Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 22 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jesus spoke to them again in parables, saying: Yesu yongera kuvugana na bo mu migani, ababwira ati:
2 "The kingdom of our Father is like a king who prepared a wedding feast for his son. “Ubwami bw’ijuru bugereranywa n’umusi mukuru w’ubukwe umwami yateguriye umuhungu wiwe.
3 He sent his servants to summon the invited guests to the wedding feast, but they refused to come. Igihe co kuzimana abatumire gishitse, atuma abakozi biwe guhamagara abatumiwe, ariko banka kuza.
4 Again he sent other servants, saying, 'Tell those invited: Look, I have prepared my dinner; my oxen and fattened cattle are killed, everything ready. Come to the wedding feast.' Hanyuma arungika abandi bakozi, ababwira ati: ‘Nimugende mubwire abatumiwe ko nateguye amazimano: nabaze impfizi n’ibindi bitungwa binuze, kandi ibintu vyose biteguye neza. Mubabwire baze ku mazimano y’ubukwe!’
5 But they paid no attention and went off, one to his farm, another to his business, Ariko, habura n’umwe avyitaho, bose bigira mu vyabo, umwe mw’itongo, uwundi mu bucuruzi,
6 while the rest seized his servants, mistreated them, and killed them. abandi na bo bafata abakozi biwe barabakubagura, hanyuma barabica.
7 The king was enraged, and he sent his troops, destroyed those murderers, and burned their city. Maze umwami arashavura cane, aca arungika ingabo ziwe kwica izo nkozi z’ibibi, bongera batongoza umuriro igisagara cabo.
8 Then he told his servants, 'The wedding is ready, but those invited weren't worthy. Hanyuma abwira abakozi biwe ati: ‘Amazimano y’ubukwe yateguwe, ariko abo natumiye nta n’umwe agomba kuza.
9 Go therefore to the main roads and invite to the wedding feast as many as you find.' None rero nimugende mu mabarabara no mu mayirabiri, mutumire umuntu wese muhasanga.’
10 Those servants went out into the roads and gathered everyone they found, bad and good, and the wedding hall filled with guests. Nuko, abo bakozi baragenda begeranya abantu bose bahuye, ababi n’abeza, hanyuma inzu y’ubukwe yuzura abashitsi.
11 "But when the king came in to see the guests, he saw a man not dressed in wedding clothes. Ariko umwami yinjiye kuraba abatumire, abonamwo umuntu atambaye impuzu y’ubukwe.
12 He asked, 'Friend, how did you get in here without wedding clothes?' He was speechless. Aramubaza ati: ‘Mugenzi, winjiye gute hano kandi utambaye impuzu y’ubukwe?’ Uwo muntu ntiyashobora kuronka ico yishura.
13 Then the king told the servants, 'Tie his hands and feet, and throw him into the outer darkness, where there will be weeping and grinding of teeth.' Umwami aca abwira abakozi biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere hanze mu mwijima, ahazoba amarira no gushinga amenyo ku yandi kubera umubabaro.’
14 For many are called, but few are chosen." Burya abatumiwe ni benshi, ariko abatoranijwe ni bake.”
15 Then the Pharisees went and plotted how to trap him with his own words. Hanyuma Abafarisayo barakorana barondera ingene bomutegera ku majambo avuga.
16 They sent their disciples to him, with the Herodians, saying, "Teacher, we know you are truthful and truly teach God's way; you defer to no one, since you don't judge people by rank. Barungika bamwe mu bigishwa babo bari kumwe n’abashigikiye Herode Antipa. Baramubwira bati: “Mwigisha, turazi ko utunganye, kandi ko wigisha inzira ihimbara Imana mu kuri kwose. Ntuhengamira ku ruhande na rumwe kuko utarobanura abantu ufatiye ku cubahiro cabo.
17 Tell us, then, what you think: Is it lawful to pay taxes to Caesar, or not?" None rero tubwire ico wiyumvira: Mbega ivyagezwe vyacu biratwemerera gutanga ikori rya Kayisari, canke ntibibitwemerera?”
18 But Jesus, knowing their malice, said, "Why are you testing me, you hypocrites? Ariko kuko Yesu yari azi intumbero mbi bari bafise, ababwira ati: “Mwa ndyarya mwe, ni iki gituma muntega imitego?
19 Show me the coin used for the tax." And they brought him a denarius. Nyereka igiceri mukoresha mu kuriha ikori.” Bamuzanira idenariyo, igiceri c’Abaroma,
20 And he said to them, "Whose image is this, and whose inscription?" aca arababaza ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko biriko ni ivya nde?”
21 They said, "Caesar's." Then he said to them, "So pay Caesar what belongs to Caesar, and our Father what belongs to our Father." Baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.” Aca ababwira ati: “Nuko rero ivya Kayisari nimubihe Kayisari, ivy’Imana na vyo mubihe Imana.”
22 When they heard it, they were amazed; and they left him and went away. Bumvise ivyo barajorerwa cane, bamusiga ngaho baragenda.
23 That same day Sadducees came to him, who say there is no resurrection, and they asked him, Uwo musi nyene, Abasadukayo, ari bo batemera ivy’izuka ry’abapfuye, baza aho ari, baramubaza bati:
24 saying, "Teacher, Moses said: if a man dies childless, his brother must marry the widow and raise offspring for his brother. “Mwigisha, Mose yavuze ko umugabo apfuye adasize abana, uwo bavukana ategerezwa kurongora umupfakazi wiwe kugira ngo aronkere uruvyaro uwo yapfuye.
25 Now there were seven brothers among us. The first married, died, and, childless, left his wife to his brother. Rero, harigeze kuba hagati muri twebwe abavukana indwi. Mukuru muri bo ararongora, ariko apfa atavyaye; maze murumunawe arongora uwo mupfakazi.
26 So too the second and the third, down to the seventh. Uwa kabiri na we nyene apfa atavyaye, n’uwugira gatatu bigenda gutyo kugeza ku wugira indwi.
27 Last of all, the woman died. Mu nyuma na wa mugore arapfa.
28 In the resurrection, then, whose wife of the seven will she be? For they all had her." None ku musi w’izuka, uwo mugore azoba uwa nde ko bose babaye abagabo biwe?”
29 Jesus answered, "You're mistaken—you know neither the Scriptures nor our Father's power. Yesu arabishura ati: “Mwarazimiye kuko mudatahura ico Ivyanditswe bivuga, ntimumenye n’ubushobozi bw’Imana.
30 For in the resurrection people neither marry nor are married off, but are like angels in heaven. Ku musi w’izuka abantu ntibazorongora canke ngo barongorwe, bazoba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru.
31 Now, about the resurrection of the dead, haven't you read what our Father told you: Ku bijanye n’izuka ry’abapfuye, mbega nta ho murasoma mu Vyanditswe ingene Imana yavuze iti:
32 'I'm the God of Abraham, of Isaac, and of Jacob'? He's not God of the dead, but of the living." ‘Ndi Imana ya Aburahamu, ya Isaka na Yakobo’? Erega si Imana y’abapfuye, ni Imana y’abazima.”
33 And when the crowds heard it, they were astonished at his teaching. Abantu bumvise ivyo baca batangazwa n’inyigisho ziwe.
34 But when the Pharisees heard that he had silenced the Sadducees, they gathered together. Abafarisayo bumvise ko Yesu yajoreje Abasadukayo, baca barakorana.
35 And one of them, an expert in the Law, asked him a question to test him: Umwe muri bo w’umwigisha w’ivyagezwe, agerageza kumutega umutego, amubaza ati:
36 "Teacher, which is the great commandment in the Law?" “Mwigisha, ibwirizwa riruta ayandi mu Vyagezwe ni irihe?”
37 He said to him, "Love your Father with all your heart, with all your soul, and with all your mind. Yesu aramwishura ati: “ ‘Ukundishe Uhoraho Imana yawe umutima wawe wose, n’umushasha wawe wose n’ubwenge bwawe bwose.’
38 This is the great and first commandment. Iryo ni ryo bwirizwa rya mbere kandi riruta ayandi.
39 And a second is like it: You will love your neighbor as yourself. Irya kabiri na ryo risa n’iryo: ‘Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.’
40 On these two commandments depend all the Law and the Prophets." Ivyagezwe n’ivyanditswe n’abavugishwa vyose bishingiye kuri ayo mabwirizwa abiri.”
41 Now while the Pharisees were gathered together, Jesus asked them, Abafarisayo bakoranye, Yesu arababaza ati:
42 "What do you think about the Christ? Whose son is he?" They said to him, "David's." “Mbega mwibaza iki ku vyerekeye Kristo? Ni umwana wa nde?” Baramwishura bati: “Ni umwana wa Dawidi.”
43 He asked them, "How then does David, by the Holy Spirit, call him Lord, saying, Arababwira ati: “None bishoboka gute ngo Dawidi, avugishijwe na Mpwemu, amwite Umwami? Kuko yavuze ati:
44 'Our Father said to my Lord, "Sit at my right hand, until I put your enemies under your feet"'? ‘Uhoraho yabwiye Umwami wanje ati: “Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe.” ’
45 If then David calls the Christ Lord, how can the Christ be David's son?" None nimba Dawidi amwita Umwami, yoba umwana wiwe gute?”
46 No one could answer him a word, and from that day no one dared ask him anything else. Nta n’umwe yagize ico avuga ngo amwishure, kandi kuva uwo musi, nta n’uwongeye kwubahuka kumubaza ikibazo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]