomezi nk’iz’imbogo. Bazorigata amahanga abanka amagufa yabo bayagire ubunywenywe; bazobatobaguza imyampi yabo.
9 He crouches, he lies down like a lion, like a lioness—who dares rouse him? Blessed are those who bless you, and cursed are those who curse you." Baricaye barabunze nk’intambwe, mbere nk’intambwe y’ingore; ni nde yobavyura? Abaguhezagira baragahezagirwa, abakuvuma na bo barakavumwa!”
10 Balak's anger flared against Balaam, and he clapped his hands. Balak said to Balaam, "I called you to curse my enemies, but you've blessed them three times now! Nuko Balaki ashavurira Balamu cane. Akubita amashi ku yandi aramubwira ati: “Nagutumyeko kuvuma abansi banje, ariko wabahezagiye incuro zitatu zose.
11 Now flee home! I said I would richly honor you, but God has kept you from honor." Va ngaha, taha ubu nyene! Nari navuze ko ndakugerera ingero ishimishije, ariko Uhoraho akubujije kugererwa.”
12 Balaam answered Balak, "Did I not tell the messengers you sent me, Balamu yishura Balaki ati: “Nari nabwiye abo watumye kumpamagara nti:
13 'Even if Balak gave me his house full of silver and gold, I couldn't go beyond my God's command to do good or bad on my own; I can only say what my God tells me'? ‘Naho Balaki yompa ikirimba ciwe cuzuye inzahabu n’ifeza, sinzogira ico nkora na kimwe nigeneye, caba ciza canke kibi, ngo nyuranye n’ico Uhoraho yategetse; ntegerezwa kuvuga ivyo Uhoraho avuga’?
14 And now I am going back to my people. Come, let me warn you what this people will do to your people in the days to come." Ubu rero ndisubiriye iwacu, ariko reka ndakuburire ivyo aba bantu bazokorera abantu bawe mu misi izoza.”
15 Then he lifted his oracle, saying: "Oracle of Balaam son of Beor, oracle of the man whose eye is opened, Nuko atangura kuvugishwa ati: “Uku ni ko Balamu mwene Beyori avuga, uwufise amaso abona neza avuga ibi,
16 the oracle of one who hears the words of our Father, who knows the knowledge of the Most High, who sees the vision of the Almighty, bowing down with eyes wide open: uwufise amatwi yumva amajambo y’Imana avuga ibi, uwufise ukumenya kuva ku Yisumbavyose, akabona ivyo yeretswe n’Iyishoboravyose, uwuca bugufi akubama, amaso yiwe akuguruka:
17 I see him, but not now; I gaze on him, but not near. A star will come out of Jacob, and a scepter will rise out of Israel; it will crush the brow of Moab and break down all the sons of Sheth. Ndamubona, ariko si ubu nyene; ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izova muri Yakobo; icumu ry’ukuganza rizoshingwa muri Isirayeli. Azomenagura mu ruhanga h’Abanyamowabu, amenagure imitwe ya bene Sheti.
18 Edom will be conquered, and Seir, his enemies, will be conquered, while Israel grows strong. Edomu hazoneshwa; Seyiri, mu bansi biwe hazoneshwa, ariko Isirayeli azokuzwa.
19 One from Jacob will rule, and will destroy the survivors of the city." Uwuganza azova muri Yakobo arandure amasigarira y’igisagara.”
20 Then Balaam saw Amalek, took up his message, and said: "Amalek was first among the nations, but his end is utter destruction." Nuko Balamu abonye Abamaleki atangura kuvugishwa ati: “Abamaleki bahora ari ihanga rya mbere mu yandi, ariko iherezo ryabo bazoranduka rwose.”
21 He looked at the Kenite, took up his oracle, and said: "Your dwelling place is firm, your nest set in the rock. Abonye Abakayini abavugishwako ati: “Wibera ahatekanye, icari cawe kiri ku gitandara;
22 Yet Kain will be consumed when Asshur takes you away captive." ariko mwebwe Abakayini muzosamburwa igihe Abashuri bazokujana uri inyagano.”
23 He took up his oracle and said: "Who can live when God does this? Yongera kuvugishwa ati: “Yo! Mbega ni nde azosigara Imana atari yo imushigaje?
24 Ships will come from the coasts of Kittim; they will afflict Asshur and afflict Eber, but they too will come to utter destruction." Amato azova ku nkengera za Kupuro; acinyize Ashuri kandi ababaze Eberi, ariko na bo nyene amaherezo bazoranduka.”
25 Then Balaam rose and went back to his home, and Balak also went on his way. Nuko Balamu ava hasi yitahira iwe Balaki na we ajana inzira yiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]