Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Numbers 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 While Israel lived in Shittim, the people began sexual sin with Moab's daughters. Abisirayeli bakiri i Shitimu, abagabo batangura gusambana n’abakobwa b’Abanyamowabukazi,
2 They invited the people to their gods' sacrifices; the people ate and bowed to their gods. babatumirira guha ibimazi ibigirwamana vyabo.
3 So Israel joined himself to Baal of Peor, and the anger of our Father burned against Israel. Nuko Abisirayeli bifatanya na bo mu gusenga Bayali-Peyori. Uhoraho arabashavurira cane.
4 Our Father said to Moses, "Take all the people's leaders and execute them before me in daylight, so my burning anger turns away from Israel." Uhoraho abarira Mose ati: “Fata ba bakuru bose b’ubu bwoko, ubice ubanikire ku zuba imbere y’Uhoraho, kugira ngo ishavu ryanje rive ku Bisirayeli.”
5 Moses told Israel's judges, "Each of you kill his men joined to Baal of Peor." Nuko Mose abarira abacamanza b’Abisirayeli ati: “Umuntu wese wo muri mwebwe niyice abagabo bose bifatanije n’abandi mu gusenga Bayali-Peyori.”
6 Then an Israelite man brought a Midianite woman to his brothers in front of Moses and Israel's whole assembly, while they wept at the entrance of the tent of meeting. Nuko umugabo w’Umwisirayeli azana i muhira iwe umugore w’Umumidiyanikazi amucisha imbere ya Mose n’Abisirayeli bose aho bariko bararirira ku muryango w’Ihema ry’Ibonaniro.
7 Phinehas son of Eleazar, son of Aaron the priest, saw this, rose from the assembly, and took a spear in his hand. Nuko Finehasi mwene Eliyazeri, umuhungu wa Aroni, umuherezi, abibonye, ava mw’ikoraniro, afata icumu
8 He followed the Israelite man into the chamber and pierced them both—the Israelite man and the woman, through her belly. Then the plague against the Israelites stopped. akurikira wa Mwisirayeli mw’ihema ryiwe. Abatobekeranya bompi na rya cumu, wa Mwisirayeli na wa mugore. Maze ikiza cari ku Bisirayeli kirahagarara;
9 Those who died in the plague were 24,000. ariko abari bamaze gupfa kubera ico kiza bashika ku bihumbi mirongo ibiri na bine.
10 Then our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
11 "Phinehas son of Eleazar, son of Aaron the priest, has turned my anger from the Israelites by his zeal for my zeal among them, so I didn't destroy the Israelites in my zeal. “Finehasi mwene Eliyazeri, umuhungu wa Aroni, umuherezi, ahwamitse ishavu ryanje riva ku Bisirayeli. Kubera ko yagize ishaka nkanje ryo kugarukana icubahiro canje, bitumye nigarura ngo sindabamare.
12 Therefore say: I am giving him my covenant of peace. Nuko umubwire ko ngiranye na we isezerano ry’amahoro.
13 He and his descendants after him will have a covenant of lasting priesthood, because he was passionate for me and made atonement for the Israelites." We n’uruvyaro rwiwe rwose baronse isezerano ridahera ry’ubuherezi, kuko yagize ishaka ryo guhesha icubahiro Imana yiwe agatangira Abisirayeli bose ikimazi gikuraho ivyaha.”
14 The name of the Israelite killed with the Midianite woman was Zimri son of Salu, a Simeonite clan leader. Uwo Mwisirayeli yicanywe n’uwo Mumidiyanikazi yitwa Zimuri mwene Salu, umukuru w’umuryango w’Abasimeyoni.
15 The Midianite woman killed was named Cozbi, daughter of Zur, head of a clan in Midian. Kandi uwo mugore w’Umumidiyanikazi yishwe yitwa Kozibi umukobwa wa Zuri, umukuru w’umuryango umwe w’Abamidiyani.
16 Then our Father said to Moses, Uhoraho abarira Mose ati:
17 "Treat the Midianites as enemies and strike them down, “Mufate Abamidiyani nk’abansi banyu kandi muze mubice,
18 for they are your enemies through their trickery, by which they tricked you in the matter of Peor, and of Cozbi, daughter of Midian's leader, their sister, struck down on the day of the plague over Peor." kuko babafashe nk’abansi babo igihe babahenda mu vy’i Peyori no mu vya Kozibi, umukobwa w’umukuru w’umuryango umwe mu miryango yabo, wa mugore yicwa igihe icago catera kubera inkurikizi y’i Peyori.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]