Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 21 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 As they neared Jerusalem and reached Bethphage, at the Mount of Olives, Jesus sent two disciples ahead, Yesu n’abigishwa biwe begereje i Yerusalemu, bashika ahitwa Betifage ku Musozi wa Elayono. Yesu aca atuma babiri mu bigishwa ngo babitangire imbere,
2 telling them, "Go to the village ahead of you. You'll at once find a donkey tied, with a colt beside her. Untie them and bring them to me. arababwira ati: “Nimugende muri iriya mihana iri imbere yanyu; nimwashikayo, murahasanga indogoba n’inyana yayo ziziritse. Muce muzizitura muzinzanire.
3 If anyone says anything to you, say, 'The Lord needs them,' and the Lord will send them at once." Nihagira uwugira ico ababaza, mumwishure muti: Umwami arazikeneye, aca abareka muzizane.”
4 This took place to fulfill what the prophet had said: Ivyo vyabaye kugira ngo ijambo ry’uwavugishwa n’Imana rishike; ryavuga ngo:
5 "Say to the daughter of Zion, 'Look, your king is coming to you, humble and mounted on a donkey, on a colt, the foal of a beast of burden.'" “Mubwire umukobwa w’i Siyoni muti: Raba Umwami wawe arakugendeye, aciye bugufi, agendera ku ndogoba, mbere aje ku nyana yayo.”
6 The disciples went and did as Jesus had directed them. Abo bigishwa baragenda, babikora nk’uko Yesu yabibabariye.
7 They brought the donkey and colt, put their cloaks on the animals, and Jesus sat on the cloaks. Bazana ya ndogoba n’inyana yayo, bazisasako impuzu zabo, hanyuma Yesu yicara kuri ya nyana.
8 Most of the crowd spread their cloaks on the road; others cut branches from the trees and spread them on the road. Abantu benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi na bo baca amashami y’ibiti, bayasasa mu nzira.
9 The crowds ahead of him and behind him kept shouting, "Hosanna to the Son of David! Blessed is he who comes in the name of our Father! Hosanna in the highest!" Maze abantu bagendera imbere ya Yesu, bagenda barasemerera bati: “Hozana Mwana wa Dawidi!” “Hahezagirwe uwuje mw’izina ry’Uhoraho!” “Hozana hejuru mw’ijuru!”
10 And when he entered Jerusalem, the whole city was stirred, asking, "Who is this?" Yesu yinjiye i Yerusalemu, mu gisagara cose haba uruhagarara. Abantu baja barabazanya bati: “Uwo ni nde?”
11 And the crowds said, "This is the prophet Jesus, from Nazareth of Galilee." Abandi bakishura bati: “Ni Yesu, umuvugishwa w’i Nazareti mu ntara ya Galilaya.”
12 Then Jesus entered the temple, drove out all selling and buying there, overturned the money-changers' tables and the dove sellers' seats. Maze Yesu yinjira mu rusengero, yirukana abadandaza n’abariko barabagurira bose. Ahenagura imeza z’abavunja amahera hamwe n’intebe z’abadandaza inuma.
13 He told them, "It is written: 'My house will be called a house of prayer,' but you're making it a den of robbers." Arababwira ati: “Handitswe ngo: ‘Inzu yanje izoba iyo gusengeramwo,’ ariko mweho mwayihinduye ubwihisho bw’ibisuma!”
14 And the blind and the lame came to him in the temple, and he healed them. Maze impumyi n’abacumbagira baraza baramwegera mu rusengero, arabakiza.
15 When the chief priests and teachers of the law saw the wonders he did, and the children shouting in the temple, "Hosanna to the Son of David!" they grew angry, Ariko, abaherezi bakurubakuru n’abigisha b’ivyagezwe bamaze kubona ibitangaza bihebuje akoze n’ingene abana baguma basemerera mu rusengero bavuga bati: “Hozana mwana wa Dawidi!” Baca barashavura cane.
16 and said to him, "Do you hear what these say?" Jesus said to them, "Yes. Have you never read, 'Out of the mouths of infants and nursing babies you have prepared praise'?" Babaza Yesu bati: “Mbega urumva ivyo aba bana bariko baravuga?” Na we abishura ati: “Egome. Mbega ntimurasoma Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Mu kanwa k’abana bato n’inzoya, wahironkeye amashimwe’?”
17 He left them, went out of the city to Bethany, and spent the night there. Maze aca abasiga ngaho, ava mu gisagara aja kurara i Betaniya.
18 Early in the morning, as he returned to the city, he was hungry. Kare mu gitondo, Yesu ariko arasubira i Yerusalemu, yumva arashonje.
19 Seeing a fig tree by the road, he went to it but found only leaves. He said, "May you never bear fruit again!" At once the tree withered. Nuko abona umusukoni uri hafi y’inzira, arawegera ariko asanga ata kintu na kimwe wamye, kiretse amababi gusa. Hanyuma aca arawubwira ati: “Ntugasubire kwama na rimwe.” Ubwo nyene uwo musukoni uca uruma.
20 Seeing this, the disciples were amazed and asked, "How did the fig tree wither so fast?" Abigishwa biwe babibonye, baratangara cane. Baca babaza Yesu bati: “Ko uwo musukoni wumye ningoga?”
21 Jesus answered, "I tell you the truth: with faith, no doubting, you'll not only do what happened to the fig tree—you'll even tell this mountain, 'Be lifted up and thrown into the sea,' and it will happen. Yesu arabishura ati: “Ndababwire ukuri, hamwe mwogira ukwizera ntimukekeranye na gatoya, namwe mwoshobora gukora ivyakorewe urya musukoni, mbere mwokora n’ibibirengeye. Mwoshobora no kubwira urya musozi muti: ‘Shinguka witerere mu kiyaga,’ kandi ni ko vyogenda.
22 And whatever you ask in prayer, if you believe, you will receive it." Nimwizera, ico muzosaba cose mu gusenga muzogihabwa.”
23 Entering the temple, he was teaching when the chief priests and elders of the people came and asked, "What authority do you have for these things, and who gave you this authority?" Yesu aca asubira mu rusengero hanyuma atangura kwigisha, abaherezi bakurubakuru n’abakuru b’Abayuda baza aho ari baramubaza bati: “Ni ubuhe bubasha butuma ukora ivyo? Ni nde yabuguhaye?”
24 Jesus replied, "I'll ask you one thing too. Tell me the answer, and I'll say by what authority I do these things. Yesu arabishura ati: “Reka nanje ndababaze ikibazo kimwe; nimwanyishura, nca ndababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.
25 John's baptism—where was it from? From heaven, or from man?" They discussed among themselves, "If we say, 'From heaven,' he will say to us, 'Then why did you not believe him?' Mbega umubatizo wa Yohana wavuye he? Mw’ijuru ku Mana canke ku bantu?” Baravugana hagati yabo bati: “Nitwavuga tuti: ‘Wavuye mw’ijuru,’ ahava atubaza ati: ‘None ni kuki mutizeye ivyo Yohana yavuze?’
26 But if we say, 'From man,' we fear the crowd—they all view John as a prophet." Kandi nitwavuga tuti: ‘Wavuye ku bantu,’ dukwiye guca twirinda abantu, kuko bose baremera ko Yohana yari uwuvugishwa n’Imana.”
27 They answered Jesus, "We don't know." He said, "Neither will I tell you by what authority I do these things." Nuko bishura Yesu bati: “Ntituzi aho wavuye.” Na we aca ababwira ati: “Nanje sindababwira aho ububasha butuma nkora ibi buva.
28 "But what do you think? A man had two sons. Coming to the first, he said, 'Son, go work today in the vineyard.' Mbega ibi muvyibazako iki? Habaye umuntu yari afise abahungu babiri, hanyuma abwira umwe ati: ‘Mwana wanje, uno musi genda ukore mu murima w’uruzabibu.’
29 And he answered, 'I will not,' but later he changed his mind and went. Aramwishura ati: ‘Oya, singenda,’ mugabo mu nyuma arisubirako, aragenda.
30 He went to the second and said the same. This one answered, 'I'll go, sir'—but didn't go. Hanyuma, se aragenda abwira umuhungu wiwe wa kabiri nk’uko yabwiye uwa mbere. Na we aramwishura ati: ‘Egome, muvyeyi, ndagiye,’ ariko ntiyajayo.
31 Which of the two did his father's will?" They said, "The first." Jesus told them, "Truly I tell you, tax collectors and prostitutes enter the kingdom of our Father ahead of you." Mbega muri abo babiri, ni nde yakoze ivyo se yagomba?” Baramwishura bati: “Uwa mbere.” Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri, abatozakori biba n’abamaraya barabatanze kwinjira mu Bwami bw’Imana.
32 "For John came to you in the way of righteousness, and you didn't believe him, but tax collectors and prostitutes did. Even after seeing that, you didn't change your minds and believe him." Kuko Yohana yaraje abereka inzira yo kugororoka, ariko ntimwamwemeye, yamara abatozakori n’abamaraya baramwemeye. Ivyo mumaze kubibona, ntimwihanye ivyaha vyanyu ngo mumwizere.
33 "Hear another parable: A landowner planted a vineyard, put a fence around it, dug a winepress in it, built a watchtower, leased it to tenants, and went away on a trip. Umviriza uwundi mugani. Habaye umuntu yari afise itongo hanyuma aririmamwo imizabibu. Ararizitirira, yimba ahantu ho kuganira imizabibu, yubaka n’umunara wo gucungererako urwo ruzabibu. Hanyuma azeza uwo murima abarimyi, afata urugendo rwa kure.
34 When the harvest time drew near, he sent his servants to the tenants to collect his fruit. Hageze igihe co kwimbura, arungika abakozi biwe ngo baje gutora igice c’umwimbu kimwegukira.
35 But the tenants seized his servants—they beat one, killed another, and stoned another. Abo barimyi bafata abo bakozi, uwa mbere baramukubita, uwa kabiri baramwica, uwa gatatu bamutera amabuye.
36 Again he sent other servants, more than the first, and they treated them the same way. Hanyuma arungika abandi bakozi barusha aba mbere ubwinshi, na bo nyene abo barimyi babagira nk’uko bagize aba mbere.
37 Finally he sent his son to them, saying, 'They will respect my son.' Ubwa nyuma, arungika umuhungu wiwe, yibwira ati: Umuhungu wanje we bazomusonera.
38 But the tenants, seeing the son, said to each other, 'This is the heir; come, let's kill him and seize his inheritance.' Ariko ba barimyi babonye uwo muhungu, baca baravugana bati: ‘Uwu ni we azoba samuragwa. Reka tumwice kugira ngo twegukire ivyo yorazwe.’
39 So they seized him, threw him out of the vineyard, and killed him. Nuko baca baramufata, bamukwegera inyuma y’umurima w’uruzabibu, bamwicirayo.
40 Now when the owner of the vineyard comes, what will he do to those tenants?" None mwibaza ko nyene uruzabibu niyaza, azokorera iki abo barimyi?”
41 They answered, "He will destroy those evil men horribly, and lease the vineyard to other farmers who will give him the fruit in season." Baramwishura bati: “Azobica rubi hanyuma iryo tongo arizeze abandi barimyi bazohora bamuha umwimbu umwegukira uko iyimbura rigeze.”
42 Jesus said to them, "Have you never read in the Scriptures: 'The stone the builders rejected became the cornerstone; this came from our Father, and it's marvelous in our eyes'?" Yesu aca ababwira ati: “Nta ho murasoma mu Vyanditswe ahavuga ngo: ‘Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka; ibi Uhoraho ni we yabikoze, kandi ni igitangaza mu maso yacu’?
43 "So I tell you: the kingdom of our Father will be taken from you and given to a nation that produces its fruits. Ndababwire, muzokwakwa Ubwami bw’Imana, buhabwe ayandi mahanga azokwama ivyamwa bikwiranye na bwo.
44 Whoever falls on this stone will be shattered; whoever it falls on will be crushed." Umuntu wese azogwa kuri iryo buye azovunagurika, kandi uwo rizogwako, rizomusya.”
45 When the chief priests and the Pharisees heard his parables, they realized he was speaking about them. Abaherezi bakurubakuru n’Abafarisayo bumvise iyo migani ya Yesu, bamenya ko ari bo yariko aravuga.
46 They wanted to arrest him but feared the crowds, who considered him a prophet. Baca barondera ingene bomufata, ariko batinya abantu kuko kuri bo Yesu yari uwuvugishwa n’Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]