Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Mark 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jesus again taught by the sea. So large a crowd gathered around him that he got into a boat on the water and sat, while the whole crowd was on land by the sea. Ikindi gihe Yesu asubira kwigishiriza ku nkengera y’ikiyaga c’i Galilaya, maze abantu isinzi bakoranira aho ari, na we aca atambukira mu bwato abwicaramwo, abantu na bo bahagarara i musozi.
2 He taught them many things in parables, and in his teaching he said to them: Nuko abigisha vyinshi mu migani, ababwira ati:
3 "Listen! A sower went out to sow. “Umviriza! Habaye umurimyi yasohoye imbuto ziwe aja kubiba.
4 And as he sowed, some seed fell along the path, and the birds came and devoured it. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, hanyuma inyoni ziraza zirazinobagura.
5 Other seed fell on rocky ground, lacking much soil, and sprang up at once since the soil had no depth. Izindi zigwa ku rutare, ahantu hatagira ivu ryinshi; zica zimera ningoga kuko ivu ryari rike.
6 When the sun rose, the plants were scorched, and since they had no root, they withered. Ariko izuba ryatse, za mbuto zica ziruma kuko imizi yazo itashika kure.
7 Other seed fell among thorns, and the thorns grew up and choked it, yielding no grain. Izindi mbuto zigwa mu mahwa; zimaze kumera, ayo mahwa arakura arazinyoha, ntizashobora kwama.
8 Other seed fell into good soil, producing grain that sprouted, grew, and yielded thirty, sixty, one hundred times what was sown." Ariko hari n’imbuto zaguye mw’ivu ryiza. Izo zarameze, zirakura kandi zirama; zimwe zama mirongo itatu, izindi mirongo itandatu, izindi ijana.”
9 And he said, "Whoever has ears to hear, let him hear." Hanyuma aca ababwira ati: “Uwufise amatwi yumva, niyumve!”
10 When he was alone, those around him, together with the Twelve, asked him about the parables. Inyuma y’aho, Yesu ari kumwe na bamwe cumi na babiri n’abandi bari bamukikije, bamubaza ivyerekeye iyo migani.
11 He said to them, "To you is given the secret of the kingdom of our Father, but to those outside, everything comes in parables, Arabishura ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi bo hanze, nkoresha imigani
12 so that 'they may look but not perceive, and hear but not understand, and not turn and be forgiven.'" kugira ngo, ‘naho boraba, ntibabone, naho bokwumviriza ntibatahure; kugira ngo ntibagaruke ku Mana na yo ngo ibababarire.’ ”
13 He said to them, "You don't understand this parable? Then how will you understand all the parables? Nuko Yesu arababaza ati: “Mbega ntimutahura uwo mugani? None iyindi mwoyitahura gute?
14 The sower sows the word. Umubivyi abiba ijambo ry’Imana.
15 These are the ones on the path where the word is sown: once they hear, Satan comes immediately and takes away the word sown in them. Abantu bamwe bafise imitima imeze nk’i ruhande y’inzira. Bagiheza kwumva iryo jambo, Satani araza agakura iryo jambo ritewe mu mitima yabo.
16 These are the ones sown on rocky ground, who hear the word and immediately receive it with joy. Abandi, imitima yabo imeze nk’urutare. Abo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakirana umunezero.
17 But they have no root in themselves, lasting only briefly; when trouble or persecution comes because of the word, they fall away at once. Ariko kubera iryo jambo ritagira imizi muri bo, bamara akanya gato bizeye. Iyo baciye mu vyago canke mu guhamwa kubw’iryo jambo ry’Imana, baca bata ukwizera.
18 And others are the ones sown among thorns. These are those who hear the word, Abandi bafise imitima imeze nk’umurima urimwo amahwa. Abo barumva ijambo ry’Imana,
19 but worries of this age, the deceit of wealth, and desires for other things enter and choke the word, and it produces no fruit. ariko imyitwarariko y’ivy’iyi si, n’uruhendo rw’ubutunzi n’ibindi vyipfuzo vy’uburyo bwinshi, biraza bikanyoha iryo jambo bigatuma ata co ryama.
20 And these are the ones sown on good soil: they hear the word, accept it, and produce fruit—thirty, sixty, one hundred times over." Abandi imitima yabo imeze nk’umurima ufise ivu ryiza. Abo na bo ni abumva ijambo ry’Imana bakaryakira maze bakama ivyamwa, bamwe mirongo itatu, abandi mirongo itandatu, abandi ijana.”
21 He told them, "Does anyone bring in a lamp to put it under a basket or bed—not on a stand? Yesu yongera kubabwira ati: “Mbega hari umuntu yodomeka itara akaryubikako igiseke canke akarishira musi y’igitanda? Mbega ntibarishira aho risanzwe riterekwa?
22 Nothing is hidden except to be revealed; nothing is secret except to surface. Nta canyegejwe kitazoshirwa ahabona, kandi nta cagizwe ibanga kitazomenyekana.
23 If anyone has ears to hear, let him hear." Uwufise amatwi yumva, niyumve!”
24 He told them, "Watch what you hear. The measure you use will be measured to you—and more added. Yongera kubabwira ati: “Mubanze mwitondere cane ivyo mwumva! Kuko uko mugerera abandi ari ko namwe muzogererwa, mbere birushirije.
25 For whoever has will be given more; whoever doesn't, even what he has will be taken from him." Uwufise azokwongererezwa, uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise.”
26 He said, "This is what the kingdom of our Father is like: a man scatters seed on the ground. Yesu yongera kubabwira ati: “Uku ni ko Ubwami bw’Imana bugereranywa: Iyo umuntu abivye imbuto mu murima wiwe,
27 Night and day, asleep or awake, the seed sprouts and grows, though he doesn't know how. haba mw’ijoro canke ku murango, asinziriye canke ari maso, izo mbuto ziramera, zigakura, ariko we ntamenya uko bigenda.
28 The soil yields grain on its own—first blade, then head, then full kernel in the head. Isi ubwayo ni yo ituma icabibwe gikura kandi kikama: ubwa mbere haza umutumba waco, hagakurikira umuyange, hanyuma intete.
29 But when the grain ripens, he immediately sends the sickle, since harvest has come." Umurima weze, wa murimyi arazana umuhoro akimbura, kuko iyimbura riba rigeze.”
30 He said, "What can we compare the kingdom of our Father to, or what parable can we use for it? Yesu yongera kuvuga ati: “Mbega Ubwami bw’Imana twobugereranya n’iki? Twokoresha uwuhe mugani mu kubusigura?
31 It's like a mustard seed, the smallest of all seeds when sown on the ground. Ubwami bw’Imana busa n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride. Ako kabuto ni gato kurusha izindi zose zo kw’isi.
32 Yet once sown, it grows up and becomes the largest of all garden plants, producing branches so big that birds of the air can nest in its shade." Ariko iyo gatewe, karakura kakaba igiti kiruta ibindi vyose. Amashami yaco arakura, akaba manini kugeza n’aho inyoni ziza zikarika mu gitutu caco.”
33 With many such parables he spoke the word to them, as they were able to hear. Yesu yigisha abantu akoresheje imigani myinshi isa n’iyo, akurikije ivyo bashobora gutahura.
34 He spoke to them only in parables, but privately explained everything to his own disciples. Nta kintu na kimwe yabigishije adakoresheje imigani. Ariko asigaranye n’abigishwa biwe bonyene, yaca abasigurira vyose.
35 That day, when evening came, he said to them, "Let us cross over to the other side." Ku mugoroba w’uwo musi nyene, Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.”
36 They left the crowd and took him along, just as he was, in the boat, other boats accompanying him. Nuko basiga aho rya sinzi ry’abantu, baja mu bwato Yesu yari yicayemwo, bajana na we. Kandi hari n’ubundi bwato bwajanye n’ubwabo.
37 A fierce windstorm came up. Waves broke over the boat, so that it was already being swamped. Maze haza umuyaga w’igihuhusi ukomeye bituma imipfunda y’amazi yisuka mu bwato, ku buryo bwari bugiye kwuzura amazi.
38 But Jesus was asleep in the stern on the cushion. They woke him and said, "Teacher, don't you care that we're dying?" Yesu we yari aryamye inyuma mu bwato, yiseguye yisinziririye. Abigishwa baramukangura, bamubwira bati: “Mwigisha, nta co bikubwiye ko tugira twicwe n’amazi?”
39 He got up, rebuked the wind, and told the sea, "Peace! Be still!" The wind stopped, and it grew totally calm. Nuko Yesu aravyuka, akankamira uwo muyaga, abwira ikiyaga ati: “Hora, tekereza!” Wa muyaga uca urahagarara, haba agahwekere.
40 He said to them, "Why are you so afraid? Do you still have no faith?" Aca abwira abigishwa biwe ati: “Ni kuki mufise ubwoba? Mbega n’ubu nta kwizera mugira?”
41 They were terrified and asked one another, "Who then is this, that even the wind and the sea obey him?" Ba bigishwa baratinya cane, barabazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki, ko umuyaga n’imipfunda na vyo bimwumvira?”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]