Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 23 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Jesus spoke to the crowds and to his disciples, Yesu abwira abigishwa biwe hamwe n’abantu bose bari ngaho ati:
2 saying, "The scribes and the Pharisees sit on Moses' seat. “Abigisha b’ivyagezwe hamwe n’Abafarisayo bicaye mu kibanza ca Mose.
3 "So do and keep whatever they tell you, but not what they do—they preach, but don't do. Mukwiye rero kwiyubara mugakora ico cose bababwiye. Ariko ntimukore ivyo bakora, kuko badakora ivyo bigisha.
4 They tie up heavy, hard-to-carry loads and put them on people's shoulders, but they themselves won't lift a finger to move them. Bafata imitwaro iremereye y’amategeko y’idini bakayikoreza abantu ariko bobo ntibanayikozako urutoke.
5 They do everything to be seen by others; they widen their phylacteries and lengthen their tassels, Ivyo bakora vyose babikora kugira ngo biyerekane. Bambara udusaho turimwo imirongo y’Ivyanditswe mu ruhanga no ku maboko kandi n’imisozo yo ku mpuzu zabo bakayigira miremire gusumvya abandi.
6 and they love the place of honor at feasts and the best seats in the synagogues, Bakunda ivyicaro vy’icubahiro mu misi mikuru y’amazimano, n’intebe z’imbere mu masinagogi.
7 and greetings in the marketplaces and being called 'Rabbi' by others. Bakunda kuramutswa mu cubahiro bari mu makoraniro y’abantu, bagakunda ko babita Rabi risobanurwa ngo Mwigisha.
8 You must not be called 'Rabbi,' since you have only one teacher, and you're all brothers. Ariko mwebwe, ntimukemere ko babita Rabi kuko mufise umwigisha umwe, namwe mukaba muvukana.
9 And call no one on earth your father, for you have one Father, who is in heaven. Ntihakagire umuntu n’umwe kw’isi mwita ‘data’ kuko mufise Data umwe, ari we So wo mw’ijuru.
10 Don't let anyone call you 'instructor,' for you have one instructor, the Christ. Ntimuze mwemere n’uko babita abigisha kuko mufise umwigisha umwe ari we Kristo.
11 The greatest among you will be your servant. Umukuru cane muri mwese, ategerezwa kuba umukozi wanyu.
12 Whoever raises himself will be humbled; whoever humbles himself will be raised. Uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
13 Woe to you, scribes and Pharisees, hypocrites! For you shut the kingdom of our Father before people, neither entering yourselves nor letting in those trying to enter. Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwugaye umuryango w’Ubwami bw’ijuru, ntimwinjira mwebwe ubwanyu, kandi n’abagomba kwinjira ntimwabakundira. [
14 Not in this edition Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Munyaga abapfakazi utwabo, hanyuma mukagira amasengesho maremare kugira ngo mwiyerekane. Ni co gituma muzohanwa kurusha abandi.]
15 Woe to you, scribes and Pharisees, hypocrites! For you cross sea and land to make one convert, then make him twice the child of hell you are. Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mukwiragira hose ku misozi no mu biyaga murondera umuntu umwe ngo mumuhindure umunyedini, mumaze kumuronka mugaca mumuhindura incuro zibiri kuba uwo gutabwa muri Gehinomu, nk’uko muri!
16 Woe to you, blind guides! You say, 'Swearing by the temple means nothing, but swearing by the temple's gold makes the oath binding.' Yemwe ndongozi zihumye, muzobona ibara kuko muvuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira urusengero rw’Imana, ariko kandi mukavuga ko uwurahiye inzahabu ziri mu rusengero aba yibohesheje iyo ndahiro.’
17 Blind fools! Which is greater: the gold, or the temple that makes the gold sacred? Yemwe mwa mburabwenge zihumye, mbega igihambaye ni ikihe hagati y’inzahabu zo mu rusengero n’urusengero rutuma izo nzahabu ziba izejejwe?
18 And you say, 'Swearing by the altar is nothing, but swearing by its gift is binding.' Muravuga muti: ‘Nta co bitwaye kurahira igicaniro, ariko mukavuga ko uwurahiye ku kimazi kiri ku gicaniro aba yibohesheje iyo ndahiro.’
19 You blind men! For which is greater, the gift or the altar that makes the gift sacred? Mwa mpumyi mwe! Mbega igihambaye ni ikihe, hagati y’ikimazi n’igicaniro gituma ikimazi kiba icejejwe?
20 So whoever swears by the altar swears by it and by everything on it. Uwurahira ku gicaniro aba arahiye ku gicaniro ubwaco no ku biri kuri co vyose.
21 And whoever swears by the temple swears by it and by him who lives in it. Kandi umuntu wese arahira ku rusengero, aba arahiye ku rusengero ubwarwo no ku Mana iba muri rwo.
22 And whoever swears by heaven swears by our Father's throne and by him who sits on it. Umuntu wese arahira kw’ijuru, aba arahiye no ku ntebe y’inganji no ku Mana iyicayeko.
23 Woe to you, scribes and Pharisees, hypocrites! You bring the tenth of mint, dill, and cumin, yet neglect the law's weightier matters—justice, mercy, faithfulness. These you should have done, without neglecting the others. Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mutanga ikigiracumi kuri vyose gushika no ku mboga zo mu matongo yanyu, ariko mukirengagiza ibikomeye vyo mu vyagezwe ari vyo: ukugororoka, imbabazi, n’ukwizera. Ibi mwari mukwiye kubikora, n’ivyo bindi mutavyirengagije.
24 You blind guides, straining out a gnat and swallowing a camel! Yemwe ndongozi zihumye! Murayungurura agatuku mu vyo munywa, ariko ingamiya mukayimirira rimwe!
25 Woe to you, scribes and Pharisees, hypocrites! You clean the cup and dish outside, but inside they're full of greed and excess. Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwoza neza igikombe n’isahani inyuma, ariko imbere huzuyemwo umwanda w’ivy’ubusuma n’ukwipfuza kwanyu.
26 Blind Pharisee! First clean the inside of cup and dish, so the outside is clean too. Yemwe mwa mpumyi z’Abafarisayo! Banza mwoze imbere h’igikombe n’isahani hanyuma n’inyuma hazoheza habe heza.
27 Woe to you, scribes and Pharisees, hypocrites! You are like whitewashed tombs, appearing beautiful outside but full of dead people's bones and all impurity inside. Muzobona ibara mwa bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mumeze nk’imva zera derere; zisa neza inyuma, ariko imbere muri zo huzuyemwo amagufa n’ibindi bintu vyose bihumanye.
28 So you also outwardly appear righteous to others, but inside you are full of hypocrisy and lawlessness. Namwe ni uko, inyuma mugaragara mugororotse, ariko imbere mu mitima mwuzuye uburyarya n’ikibi.
29 Woe to you, scribes and Pharisees, hypocrites! For you build tombs of the prophets and decorate the monuments of the righteous, Muzobona ibara yemwe bigisha b’ivyagezwe n’Abafarisayo, kuko muri indyarya! Mwubakira imva z’abavugishwa n’Imana ba sogokuru banyu bishe, mugashariza ivyibutso vy’abagororotsi ba sogokuru bishe,
30 saying, 'Had we lived in our fathers' days, we would not have joined them in killing the prophets.' hanyuma mukavuga muti: Iyo tuba twariho mu gihe ca ba sogokuru, ntituba twarifatanije na bo mu gusesa amaraso y’abavugishwa.
31 So you testify against yourselves that you are the sons of those who murdered the prophets. Ariko iyo muvuze gutyo muba mwiyagirije mwebwe nyene ko muri uruvyaro rw’abo bishe abavugishwa.
32 Fill up, then, the measure of your fathers. Bandanya rero murangize ibikorwa ba sogokuru banyu batanguye!
33 You serpents, you brood of vipers, how are you to escape being sentenced to hell? Mwa nzoka mwe, ruvyaro rw’imvuvyi! Mwibaza ko muzokira mute urubanza rwa Gehinomu?
34 So I am sending you prophets, wise men, and scribes—some you will kill and crucify, some you will flog in your synagogues and persecute from town to town, None rero, ngira ndabarungikire abavugishwa, abanyabwenge hamwe n’abigisha b’ivyagezwe b’ukuri. Bamwe muzobica, abandi mubabambe, abandi mubatonagurire mu masinagogi yanyu, hanyuma mubatoteze bave mu gisagara baja mu kindi.
35 so that all righteous blood shed on earth may come upon you—from righteous Abel's blood to Zechariah son of Berekiah's, whom you murdered between the sanctuary and the altar. Ikizokurikira ni uko ingaruka z’amaraso y’abagororotsi bose bishwe, uhereye ku mugororotsi Abeli ukageza kuri Zakariya mwene Barakiya uwo mwiciye mu rusengero hagati y’igicaniro n’ihema ry’ibonaniro, zizoba kuri mwebwe.
36 Truly, I say to you, all these things will come upon this generation. Ndababwira ukuri ko ingaruka z’ivyo vyose zizoba ku bantu ba kino gihe.
37 Jerusalem, Jerusalem—killing the prophets, stoning those sent to you! How often I wanted to gather your children, as a hen gathers her chicks under her wings, but you refused. Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegeraniriza imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!
38 Look, your house is left to you desolate. None raba inzu yanyu igiye kuba akahebwe.
39 I tell you, you won't see me again till you say, 'Blessed is the one coming in our Father's name.'" Kuko ndababwira ukuri ko mutazosubira kumbona kugeza aho muzovugira muti: ‘Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!’”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]