Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 24 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jesus was leaving the temple when his disciples came to show him its buildings. Yesu ariko arasohoka ava mu rusengero, abigishwa biwe baramwegera, bamwereka ingene urusengero rwubatse.
2 "Do you see all these?" he answered. "Truly I tell you: not one stone here will be left on another; all will be torn down." Na we arabishura ati: “Murabona ibi vyose? Ndababwira ukuri ko ata buye na rimwe rizosigara rigeretse ku rindi, yose azosamburirwa hasi.”
3 While Jesus was sitting on the Mount of Olives, his disciples came to him privately: "Tell us, when will these things happen, and what sign marks your coming and the end of the age?" Hanyuma Yesu yicaye ku Musozi wa Elayono, biherereye, abigishwa biwe baramubaza bati: “Tubwire, ivyo bizoshika ryari, kandi ni ikihe kimenyetso kizokwerekana ukugaruka kwawe n’umuhero w’isi?”
4 Jesus answered, "Watch out that no one deceives you. Yesu arababwira ati: “Mwirinde ntihagire umuntu n’umwe abazimiza
5 "For many will come in my name, claiming, 'I am the Christ,' and they will deceive many. kuko benshi bazoza mw’izina ryanje bavuga ngo: ‘Ni jewe Kristo,’ kandi bazozimiza benshi.
6 You'll hear of wars and rumors of wars—don't be alarmed. This must happen, but the end isn't yet. Muzokwumva intambara n’inkuru zivuga ivy’intambara hirya no hino, ariko ntimuze muhagarike imitima. Ivyo bitegerezwa gushika, ariko iherezo rya vyose ntirizoba rirashika.
7 Nation will rise against nation, and kingdom against kingdom, with famines and earthquakes in place after place. Ihanga rizotera irindi hanga, ubwami butere ubundi bwami. Ahantu henshi kw’isi hazotera ikigoyi n’ukunyiganyiga kw’isi.
8 All these are the beginning of birth pains. Ivyo vyose bizoba ari nk’intango y’ibise.
9 Then they will hand you over to suffering and kill you, hated by all nations because of my name. Hanyuma bazobafata babahame, ndetse banabice. Muzokwankwa n’amahanga yose babahora izina ryanje.
10 At that time many will fall away and will betray and hate one another, Ico gihe benshi bazota ukwizera bahemukiranire kandi bankane.
11 and many false prophets will appear and deceive many people. Hazokwaduka abavugishwa b’ibinyoma benshi kandi bazozimiza abantu benshi.
12 Because lawlessness will increase, the love of most will grow cold, Kuko ikibi kizogwira, urukundo rwa benshi na rwo ruzotimba.
13 but the one who endures to the end will be saved. Ariko uwuzokwihangana gushitsa kw’iherezo azokizwa.
14 This good news of the kingdom will be announced worldwide as a testimony to all nations, and then the end will come. Kandi ubu Butumwa Bwiza bw’Ubwami buzovugwa kw’isi yose, kugira ngo bubere ikimenyetso amahanga yose, hanyuma umuhero uzoca uza.
15 So when you see the desolating abomination Daniel the prophet spoke of standing in the holy place—let the reader understand, Nimwabona ca ‘kizira gihumanya’ cavugwa n’uwavugishwa n’Imana Daniyeli gihagaritswe Ahera; uwusoma natahure,
16 then let those who are in Judea flee to the mountains. abazoba bari i Yudaya baze bahungire ku misozi.
17 "Let no one on the rooftop go down to take anything out of the house, Uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntaze asubire mu nzu kurondera ivyo ahungana.
18 and let no one in the field go back to get a coat. Uwuzoba ari mu murima ntaze asubire i muhira gutora impuzu.
19 How dreadful it will be in those days for pregnant women and nursing mothers! Ese ukuntu iyo misi izoba ari iy’umubabaro utagira uko ungana ku bagore bibungenze n’abazoba bonsa!
20 Pray that your flight will not take place in winter or on the Sabbath. Musenge kugira ngo uguhunga kwanyu ntikuze kube mu gihe c’imbeho nyinshi cane canke ku musi w’Isabato.
21 For then there will be great suffering, unmatched from the world's beginning until now, and never to be matched again. Kuko muri iyo misi hazobaho umubabaro mwinshi utigeze kubaho kuva isi iremwa kugeza ubu, kandi ntuzosubira kubaho.
22 If those days had not been cut short, no one would survive; but for the elect's sake, those days will be cut short. Kandi iyo misi iyo itagabanywa, nta muntu n’umwe yorokotse. Ariko kubera abatoranijwe, iyo misi izogabanywa.
23 Then if anyone tells you, 'Look, here's the Christ,' or 'There he is,' don't believe it. Muri ico gihe nihagira umuntu ababwira ati: ‘Ehe Kristo ari hano!’ canke ngo: ‘Ehe ng’uriya!’ ntimuze muvyemere.
24 False messiahs and false prophets will arise, performing great signs and wonders to deceive, if possible, even the elect. Kuko abiyita Kristo n’abavugishwa b’ibinyoma bazoza ari benshi, bagakora ibimenyetso n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize n’abatoranijwe.
25 See, I have told you ahead of time. Ehe raba ndabibabwiye imbere y’uko bishika.
26 So if they say, 'Look, he's in the wilderness,' don't go out; 'Look, in the inner rooms,' don't believe it. Nihagira uwubabwira ati: ‘Erega, Kristo ari mu bugaragwa,’ ntimuze muje kumuronderayo. Canke ati: ‘Raba ari hano mu vyumba,’ ntimuze muvyemere.
27 For just as lightning flashes from the east and shows as far as the west, so will the Son of Man's coming be. Kuko nk’uko umuravyo urabiriza mu buseruko ukabonekera no mu burengero, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza.
28 Wherever there is a carcass, there the vultures will gather. Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibisiga vy’amero bizokoranira.
29 Right after the suffering of those days, the sun will go dark, the moon will give no light, stars will fall from the sky, and the powers of the heavens will shake. Ubwo nyene, inyuma y’ivyo vyago vyo muri iyo misi, ‘izuba rizocura umwijima, n’ukwezi ntikuzosubira kubonesha, inyenyeri zizokoragurika ziva kw’ijuru, n’ivy’inkomezi biri mu kirere bizonyiganyizwa.’
30 Then the sign of the Son of Man will appear in heaven, and all earth's peoples will mourn, seeing the Son of Man come on heaven's clouds with power and great glory. Inyuma y’ivyo, ni ho ikimenyetso cerekana ukugaruka kw’Umwana w’Umuntu kizogaragara kw’ijuru, kandi hazoba amaborogo mu bantu bo mu moko yose yo kw’isi. Ni ho bazobona Umwana w’Umuntu azananye n’ibicu afise ububasha bwinshi n’icubahiro.
31 He will send out his angels with a loud trumpet blast, and they will gather his chosen from the four winds, from one end of the sky to the other. Azotuma abamarayika biwe bavuze inzamba zisamirane cane, hanyuma begeranye abatoranijwe biwe bose bo mw’isi, kuva aho ijuru ritangurira gushika aho riherera.
32 Learn this from the fig tree: as soon as its branch softens and leafs out, you know summer is near. Nimwigire ku giti c’umusukoni: iyo amashami yaco atanguye gutoha, amababi na yo agatutuza, muca mumenya ko agatasi kari hafi.
33 So also, when you see all these things, know it is near, at the door. Nuko namwe, nimwabona ivyo vyose, muzoce mumenya neza ko ukugaruka kwiwe kuri hafi, ko ageze kw’irembo.
34 Truly I tell you, this generation will certainly not pass away until all these things have happened. Ndababwire ukuri, abo muri runo runganwe ntibazopfa bose ivyo vyose bitarashika.
35 Heaven and earth will pass away, but my words will never pass away. Ijuru n’isi bizokurwaho, ariko amajambo yanje ntazovaho.
36 "No one knows that day or hour—not the angels in heaven, not the Son—only the Father. Ariko ku bijanye n’umusi canke isaha, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana ubwiwe, nta n’umwe abizi uretse Data wenyene.
37 As in Noah's days, so will be the Son of Man's coming. Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe co kugaruka kw’Umwana w’Umuntu.
38 For in the days before the flood, people ate and drank, married and gave in marriage, until the day Noah entered the ark; Kuko imbere y’uko umwuzure uza, bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika ku musi Nowa yinjiriye mu bwato.
39 and they knew nothing until the flood came and swept them all away. That is how the coming of the Son of Man will be. Ntibigeze bamenya ibigira bibe kugeza umwuzure uje ukabatwara bose. Uko ni ko bizomera igihe Umwana w’Umuntu azozira.
40 Two men will be in the field; one will be taken and the other left. Abagabo babiri bazoba bari mu murima, umwe azojanwa uwundi asigare.
41 Two women will be grinding with a hand mill; one will be taken and the other left. Abagore babiri bazoba bariko barasya ku rusyo, umwe azojanwa, uwundi asigare.
42 Therefore keep watch, because you do not know on what day your Lord will come. Kubera ivyo rero mube maso, kuko mutazi umusi Umwami wanyu azozirako.
43 Understand: had the homeowner known what watch of night the thief was coming, he'd have watched and kept his house from being broken into. Mutahure ibi: Iyaba nyene inzu yomenye isaha igisuma kizirako, yoteramye ntiyokwemera ko kimena inzu yiwe.
44 So you too must be ready, because the Son of Man comes at an hour you don't expect. Ni co gituma namwe mukwiye kwama mugavye, kuko Umwana w’Umuntu azoza mu gihe mutamwiteze.
45 Who then is the faithful and wise servant, whom the master put in charge of his household to give them food at the right time? Mbega umukozi w’umwizigirwa kandi w’umunyabwenge ni nde? Ni uwo shebuja ashobora guha ubukuru bwo kuganza abandi bakozi no kubagaburira mu gihe gikwiye.
46 It will be good for that servant whose master finds him doing so when he returns. Azoba ahiriwe uwo mukozi shebuja azosanga akora gutyo niyagaruka.
47 Truly I tell you, he will put him in charge of all his possessions. Ndababwire ukuri, azoshika amuzeza ivyo atunze vyose.
48 But suppose that wicked servant says to himself, 'My master is staying away a long time,' Ariko vyogenda gute hamwe yoba ari umukozi mubi, maze akibwira mu mutima wiwe ati: ‘Databuja yatevye kugaruka,’
49 and then begins to beat his fellow servants and to eat and drink with drunkards. hanyuma agatangura gukubita abakozi bagenziwe, kurya no kuborerwa hamwe n’izindi mborerwa?
50 That servant's master will come on a day he doesn't expect, at an hour he doesn't know. Shebuja azoshika umusi uwo mukozi atari yiteze ko ashikirako, no kw’isaha atazi.
51 He will cut him to pieces and place him with the hypocrites, where people weep and grind their teeth." Azomuhimbagura hanyuma amusangize ikibanza n’indyarya, ahazoba amarira no guhekenya amenyo ku bw’umubabaro mwinshi.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]