1When Jesus had finished all these sayings, he said to his disciples,OKCBYesu ahejeje kuvuga ivyo vyose, abwira abigishwa biwe ati:
2"You know Passover comes after two days, and the Son of Man is handed over to be crucified."OKCB“Nk’uko musanzwe mubizi, umusi mukuru wa Pasika ugiye kuba mu misi ibiri: Umwana w’Umuntu azofatwa atangwe kugira ngo abambwe.”
3Then the chief priests and elders of the people gathered in the courtyard of the high priest Caiaphas,OKCBMuri ico gihe nyene, abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru b’Abayuda, bari bakoraniye mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa,
4and they plotted together to seize Jesus secretly and kill him.OKCBkugira ngo barabe ingene bofata Yesu mu mpisho, hanyuma bamwice.
5But they said, "Not during the festival, or there will be an uproar among the people."OKCBBarumvikana bati: “Ariko ntidukwiye kumufata mu misi mikuru kuko abantu bohava bagumuka.”
6Now when Jesus was in Bethany, in the house of Simon the leper,OKCBIco gihe, Yesu yari i Betaniya, mu nzu kwa Simoni yahoze ari umunyamibembe.
7a woman came to him with an alabaster jar of very expensive perfume and poured it on his head as he sat at the table.OKCBAriko arafungura haza umugore aramwegera afise icupa ryiza ririmwo amavuta amota cane kandi y’igiciro kinini, maze ayamusuka ku mutwe bicaye mu buriro.
8Seeing this, the disciples were angry, saying, "Why this waste?OKCBAbigishwa babibonye ntibabishima baca bavuga bati: “Mbega ubu buhombe ni ubw’iki?
9For this could have been sold for a large sum and given to the poor."OKCBAya mavuta yari kugurishwa amahera menshi agafasha aboro.”
10Jesus knew this and said to them, "Why trouble this woman? She has done a beautiful thing to me.OKCBYesu amenye ivyo bariko baravuga, aca ababwira ati: “Mbega uwu mugore mumugorera iki? Ankoreye ikintu ciza.
11For you always have the poor with you, but you will not always have me.OKCBAboro muzokwamana, ariko jewe ntimuzonyamana.
12For when she poured this perfume on my body, she did it to prepare me for burial.OKCBAnsutseko aya mavuta kugira ngo umubiri wanje awutegurire guhambwa.
13Truly I tell you: wherever this gospel is preached worldwide, what she did will also be told, in memory of her."OKCBNdababwire ukuri, kw’isi yose aho ubu Butumwa Bwiza buzovugwa, ibi akoze bizovugwa bitume yama yibukwa.”
14Then one of the Twelve, the one called Judas Iscariot, went to the chief priests,OKCBHanyuma Yuda Isikariyote, umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, aragenda aja kurondera abaherezi bakurubakuru,
15and said, "What are you willing to give me, and I will hand him over to you?" And they counted out thirty pieces of silver for him.OKCBarababaza ati: “Hamwe nobaha Yesu mwompa iki?” Baca bamuha ibiceri vy’ifeza mirongo itatu.
16And from then on he looked for an opportunity to betray him.OKCBKuva uwo mwanya aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubashikiriza.
17On the first day of Unleavened Bread, the disciples asked Jesus, "Where do you want us to prepare for you to eat the Passover?"OKCBKu musi wa mbere w’imisi mikuru y’imikate itarimwo umwambiro, abigishwa baza aho Yesu ari baramubaza bati: “Ni hehe ugomba ko tugutegurira ivyokurya vya Pasika?”
18He said, "Go into the city to a certain man and tell him, 'The Teacher says: My time is near. I'll keep Passover at your house with my disciples.'"OKCBArabishura ati: “Nimugende mu gisagara, maze muraja kubona umuntu, mumubwire muti: Umwigisha avuze ko isaha yiwe yegereje, kandi ko agomba gusangirira n’abigishwa biwe ivya Pasika iwawe.”
19And the disciples did as Jesus directed them, and they prepared the Passover.OKCBBa bigishwa baragenda babikora nk’uko Yesu yabibabwiye, bategura ivyokurya vya Pasika.
20When evening came, he sat at the table with the Twelve.OKCBKu mugoroba, Yesu yicarana ku meza n’abigishwa biwe cumi na babiri.
21And as they were eating, he said, "Truly I tell you, one of you will betray me."OKCBBariko barafungura, Yesu avuga ati: “Ndababwire ukuri, umwe muri mwebwe ahava angurisha.”
22Deeply grieved, they each asked him, "Surely not I, Lord?"OKCBAbigishwa biwe barababara cane, umwe wese atangura kuvuga ati: “Mwami, nibaza ko atari jewe!”
23He replied, "The one who has dipped his hand in the bowl with me will betray me.OKCBYesu arabishura ati: “Uwo twahurije amaboko mw’isahani ni we ahava angurisha.
24The Son of Man goes, just as is written of him. But how terrible for the man who betrays him—better for him had he never been born."OKCBUmwana w’Umuntu agiye gupfa nk’uko Ivyanditswe bivuga. Ariko aragowe uwo muntu amugurishije! Vyari kumubera vyiza iyo atavuka!”
25Judas, his betrayer, said, "Surely not I, Rabbi?" He said to him, "You have said so."OKCBMaze Yuda, uwari yateguye kumugurisha na we nyene avuga ati: “None yoba ari jewe ga Mwigisha?” Yesu aramwishura ati: “Ubivuze nk’uwubizi.”
26As they ate, Jesus took bread, blessed and broke it, gave it to the disciples, and said, "Take, eat; this is my body."OKCBBariko barafungura, Yesu afata umukate, awushimira Imana, arawumanyura, awuha abigishwa biwe, avuga ati: “Nimwakire murye; uwu ni umubiri wanje.”
27Taking a cup and giving thanks, he gave it to them, saying, "Drink from it, all of you,OKCBYongera afata igikombe, agishimira Imana, arakibaha, ati: “Nimwakire munyweko mwese.
28for this is my blood of the covenant, poured out for many for forgiveness of sins.OKCBAya ni amaraso yanje y’isezerano asesekeye benshi ngo baharirwe ivyaha vyabo.
29I tell you: I won't drink this fruit of the vine again, from now until the day I drink it new with you in my Father's kingdom."OKCBNdababwire, sinzosubira kunywa kuri uwu muvinyu w’imizabibu guhera ubu gushitsa kuri wa musi aho nzosubira kuwusangirira namwe ari mushasha mu Bwami bwa Data.”
30And when they had sung a hymn, they went out to the Mount of Olives.OKCBBahejeje kuririmba barasohoka, baja ku Musozi wa Elayono.
31Then Jesus told them, "Tonight you will all fall away because of me.For it is written: 'I will strike the shepherd, and the flock's sheep will be scattered.'OKCBBariko baragenda Yesu arababwira ati: “Iri joro mwese muraja guhungabana mu kwizera kwanyu, munte mwigire. Kuko Ivyanditswe bivuga ngo: ‘Nzokubita umwungere, intama zo mu mukuku zisanzare.’
32But after I am raised up, I will go ahead of you to Galilee."OKCBAriko maze kuzuka, nzobitangira imbere mu kuja i Galilaya, ndabarindirireyo.”
33Peter said to him, "Though they all fall away because of you, I will never fall away."OKCBPetero aramwishura ati: “Naho abandi bose boguta bagahunga, jewe sinzokwigera ndaguta.”
34Jesus said to him, "I tell you the truth: before the rooster crows tonight, you will deny me three times."OKCBYesu aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, iri joro nyene, isake itarabika, uzoba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.”
35Peter said, "Even if I must die with you, I won't deny you." All the disciples said the same.OKCBAriko Petero arasubira avuga ati: “Sinshobora kukwihakana ngo sindakuzi naho vyonsaba gupfana nawe.” Mbere n’abandi bigishwa bavuga batyo.
36Then Jesus came with them to a place called Gethsemane and told the disciples, "Sit here while I go pray over there."OKCBHanyuma Yesu ajana n’abigishwa biwe ahantu hitwa Getsemane, arababwira ati: “Nimube muricaye ngaha nje harya gusenga.”
37And taking with him Peter and the two sons of Zebedee, he became deeply grieved and distressed.OKCBAhitana Petero na bene Zebedayo, hanyuma atangura kugira umubabaro mwinshi n’agahinda.
38Then he told them, "My soul is crushed with sorrow, even to death. Stay here and watch with me."OKCBArababwira ati: “Umutima wanje wuzuye agahinda gashobora kunyica. Nimube muragumye ngaha mubane maso nanje.”
39Going a little farther, he fell on his face and prayed, "My Father, if possible, let this cup pass from me. Yet not as I will, but as you will."OKCBNuko yigira imbere, yubama hasi arasenga ati: “Data, nimba bishoboka, ndakwinginze unkure imbere iki gikombe c’imibabaro. Ariko, ntibibe nk’uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
40He came to the disciples and found them asleep. He said to Peter, "So, couldn't you stay awake with me one hour?OKCBHanyuma agaruka aho abigishwa biwe bari asanga basinziriye. Abaza Petero ati: “Ntimushobora kubana maso nanje n’isaha n’imwe?
41Stay alert and pray, so you don't fall into temptation; the spirit is willing, but the flesh is weak."OKCBNimube maso musenge kugira ngo ntimutsindwe n’ibibagerageza. Kuko umutima urabikunze ariko umubiri ufise intege nke.”
42A second time he went away and prayed, "My Father, if this cannot pass unless I drink it, your will be done."OKCBAsubirayo ubugira kabiri arasenga ati: “Data, nimba bidakunda ko iki gikombe c’imibabaro kimva imbere ntakinyoyeko, ivyo ushaka nibibe.”
43And he came again and found them sleeping, for their eyes were heavy.OKCBAgarutse, asanga basubiriye gusinzira, kuko amaso yabo yari aremerewe cane n’itiro.
44So leaving them again, he went away and prayed a third time, saying the same words again.OKCBMaze yongera kubasiga ngaho asubira gusenga ubugira gatatu, avuga amajambo nk’amwe ya mbere.
45Then he came to the disciples and said to them, "Still sleeping and resting? Look, the hour has come, and the Son of Man is betrayed into the hands of sinners.OKCBAgarutse aho abigishwa biwe bari, ababwira ati: “Mbega muracasinziriye, muriruhukiye? Ehe, isaha irageze, Umwana w’Umuntu agira atangwe mu maboko y’abanyavyaha.
46Get up, let's go! Look, the one who betrays me is here!"OKCBNimuvyuke tugende. Nguwo uwangurishije arashitse!”
47While he was still speaking, Judas, one of the Twelve, suddenly came with a large crowd carrying swords and clubs, sent by the chief priests and elders of the people.OKCBYesu akiriko aravuga, Yuda umwe muri ba bigishwa cumi na babiri, arashika. Inyuma yiwe hari isinzi ry’abantu bitwaje inkota n’amahiri, barungitswe n’abaherezi bakurubakuru hamwe n’abakuru b’Abayuda.
48Now the betrayer had given them a signal: "The one I kiss is him—seize him."OKCBYuda, uwari yamugurishije yari yabahaye ikimenyetso, ababwira ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, muce mumufata.”
49And immediately he came up to Jesus and said, "Greetings, Rabbi!" And he kissed him.OKCBMaze Yuda aca agenda atumbereye Yesu, avuga ati: “Ndakuramukije Rabi!” Aca aramusoma.
50Jesus told him, "Friend, do what you came to do." Then they came, grabbed Jesus, and held him.OKCBYesu aramubwira ati: “Mugenzi, kora ikikuzanye!” Ba bantu baca bashorera amaboko kuri Yesu, baramufata.
51And look, one of those with Jesus reached out his hand, drew his sword, struck the high priest's servant, and cut off his ear.OKCBUmwe mu bari kumwe na Yesu aca asokora inkota yiwe, ayikubita umukozi w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
52Then Jesus said to him, "Put your sword back in its place. All who take the sword will die by the sword.OKCBYesu aca amubwira ati: “Subiza inkota yawe mu rwubati! Kuko abicisha inkota bose, bazokwicishwa inkota.
53Do you think I can't call on my Father, who'd at once send me more than twelve legions of angels?OKCBWibaza ko ntari gushobora gusaba Data ubwo nyene akandungikira ingabo zirenga legiyono cumi na zibiri z’abamarayika bo kungwanira?
54But how then would the Scriptures be fulfilled, that it must happen this way?"OKCBNone ko Ivyanditswe Vyera bivuga ko bitegerezwa kugenda gutya, vyoshitswa gute?”
55At that hour Jesus said to the crowds, "Did you come out with swords and clubs to seize me, as against a bandit? I sat teaching in the temple daily, and you didn't arrest me.OKCBHanyuma Yesu abwira ba bantu benshi baje kumufata ati: “Mbega mbaye umugumutsi, aho muza kumfata mwitwaje inkota n’amahiri? Ni kuki mutamfatiye mu rusengero kandi ari ho nama imisi yose nigisha?
56But all this happened to fulfill the prophets' Scriptures." Then all the disciples abandoned him and fled.OKCBAriko, ibi vyose bibaye kugira ngo ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana bishike.” Ubwo nyene abigishwa biwe bose baramuta barahunga.
57Then those who arrested Jesus brought him to Caiaphas the high priest, where the scribes and the elders had gathered.OKCBAbaje gufata Yesu bamujana mu rugo rw’umuherezi mukuru Kayafa, ahari hakoraniye abigisha b’ivyagezwe hamwe n’abakuru b’Abayuda.
58Peter followed at a distance, to the high priest's courtyard, went in, and sat with the guards to watch how it would end.OKCBAriko Petero we, aguma inyuma yiwe, amukurikira agendera kure, kugeza ashitse mu rugo rw’umuherezi mukuru. Ashitse yicarana n’abarinzi b’urugo, ngo arabe amaherezo.
59The chief priests and the whole Council sought false testimony against Jesus, to put him to death,OKCBAbaherezi bakurubakuru n’abagize inama nkuru y’idini ry’Abayuda bagerageza kurondera ibirego vyotuma Yesu acirwa urubanza rwo gupfa.
60but they found none, though many false witnesses came forward. At last two came forward,OKCBAriko, ntibaronka na kimwe, naho ivyabona vy’ibinyoma vyari vyaje ari vyinshi. Ubwa nyuma, haza abantu babiri
61and said, "This man said, 'I can destroy God's temple and rebuild it in three days.'"OKCBbavuga bati: “Uwu mugabo yavuze ko ashobora gusambura urusengero rw’Imana, akarwubaka mu misi itatu.”
62The high priest stood up and said to him, "Have you no answer? What are these men testifying against you?"OKCBHanyuma umuherezi mukuru aca arahaguruka, abwira Yesu ati: “None wewe nta co wireguza? Ibi birego bakwagiriza ubivugako iki?”
63But Jesus was silent. The high priest said, "I put you under oath by the living God: tell us whether you are the Christ, the Son of God."OKCBAriko Yesu aguma ahoze. Maze umuherezi mukuru aca amubwira ati: “Mw’izina ry’Imana nzima, tubwize ukuri: Uri Kristo, Umwana w’Imana?”
64Jesus told him, "You've said it. But I tell you: from now on you'll see the Son of Man seated at Power's right hand, coming on heaven's clouds."OKCBYesu aramwishura ati: “Uravyivugiye ko ndi we. Kandi kuva ubu, mugiye kuzobona Umwana w’Umuntu yicaye mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana Mushoboravyose, kandi azananye n’ibicu vyo kw’ijuru.”
65Then the high priest tore his clothes: "He has blasphemed! Why do we still need witnesses? You've now heard the blasphemy.OKCBMaze umuherezi mukuru yitaburirako impuzu, avuga ati: “Aratutse Imana! None hari ibindi vyabona dukeneye? Ubu na ho ntimwiyumviye ingene atutse Imana?
66What is your judgment?" They answered, "He deserves death."OKCBMumucira urubanza ruki?” Baramwishura bati: “Akwiye gupfa.”
67Then they spit in his face and struck him; and some slapped him,OKCBHanyuma bamucira amate mu maso, bamukubita ingumu, abandi bamukubita amakofe,
68saying, "Prophesy to us, Christ! Who hit you?"OKCBbavuga bati: “Ko uri Kristo, tubwire uwugukubise!”
69Peter sat outside in the courtyard. A servant girl approached, saying, "You too were with Jesus the Galilean."OKCBIco gihe, Petero yari yicaye hanze mu rugo. Maze umwigeme yakora ngaho, aramwegera avuga ati: “Na wewe wari kumwe na Yesu w’i Galilaya.”
70But he denied it before them all, saying, "I don't know what you're talking about."OKCBAriko Petero, arabihakana imbere yabo ati: “Sinzi n’ivyo muriko muravuga.”
71As he went out to the gate, another servant girl saw him and told those there, "This man was with Jesus of Nazareth."OKCBHanyuma aragenda ahagarara hafi y’irembo, uwundi mwigeme w’umukozi w’aho na we aramubona aca abwira abari ngaho ati: “Uwu mugabo yari kumwe na Yesu w’i Nazareti.”
72And again he denied it with an oath, "I do not know the man."OKCBArongera arabihakana, ashirako n’indahiro ati: “Sindamuzi!”
73Shortly after, the bystanders came to Peter: "Surely you're one of them too, since your accent gives you away."OKCBHaheze akanya gato, abari bahagaze ngaho begera Petero bamubwira bati: “Ni ukuri na wewe uri umwe muri bo, kuko n’imvugo yawe, irakuranga ko uri Umunyagalilaya.”
74Then he began to curse himself and swear, "I don't know the man." At once a rooster crowed.OKCBPetero aca atangura kurahira yisiba ati: “Ndabarahiye urya muntu sindamuzi!” Uwo mwanya nyene, isake ica irabika.
75Peter remembered Jesus' words: "Before the rooster crows, you will deny me three times." He went out and wept bitterly.OKCBPetero aca yibuka ivyo Yesu yari yamubwiye ati: “Isake itarabika, uja kuba umaze kunyihakana gatatu kose, uvuga ko utanzi.” Aca aja hanze araturikisha ararira cane.