Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Matthew 25 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "Then the kingdom of our Father will be like ten virgins who took their lamps and went out to meet the bridegroom. Yesu abandanya avuga ati: “Ico gihe Ubwami bw’ijuru buzoba bugereranywa n’inkumi cumi zateguye amatara yazo ngo zije gusanganira umukwe.
2 Five of them were foolish, and five were wise. Batanu muri bo bari abanyabwenge buke abandi batanu bari abanyabwenge.
3 The foolish ones took their lamps but did not take any oil with them. Abo batanu b’abanyabwengebuke batwaye amatara yabo, ariko ntibajana amavuta.
4 But the wise ones took oil in flasks along with their lamps. Bamwe batanu b’abanyabwenge bobo batwaye amatara yabo, hamwe n’ayandi mavuta mu macupa.
5 When the bridegroom was delayed, they all became drowsy and fell asleep. Umukwe agitevye, bose bararambirwa, batangura gusinzira.
6 But at midnight a cry rang out: 'Look, the bridegroom! Come out to meet him!' Ijoro ryitereye, humvikana ijwi risemerera ngo: ‘Ng’uwo umukwe araje nimumusanganire.’
7 Then all the young women woke up and trimmed their lamps. Za nkumi zose ziravyuka zitunganya amatara yazo.
8 The foolish said to the wise, 'Give us some of your oil, because our lamps are going out.' Ba banyabwengebuke babwira abanyabwenge bati: ‘Nimuduhe ku mavuta yanyu kuko amatara yacu agira azime.’
9 But the wise answered, 'No, there may not be enough for us and you. Go instead to those who sell, and buy for yourselves.' Na bo barabishura bati: ‘Ntibishoboka kuko twohava tudakwirwa twese, ahubwo nimugende ku bayagurisha mwigurire.’
10 While they went to buy it, the bridegroom came. The ready ones went in with him to the wedding feast, and the door closed. Maze bagiye kugura ayo mavuta, umukwe aca arashika, abari biteguye binjirana na we mu musi mukuru w’ubukwe, hanyuma umuryango urugarwa.
11 Later the other young women came too, saying, 'Lord, lord, open the door for us!' Mu nyuma, za nkumi z’abanyabwenge buke zigarutse, zihagarara hanze, zirahamagara ziti: ‘Nyakwubahwa, nyakwubahwa twugururire!’
12 But he answered, 'Truly I tell you, I do not know you.' Na we arabishura ati: ‘Ndababwire ukuri, sindabazi!’
13 Therefore keep watch, because you do not know the day or the hour. Nuko rero mube maso, kuko mutazi umusi n’isaha.
14 "For it will be like a man going abroad, calling his servants and entrusting them with his property. Ubwami bw’ijuru bugereranywa kandi n’umuntu yafashe urugendo rwa kure. Imbere yo kugenda, ahamagara abakozi biwe abasigarana ubutunzi yari afise.
15 He gave one five bags of silver, another two, another one—each by his own ability—then set out on his journey. Uwa mbere amuha italanto zitanu, uwa kabiri amuha zibiri, uwa gatatu amuha imwe, umwe wese amuha akurikije uko ashoboye gucuruza. Hanyuma afata urugendo.
16 The one given five bags of silver went at once, put them to work, and gained five more. Wa mukozi yaronka italanto zitanu, aragenda arazicururisha yunguka izindi zitanu.
17 In the same way, the one with two bags of silver gained two more. N’uwahawe zibiri aragenda abigira gutyo nyene, yunguka izindi zibiri.
18 But the one who received one bag of silver went off, dug in the ground, and hid his master's money. Ariko umwe yahabwa italanto imwe, aragenda yimba ikinogo mw’ivu, anyegezamwo ya talanto ya shebuja.
19 "After a long time the master of those servants returned and settled accounts with them. Haheze igihe kirekire, shebuja aragaruka, ahamagara ba bakozi kugira ngo bamubwire ingene bakoresheje amahera yiwe.
20 The man who received five bags of silver came, adding five more: 'Master, you entrusted me with five bags of silver; see, I've gained five more.' Umwe yahabwa italanto zitanu azana izindi zitanu, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zitanu, none raba nungutse izindi zitanu.’
21 "His master said, 'Well done, good and faithful servant! You were faithful over a little; I'll put you over much. Enter your master's joy!' Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
22 "The one with two bags of silver also came and said, 'Master, you gave me two bags of silver; look, I've earned two more.' Uwari yasigaranywe italanto zibiri na we araza, avuga ati: ‘Databuja, wari wansigaranye italanto zibiri; none raba, nungutse izindi zibiri.’
23 "His master told him, 'Well done, good and faithful servant! You were faithful with a little; I'll put you over much. Enter your master's joy!' Shebuja aramwishura ati: ‘Wakoze neza, mukozi wanje mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bike; nanje nzoguha kuganza vyinshi. Kaze usangire umunezero na shobuja!’
24 "Then the one who had received one bag of silver came and said, 'Master, I knew you were a hard man, reaping where you didn't sow, gathering where you didn't scatter seed.' Hanyuma umwe yasigaranwa italanto imwe na we araza, avuga ati: ‘Databuja, nari nzi ko uri umuntu agoye, wimbura aho utateye kandi wegeranya umwimbu aho utabivye imbuto.
25 Afraid, I went and hid your silver in the ground. Here is what is yours. Rero, naratinye nca ndagenda mpamba italanto yawe mw’ivu, none akira ivyawe.’
26 "His master replied, 'You wicked, lazy servant! You knew I harvest where I didn't sow and gather where I didn't scatter seed? Shebuja aramwishura ati: ‘Wa mukozi mubi kandi w’ikinebwe! Ko wari uzi ko nimbura aho ntateye kandi negeranya umwimbu aho ntabivye imbuto,
27 "You should have deposited my money with the bankers, so on my return I'd get it back with interest. ni kuki utajanye amahera yanje ku bayadandarisha, kugira ngo ngarutse ndonke umutahe wanje n’inyugu yawo?’
28 So take his bag of silver and give it to the one with ten bags of silver. Ubwo nyene aca atanga itegeko ati: ‘Nimumwake n’iyo talanto yari afise, muyihe uwufise icumi.
29 For everyone who has will be given more, and he'll overflow; but the one who has nothing will lose even what he has. Kuko uwufise azokwongererezwa asesekarizwe, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise.
30 Throw out that worthless servant into the outer darkness, where there will be weeping and grinding of teeth.' Uwo mukozi w’imburakimazi na we nimumute hanze mu mwijima ahazoba amarira no gushinga amenyo ku yandi kubera umubabaro.’
31 "When the Son of Man comes in his glory, with all his angels, he will sit on his glorious throne. Aho Umwana w’Umuntu azozira, ari mu bwiza bwiwe, ari kumwe n’abamarayika biwe, azokwicara ku ntebe yiwe y’inganji.
32 All the nations will be gathered before him, and he will separate them from each other as a shepherd separates sheep from goats. Amahanga yose azokoranira imbere yiwe, hanyuma arobanure abantu, nk’uko umwungere arobanura intama mu mpene.
33 He will put the sheep on his right and the goats on his left. Azoshira intama i buryo bwiwe, impene na zo azishire i bubamfu.
34 Then the King will say to those on his right, 'Come, you blessed by my Father; inherit the kingdom prepared for you since the foundation of the world. Maze Umwami azobwira abari i buryo bwiwe ati: ‘Nimuze mwebwe abo Data yahezagiye, muragwe Ubwami mwateguriwe uhereye isi ikiremwa.
35 "For I was hungry and you fed me; thirsty, and you gave me a drink; a stranger, and you took me in, Kuko nari nshonje murangaburira, nari nyotewe mumpa ico kunywa, nari ingenzi mumpa indaro,
36 I was naked and you dressed me, sick and you cared for me, in prison and you visited me.'" nagenda gusa muranyambika, nari ngwaye muza kunsuhuza, nari mw’ibohero muza kundaba.’
37 "Then the righteous will answer him, 'Lord, when did we see you hungry and feed you, or thirsty and give you drink? Maze abagororotsi bazomwishura bati: ‘Mwami, twakubonye ryari ushonje turakugaburira, canke unyotewe tuguha ico kunywa?
38 "When did we see you a stranger and shelter you, or naked and dress you? Ni ryari twakubonye uri ingenzi tuguha indaro, canke ugenda gusa turakwambika?
39 When did we see you sick or in prison and come to you?'" Twakubonye ryari ugwaye canke uri mw’ibohero tuza kukuraba?’
40 "And the King will reply, 'Truly I tell you, whatever you did for one of the least of these siblings of mine, you did for me.' Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mwabikoreye urya muntu muto muri aba bene Data, ni jewe mwabikoreye.’
41 Then he'll tell those on his left, 'Away from me, you cursed ones, into the eternal fire prepared for the devil and his angels. Hanyuma Umwami azohindukira abwire abari i bubamfu bwiwe ati: ‘Mva mu maso mwa bivume mwe, muje mu muriro utazozima wateguriwe Satani n’abamarayika biwe.
42 For I was hungry and you gave me nothing to eat, thirsty and you gave me nothing to drink, Kuko nari nshonje ariko ntimwampa ivyokurya, nari nyotewe ntimwampa ico kunywa,
43 I was a stranger, and you didn't take me in; naked, and you didn't dress me; sick and in prison, and you didn't visit me.'" nari ingenzi ntimwampa indaro, nagenda gusa ntimwanyambika, naragwaye nja no mw’ibohero ntimwaza kundaba.’
44 "Then they too will answer, 'Lord, when did we see you hungry, thirsty, a stranger, naked, sick, or in prison, and not serve you?' Na bo bazomwishura bati: ‘Mwami, ni ryari twakubonye ushonje, canke unyotewe, canke uri ingenzi, canke ugenda gusa, canke ugwaye, canke uri mw’ibohero ntitwagufasha?’
45 "He will answer, 'Truly I tell you: whatever you didn't do for one of the least of these, you didn't do for me.' Umwami azobishura ati: ‘Ndababwire ukuri, igihe cose mutabikoreye umwe muri aba bato, ni jewe mutabikoreye.’
46 Then they will go away to eternal punishment, but the righteous to eternal life." Hanyuma bazoca baja mu gihano c’ibihe bidashira, ariko abagororotsi bo bazoja mu bugingo budashira.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]